IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amatohoza yatanguye kuwaboshe umunyagihugu yanse gutanga intererano ya CNDD (...)

Amatohoza yatanguye kuwaboshe umunyagihugu yanse gutanga intererano ya CNDD FDD

jeudi 14 Myandagaro 2014

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bamaze kwugurura dosiye y’umudereva wa musitanteri wa komine Kamenge yaraje umunyagihugu ku pingu (menotte) kubera yanse gutanga intererano y’amafaranga amajana atanu ariko atozwa mu gihugu cose, bikavugwa ko ari mu ntumbero yo "gushigikira intsinzi yo mu mwaka w’2015 y’umugambwe CNDD FDD"

Mu gihugu cose, haratangujwe isekeza ryo gutoza amafaranga amajana atanu y’amarundi ku banyagihugu, bikavugwa ko ari mu ntumbero yo "gushigikira intsinzi yo mu mwaka w’2015 y’umugambwe CNDD FDD" Mu runani ADC Ikibiri bariyamirije ico gikorwa, kuko bavuga ko ayo mafaranga atangishwa n’abatari mu mugambwe CNDD FDD. Mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Kamenge, hari umunyagihugu azwi kw’izina rya KAYOBOTSE BARTHELEMY batazira MAPENGU yaraye aboshwe ipingu (menotte), ahorwa ko yanse gutanga ayo mafaranga amajana atanu y’intererano ya CNDD FDD.

Uwo munyagihugu avuga ko yaboshwe na Eric NAHIMANA, umudereva yunguruza musitanteri wa komine Kamenge. Uwo munyagihugu avuga ko yaboshwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu (20h30), inyuma yaho yankiye gutanga amafaranga amajana atanu yo guterera umugambwe CNDD FDD. Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, KAYOBOTSE BARTHELEMY batazira MAPENGU yari akiboshwe aho twahashika, agasaba gusubizwa mu gateka kiwe mu guhabwa indishi y’akababaro. Uwo munyagihugu asaba kandi abajejwe intwaro, n’abajejwe umutekano ko bokwubahiriza umunyagihugu uwariwe wese.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bamaze kwugurura dosiye y’uwo mudereva wa musitanteri wa komine Kamenge yagirizwa kuraza umunyagihugu ku pingu (menotte), ariko bagasaba n’uwo munyagihugu ko yokwitura ubutungane. Helmenegilde Harimenshi, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyeshe ko batarashobora kumenya aho uwo munyagihugu yari yakuye izo pingu, bakaba barindiriye ibizova mu matohoza. Ku kibazo c’ukumenya namba ayo matohoza azokorwa uwo yagirizwa ico caha apfunzwe canke yidegemvya, Helmenegilde Harimenshi yishura ko bizomenya imyamiramabi ziriko zikora iyo dosiye.

JPEG - 58.2 ko
Helmenegilde HARIMENSHI, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mwomenya ko n’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Onesime Nduwimana, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yavuze ko abasanga abanyagihugu mu mihana kubasaba intererano bataba babitumye n’umugambwe CNDD FDD. Onesime Nduwimana amenyesha ko abasabwe guterera umugambwe CNDD FDD ari "Abagumyabanga" gusa, nabo bakaba barabwiwe ibibanza batangiramwo ayo mafaranga, arivyo ingoro z’uwo mugambwe, n’ahandi hose hazwi haba hatunganirijwe amahuriro y’uwo mugambwe.

JPEG - 36.6 ko
Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Egide Nduwimana

Messages

  • Iyo azakuba uwo muwundi mugambwe,ubu aba ariko araronderwa n’igiporisi canke akaba yamaze gushikanwa mu Mpimba :hariho umwibutsa mugiswahili :mukuki kwanguruwe kwa binadamu mchungu bisigura ngo:)icumu rirabereye uritera ingurube yamara kumuntu rikababaza. Aba CNDD-FDD nibo ari abantu abasigaye ni nk’ingurube

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.