IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Antoine KABURAHE yumvirijwe aca arataha

Antoine KABURAHE yumvirijwe aca arataha

lundi 16 Munyonyo 2015, par egide

Umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU Antoine KABURAHE yarengutse mu butungane kuri uwu wa mbere. Yitavye ku mutahe yarungikiwe ku munsi wa gatanu. Inyuma y’amasaha abiri n’iminota mirongo itatu yamaze ariko arumvirizwa, Antoine KABURAHE yaciye ataha.

Nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’agatondo niho Antoine KABURAHE umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU yashika muri parake, aherekejwe n’abashingwamanza biwe babiri (Umushingwamanza Lambert NSABIMANA, hamwe n’umushingwamanza Fabiyano SEGATWA).

JPEG - 108.1 ko
Photo : IWACU

Abaserukira ubumwe bwa buraya mu burundi, abaserukira ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi hamwe n’abaserukira ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika bakaba bari bashitse gushigikira Antoine KABURAHE, akaba ariko yumvirizwa na Barbatus NTAKARUSHO.

Umutahe w’ukwitaba ubutungane washikiriye Antoine KABURAHE umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU kuri uwu wa gatanu, akaba yabwiwe ko ari mu ntumbero ya dosiye RMPG nomero 697/MA, ijanye amatohoza y’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Antoine KABURAHE amasaha agera kuri abiri n’iminota mirongo itatu, inyuma y’aho akaba yaciye ataha. Umushingwamanza Lambert NSABIMANA, umwe mu baburanira Antoine KABURAHE amenyesha ko uwo baburanira yabajijwe kuvyerekeye ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, bamubaza ko ata ruhara yabigizemwo. Umushingwamanza NSABIMANA amenyesha ko ibibazo vose vyabajijwe Antoine KABURAHE yavyishuye, kandi avyishura neza.


IGIHE

Messages

  • bagasanga bimwagira bamuhane bisunze amategeko guhirika ubutegetsi ningendo ya kera twasezereye

  • Ivyomuburundi Nagahomeramunwa Iyontungane Nayo Yagarizwa Iki?Gantuzewe Ivyo Muburundi Vyabuze Imana Nigarukire Uburundi Kweri

  • Ivyomuburundi Nagahomeramunwa Iyontungane Nayo Yagarizwa Iki?Gantuzewe Ivyo Muburundi Vyabuze Imana Nigarukire Uburundi Kweri

  • Wewenufungewice Ntuzotumara Wamugeserawenkurumbi Uvyukoranimundumane Ubikorubizi Wambwawe Kaburahe Wihangane Namanderayararekuwe Kandipore

  • Abahanwa bose muri iki gihugu hama hariho ibibagira??? Yitavye Kubera afise icubahiro, nayo abacamanza bobo turazi ko ibirarane vy’inzigo bibagejeje kure...

  • Namba Babuze Uko Bifata Imbere Y ’ibibi Bakoze.None Mumuhamagaza Ngo Mumumuzibishe Ibibi Mwama Mukorera Abenegihugu?Harageze Ko Muza Muratumako Umwumwe Ariko Imana Izomufashe Yishure Ico Azi Kandi Ataterabwoba Rimugizweko

  • Mwaba DD muragowe mama yangu amaraso yabarya babikira hamwe na yabana babarundi binzirakarengane atazoba humira.Ngoja imana ntiheranwa iteba gusa kwishura

  • mbega mwebwe mubonye niyo foto ewe gihugu cu burundi kigeze aho umwansi ashaka umwe atuka abandi ngo nimisega igihugu cacu gitwagwa nimisega kweri aho ata muntu numwe acizigiye intwaro yi burundi, jewe kuva mbaho sinari bwabone abaserukira ibihugu vyabo baza gukwirikira imanza ziba muburundi, nuko babona ko muburundi atakikigenda nakimwe.

