Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amakenga ni menshi kw’ipfungwa rya Furera Joachin Nintunze ari mw’ibohero rya (...)
Amakenga ni menshi kw’ipfungwa rya Furera Joachin Nintunze ari mw’ibohero rya MPIMBA
lundi 11 Myandagaro 2014
Furera Joachin NINTUNZE, umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryo mu Rusengo mu ntara ya Ruyigi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva ku muhingamo wo ku munsi wa kane w’indwi twaraye turangije. Mu gihe yagirizwa ko yafatanywe inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, abamwegereye bavuga ko yoba yatawe mu mutego.
Amakuru dukura ku begereye Furera Joachin NINTUNZE, umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rusengo, amenyesha ko uwo muyobozi yamanutse i Bujumbura kuri uwu wa gatatu. Abajejwe umutekano bamusanze mu kibanza yari yashikiyemwo, basaba abahaba ko bokwugurura isaho yiwe (valise), baca basangamwo inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, Furera Joachin NINTUNZE aca arahagarikwa ajanwa kwumvirizwa mu biro bikuru vy’igendereza kuri uwo munsi nyene kuwa gatanu. Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba atumenyesha ko inyuma yo kwumvirizwa yaciye yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yahashitse ku muhingamo wo kuwa kane, nk’igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo ine n’itanu.
- Furera Joachin NINTUNZE yashikanwe mu Mpimba ku munsi wa kane
Abegereye Furera Joachin NINTUNZE, umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryo mu Rusengo bavuga ko yoba yatawe mu mutego n’abo bari kumwe mu muryango w’aba Furera, ivyo bakabivuga bisunze ko hari himirije amatora y’abaserukira uwo muryango ku rwego rw’igihugu. Kubw’abo bafise ayo makenga, ntivyumvikana ingene abo bajejwe umutekano baje kumusaka nawe nyene atavyo yari azi ko mu saho yiwe " Valise" harimwo ikirwanisho gicira umuriro. Amakenga akaba afatiye ku kwiyumvira ko hoba hari uwundi muntu yamushiriye iyo nkoho mu saho agaca abimenyesha abajejwe umutekano.
Furera Joachin NINTUNZE, umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryo mu Rusengo akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru dufise avuga ko ari ahitwa Quartier infirmerie.
Egide Nduwimana
Messages
11 Myandagaro 2014, 14:54, par BURUNDI BUHIRE
imana imuturabire tumushize mu minwe yayo
11 Myandagaro 2014, 23:40, par gahutu
IMANA izogucira inzir
a abansi bamaramare
12 Myandagaro 2014, 12:55, par truth
yaaaaa!!!! ariko ivyubu abantu barahevye ivy’Imana babishiremwo ububeshi no kurementaniriza abantu yemwe ivyo birumvikana ko apfunzwe azira ubusa. uri uwundi ati UHEZA KUGOKA.......BIKERA yemwe abitwa ko ari abantu b’Imana nibareke kuza barabesha bibagira ko imbere y’Imana ivyaha vyose bingana. aka kantu mukabwirane: UN POUVOIR ACHETE N’A JAMAIS SERVI LE PEUPLE!!!!!!
17 Kigarama 2014, 12:58, par yammuremye
None FURERA ko atamenye ko mw’i valise yiwe harimwo ikirwanisho,abo ba polisi bobo babibwiwe nande? ahubwo bofata uwabaterefonye kuko nawe abifisemwo uruhara.