IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amategeko yararenzwe mu rubanza rw’abafatiwe mu Ngagara

Amategeko yararenzwe mu rubanza rw’abafatiwe mu Ngagara

vendredi 31 Rusama 2013

Ababuranira abafatiwe mu ntureka zabereye ku rugo rwa Justin Nyakabeto muri Karatiye ya Ngagara bamenyesha ko amategeko yarenzwe bimwe bikabije muri urwo rubanza, igihe rwasasa ku munsi w’ejo igenekerezo rya 30 Rusama 2013.

Nk’uko twabishikirijwe n’umwe mu baburanira abafashwe, avuga ko ingingo ya 73, hamwe ni ya 209 zo mu gitabo kivuga uko imanza zicibwa, yarenzwe kuko abafashwe basambishijwe batarikumwe n’abababuranira, ndetse bakaba batari gutwarwa mu mpimba kuko bari guhabwa ukwidegemvya na cane cane ko ikosa ritarabagira gushika n’ubu.

Muri abo bafashwe rero hakaba harimwo umwe afise akagorane mu mutwe, uwo nawe, abashingwamanza babo bariko barakora uko bashoboye kugira asubire kwidegemvya agasubira mu ryango wiwe kuko, bafise impapuro zo kwa muganga zerekana uko amagara yiwe yifashe.

Ndetse kandi abo bashingwamanza bakaba bavuga ko abo baburanira bakubitiwe mu gipolisi, kuko bacumbagira bivanye n’inkoni. Abo baburanira rero abafatiwe mu Ngagara mu ntureka zariko zibera ku rugo rwa Nyakabeto, bavuga ko bizeyeko ubutungane bugiye gukosora amakosa yose yibonekeje muri urwo ribanza mu maguru masha kuko biteye isoni, bisunze uko amategeko yarenzwe atacamira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.