IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amashirahamwe ane yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

Amashirahamwe ane yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

lundi 15 Nyakanga 2014

Amashirahamwe ane adaharanira ivyicaro vya poritike yagiye hamwe, asohora urwandiko rusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH. Ayo mashirahamwe avuga ko yasohoye urwo rwandiko yisunze amagara y’uwo mutama w’imyaka 65 atifashe neza aho arwariye mu bitaro BUMEREC.

JPEG - 63.2 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, mu bitaro BUMEREC

Amashirahamwe ane ariyo PISC Burundi, Ligue des Droits de la personne Humaine "Izere Ntiwihebure", Action Burundaise pour la Reconstruction de l’Afrique hamwe na Fraternité Burundaise des Prisons, yasavye ubutungane bw’Uburundi ko bwoha umwidegemvyo w’agateganyo Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe akitswe n’amagara mu bitaro BUMEREC. Ku bijanye n’ivyo yagirizwa ko yahungabanije umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu, ayo mashirahamwe amenyesha ko azobandanya yitaba ubutungane yidegemvya.

Mu gihe ivyo basaba vyokwumvirwa, Petero Karaveri Mbonimpa agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, ayo mashirahamwe amusaba ko yokwubahiriza ingingo ubutungane buzoba bwafashe, ku bijanye n’uwo mwidegemvyo w’agateganyo.

Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.