IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abafatiwe mu myiyerekano bajana gupfungirwa mw’ibohero rya Muramvya

Abafatiwe mu myiyerekano bajana gupfungirwa mw’ibohero rya Muramvya

dimanche 19 Ndamukiza 2015

Abafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu bagera kuri 65 nibo bashikanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, nayo abagera kuri 41 bararekurwa.

Aho bashikanwa kuri parake nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura, abo bari bafashwe mu myiyerekano yo kuri uyu wa 17 Ndamukiza, bakaba bumvirijwe umuhingamo wose, baraheza bamwe muri bo, bajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Muri abo bafashwe, hakaba harimwo bamwe mu bakunda guhamagara mu kiganiro Kabizi gica kuri RPA nk’uwitwa Ferdinnand na Democrate, bamaze mbere akanya bariko barumvirizwa bonyene, aho bivugwa ko bariko babazwa ku bijanye n’ivyo bahora bavuga mu kiganiro Kabizi. Abari baje kubashigikira, bakaba bemeza ko batagiye gucibwa inkokora n’uko kubapfunga, kuko bagize imyiyerekano, kandi abo mu mugambnwe CNDD FDD bama bagira imyiyerekano, ariko ntibakomwakomwe, ahubwo bagacungererwa umutekano.

Mw’ishirahamwe APRODH bakavuga ko bitanganje aho hafatwa abanyagihugu batobato, kandi abatumyeko imyerekano, bari aho, bazwi, ntibakomwakomwe. Petero Karaveri Mbonimpa, akaba yavuze ko abatumyeko imyiyerekano bafashwe, hanyuma bararekurwa, aho yavuze ko hafatwa udufi dutoduto, binini ntibifatwe. Eka no mubari batumyeko iyo myiyerekano, bavuga ko batazoreka kubandanya biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Chauvineau Mugwengezo, asaba nyabuna abitabiriye iyo myiyerekano ariko batatawe muri yompi, ko batokwibagira benewabo mu gisabisho co kuri uyu w’Imana, mbere akaba yabasavye ko inyuma y’imisa, boja kugarukira kuri benewabo, baraye bashikanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Tukabamenyesha ko abo bose 65, harimwo umwigeme umwe avuka muri komine ya Musaga, bazoca baduganwa mw’ibohero rikuru rya Muramvya, nk’uko vyashikirijwe na Archade Nimubona umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.

Messages

  • yoo!! ubu ntimubona ko banya politic bakurubakuru baduhenda, noneko banyarucari? bobo n’abana babo bakaba bibereye mumunezero ntangere!! ubwo imiryango yabo bafunzwe niyo igiye guhangayika.

  • Hazogeraho Ukur Kuja Habona.Siko Bizohora

  • Ferdinand et democrate sont sont des ennemis jures du cndd-fdd. C est une occassion en or pour les dd de se venger kuko bose ntawatinya kuvuga ikiri kumutima. Turasavye ntibazobajane ijoro kugira babakorere ivyo bagira bakorere Rugurika mu kumutahana mwijoro. Mwa ba dd.mwe.mugakuramwo numwe gusa harico.muzobona. Ubwo mutungane bukora kuri bamwe tugiye kubudahwa kdi ntawuzokwemera kuba umuja wa.Nkurunziza kdi gusubira kwitoza kwiwe abihanagure mu mutwe kuko urugamba rwaratanguye ntirugisubira inyuma nimwashaka muzotumare twese mwankandagirabitabo mwe

  • murabahenda naho mwabagarukirako ntimubakuyeyo kimwegusa abanyagihugu ntibaze barahendwa nibareke jubakurikira mwijane mwenyene

  • eka urikirungurira wobimenya usize intano canke ukabikimuga uwagutumye arishayose wibazanahomwohura koyokwibuka itibde nayogutukana ntacobikumarira nahiburakeye urarihemwo bazokwereka mwitwaza lahe muzotangara kinwegusa numunyamabangamukuruwa onu aramazejunenyako ikiringo cankurunziza gikurikeje amategeko njujiyabivuze nunenyenezako hazokora ubutungane kubijanye nibwirizwa shingiro nahuvugako ainkandagira bitabo urabeneza wewe nabomurikumwe muzotangara abamushigikiyevturibeshi kandi nurabizi

  • MWARAHEZWE URUMVA IYOMVUGO YA MBONIMPA NONE KWATIGEZE ABONEKA WUMVA BARI KUMUFATA GUTE ATAHABONETSE KOBASUTSE ABO BATOBATO KUBERIKI MUTOJIMBERE NAB BAGAKWIRIKIRA EMWE BARUNDI MURAKANURA ARIKO NTIMUBONA NEJO NIMWASUBIRAYO BIZOGENDA UKO KANDI BOBO MUMENYE K BARIKO BARANDIKISHA.