  • .ntaco turengany ntajoro ridaca’mbega iryotembagazwa ryubutegetsi hari ryabay??!!kotuzi neza koyarinkinamico’nkurunziza petero nakarwi kiwe baribariteguye kugira bahony abo batavugarumwe.reka kwitoza utunyoni.

  • Mbega umuntu wese adashigikiye manda yanyu nuwo gupha?

  • Ivyo ni ivyitwazo kugira barondere abo bafata kandi babice, ni inkina mico ya CDD-FDD, babanza kugira imikino bihamagaza abantu mu Butungane, hama bakabona gufata no kwica munyuma. Muzoba mubona.
    Turasavye amakungu ahagurukire U bUrundi, abantu bagiye guhona. Aya masaha ndabandikira abajejwe gukingira umukuru w’igihugu bariko bakora amarorerwa muri Quartier 6 Ngagara. None amakungu azoza gukiza nde???

  • Kaburahe rema ariko ugabe kuko ubutungane burahengamye.Jewe mpora nibaza ariko narabuze inyishu,uwoba ashoboye kunyishura ambwire: None ubutungane bw,Uburundi bukora kugira hame hafatwa abatavuga rumwe n,ubutegetsi?Nama numva imitahe yasohowe na BAGORIKUNDA kuki ntarumva yasohoye iyo kurengutsa abari muri reta bagirizwa ubwicanyi?ubusuma?ugutoteza iteka rya murundi?Abakubaguye umumenyesha makuru yubahwa NDIKUMANA Esdras Wa Rfi na Afp ko batarafatwa?munyishure.Kubwanje ubutungane buhiga bamwe bukareka abandi jewe ntabwo nemera.Murakoze.

  • Kaburahe rema ariko ugabe kuko ubutungane burahengamye.Jewe mpora nibaza ariko narabuze inyishu,uwoba ashoboye kunyishura ambwire: None ubutungane bw,Uburundi bukora kugira hame hafatwa abatavuga rumwe n,ubutegetsi?Nama numva imitahe yasohowe na BAGORIKUNDA kuki ntarumva yasohoye iyo kurengutsa abari muri reta bagirizwa ubwicanyi?ubusuma?ugutoteza iteka rya murundi?Abakubaguye umumenyesha makuru yubahwa NDIKUMANA Esdras Wa Rfi na Afp ko batarafatwa?munyishure.Kubwanje ubutungane buhiga bamwe bukareka abandi jewe ntabwo nemera.Murakoze.

  • Yooooooh,bashaka amafaranga nkamwe baka Bobo mwebwe ntimubazi!Babuze ayo bahemba babaja n,abacangero babo!

  • Ahubwo Baburiwe Ni Baronderere Ahandi

  • Intwaro z’Uburundi ni akamaramaza kweri! None nk’uwo Kaburahe bamuremeka inkono ishushe kugira bashike kuki vyukuri? Nugutumako rassemblement pacifique yokumushigikira harya nyene kuri Iwacu, tugende twese twambaye ivyera.

  • None kwataco yigariza kuberiki yaherekejwe nabo ba Ambassadeurs?

  • bategerezwakumubaza kuko ibimenyeshamakuru bimwebimwe biragoye

  • bategerezwakumubaza kuko ibimenyeshamakuru bimwebimwe biragoye

  • Vraiment Ntihagire Abatwarira Hejuru Ubutungane Buz Ico Bwamutumiyeko Akwiy Kugenda Yer Yer Ahanwa Ahanw Kuk Ntamuntu Ari Hejuru Yamategeko

  • nonese ko yari yishikanye imbere yabamushaka hama ntibamufate ubu akaba yabacitse umubi ni Antoine Kaburahe, ni uBubirigi canke ni reta yuburundi nibaze bakora ibintu biyumviriye ahubwo reta yakemura ikibazo cuyo yamwumvirije asa nuko ariwe yatumye atoroka aho guta umwikomo ahandi ubwobucamanza bwamumvije ni ukuraba neza..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.