Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amashirahamwe ane yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa
Amashirahamwe ane yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa
lundi 15 Nyakanga 2014
Amashirahamwe ane adaharanira ivyicaro vya poritike yagiye hamwe, asohora urwandiko rusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH. Ayo mashirahamwe avuga ko yasohoye urwo rwandiko yisunze amagara y’uwo mutama w’imyaka 65 atifashe neza aho arwariye mu bitaro BUMEREC.
- Petero Karaveri Mbonimpa, mu bitaro BUMEREC
Amashirahamwe ane ariyo PISC Burundi, Ligue des Droits de la personne Humaine "Izere Ntiwihebure", Action Burundaise pour la Reconstruction de l’Afrique hamwe na Fraternité Burundaise des Prisons, yasavye ubutungane bw’Uburundi ko bwoha umwidegemvyo w’agateganyo Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe akitswe n’amagara mu bitaro BUMEREC. Ku bijanye n’ivyo yagirizwa ko yahungabanije umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu, ayo mashirahamwe amenyesha ko azobandanya yitaba ubutungane yidegemvya.
Mu gihe ivyo basaba vyokwumvirwa, Petero Karaveri Mbonimpa agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, ayo mashirahamwe amusaba ko yokwubahiriza ingingo ubutungane buzoba bwafashe, ku bijanye n’uwo mwidegemvyo w’agateganyo.
Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.
Egide Nduwimana
Messages
15 Nyakanga 2014, 10:18, par SIHONDI Levis
HAHAHAHAHAAAA INGARUKA YO GUSARA USHAJE, NASABE IKIGONGWE IGIHUGU NABANYAGIHUGU AHEZE ATEZURIRWE!!!!!!!!!!!
15 Nyakanga 2014, 10:18, par SIHONDI Levis
HAHAHAHAHAAAA INGARUKA YO GUSARA USHAJE, NASABE IKIGONGWE IGIHUGU NABANYAGIHUGU AHEZE ATEZURIRWE!!!!!!!!!!!
15 Nyakanga 2014, 10:18, par SIHONDI Levis
HAHAHAHAHAAAA INGARUKA YO GUSARA USHAJE, NASABE IKIGONGWE IGIHUGU NABANYAGIHUGU AHEZE ATEZURIRWE!!!!!!!!!!!
15 Nyakanga 2014, 11:54, par Ap
KUBERA LETA ARI UMUVYEYI IBISHATSE IRARABA ICO YOKORA IMUTEZURIRE...EREGA UMWANA ABISHA MUNGOVYI BWACA BAKAYIMUHEKAMWO...ARIKO YARAHEMUKIYE IGIHUGU CAMWIBARUTSE...
15 Nyakanga 2014, 13:58, par Mama
Erega abasirikare bigihugucawe ukunda kikaguhimbara Mbonimpa ivyoyabagirije vyarerekanyenezako arimuribabenegihugu usanga adaharanira inyugu zicoyita igihuguciwe ahubwo agaharanira kunezereza abohanze yigihuguciwe. Amerika koyarungitse abasirikare Somalia muri 2007 harumweyabivuze Leta siyoyabitanga mwuyumwaka wa 2014?
16 Nyakanga 2014, 19:54, par masabo
Aho hoho nibace bapfungura abantu bose ni bamupfungura nzoca niyahura pe!!!
25 Nyakanga 2014, 11:13, par masabo marcel
ABASENGA BOSE NI BASENGE KUKO UBURUNDI BUGEZE MURI NDABIGIRANTE KO BWIHANZE IBIHUGU VYA RUTURA ........ ;KADAFI ARIHE! !!!!!!!