IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Amasezerano yo gukomeza intwaro ibereye mu Burundi yateweko (...)

Amasezerano yo gukomeza intwaro ibereye mu Burundi yateweko umukono

mercredi 20 Munyonyo 2013

Umushikiranganji w’intwaro ibereye n’ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta, Issa NGENDAKUMANA, ari kumwe n’uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Gerrit Van ROSSUM barateye umukono ku munsi w’ejo kuwa kabiri ku masezerano y’imfashanyo y’amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu y’amanyaburaya (umuriyaridi urenga w’amafaranga y’amarundi). Ayo mafaranga azotangwa mu kiringo c’imyaka itatu akazofasha mu migambi yo gukomeza intwaro ibereye mu Burundi.

Ayo masezerano yateweko umukono yatanguriye ishirwa mu ngiro ry’umugambi wa Reta y’Uburundi yiyemeje wo gukomeza intwaro ibereye, hamwe n’ukurwanya igiturire. Uwo mugambi uzokwisunga ibisata bitandukanye nk’ugutsimbataza umubano mwiza muvya poritike biciye mu kwongerereza ubushobozi n’ubumenyi abategetsi batandukanye, gukomeza ikiyago hagati ya Reta y’Uburundi, ibimenyeshamakuru hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Biciye ku masezerano yo gushigikira intwaro ibereye mu Burundi yateweko umukono muri Ntwarante umwaka w’2013 mu gisagara ca Paris, igihugu c’Ubufaransa ciyemeje gufasha gukingira agateka ka zina muntu mu Burundi.

Iyo mfashanyo yemejwe ku munsi w’ejo itanzwe n’ikigega FED (Fonds Européen de Développement), ikaba yisunze kandi masezerano ari hagati y’ico kigega FED n’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme).


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.