  • NIMUREKE GUT’UMWANYA NAMWEBWE NTIMWIYEMERA TANGA ABAKANDIDA BANYU MUZEHE MUMUREKE KUKO VYOSE TUZOBIRABIRA MUKAZU K’AMATORA

  • Ivyo nivyiza kuko bituma abanyagihugu batobato bacubwenge! Wihereje abarabara umwana wewe yibera iburayi nabavukanyi biwe bose.Reka turebeko uwo Minani ko hari irya azobagemurira atarukwirigwa muhangayikisha imiryango gusa(itabi)

  • Police n’ubutungane nibikorane bikure akajagari mugihugu, ibyo bisambo bishaka kwikika muby’ikiringo cya 3 bigasahura amangasine yabantu,bigasubiza ubutunzi bwigihugu inyama mubituze kabisa, courage mukomerezaho, kuko haribenshi bariko barapanga uburyo bazapiya amastock bikitse mukajagari, nigisirikare kimere magabo kuko muahobora kugikenera ibyobisuma nibibarengera.

  • mbega aho muta ubwenge nimurindi mwumve ko avuga ko azitoza.hama ingingo ifatwe

  • abagabo bararya imbwa zikishura!kuki hatafashwe ba kizigenza?

  • Mwe Mw’abarundi Reka Kuba Ivyambo,mugabo Ngira Mukomoka Mu Miryango Yagwiriye.Harya,Ababipfa N’ababisangiye.

  • mbega yemwe izonzirakarengane babahor iki kombona abo ba dd atamusi wijana batagize imyiyerekano ahubwo irahe nibabe biteguriy gucira urubanza aba dd

  • Nibabahashe izomburakimazi ,intambirakiza abanywarumogi bashuhurwa nk’intozo babura kubaza twebwe,abakurambere tuzi kahise k’uburundi ,ntakundi nibihangane

  • Ariko abarundi batobato muremeye abobanye politike bakomeze kubagita ibiti vyogukorerako pibilisiti? Raba harihaho uwtwa Mungwengezo yavuzengo’ kuberara aba polisi bayoroye abanyagihugu ngobaratsinze rwicobashaka barakirose! Bisiguriki? Bisigurako mwebwe banyagihugu batobato iyobabasunikiye mumabarabara bakabayorora pibilisiti yabo niho ibayarenganye neza.

  • Harintore nyinshi mugihugu, ni benshi barinda ariko sinizera cane ko bakora batahura ivyo nanj nkumw mubarundi bakunda uburundi nzokwama ntera integ uwo wese azi knd atahura agateka kiw agakora buri kimw cos co gishoboka kugira yih iteka nijambo abihe knd nigihugu

  • Barundi,banyagihugu Ntimubona Kwabo,baduhamagarira Kuja,mumyiyerekano Kobariko.Baratudandaza,nimukanure Tureke. Guhendwa,nabobanyeporitike,ubuntimugiye,kugorerwa,mwibohero Nabo.Bidegenyva,bazibuka,nokubakubitirako Se? Abanyeporitike,nibasesa Nkuyoze,nimubahebeee

  • Ako nagatotezo vraiment,kuki cndd fdd yo yama iriko iriyamamaza burimusi ntihagire uwucira hasi avuge narimwe,ahubwo twese turakwiye kuva hasi tukiyamiriza ako kabi,uyumusi nivyo ejo nibindi,murakoze.

  • Ako nagatotezo vraiment,kuki cndd fdd yo yama iriko iriyamamaza burimusi ntihagire uwucira hasi avuge narimwe,ahubwo twese turakwiye kuva hasi tukiyamiriza ako kabi,uyumusi nivyo ejo nibindi,murakoze.

  • MENYA NEZA CND FDD NIYAMPFIZI YIGANJE YIM’IZINDI ZIBONA. NIMWIHANGANE NTAKUNDI MUZOSHIKIGWA NYOMBA MUFIS’IMIGAMBI ITOMOYE ATAR’AKARIMI.

  • Kubita abo bashenzi bashaka gukwegera abarundi batekanya.reka dutwenge,ngo abahungira murwanda ngo nuko bubahiriza agateka ka zina munti gusumvya muBurundi hahhahahahha ubwo muzi ivya bita agateka ka zina muntu?urabaze abanyarwanda ko hari numwe yokwigaragamvya agasubira muhira akarara naka2 ntibasage umukondo wiwe urabahejuru mukiyaga Rweru.reka basha reka ja mutandukanya urwats n’ururo

  • BIRATANGAJE KUBA HOFATWA ABO! ABABATUMYE BABABONA!

  • yemwe barundi bavandimwe,musigeho kwisenyera!mwizera ko uko byagenze mu barabu ngo ariko namwe byagenda?mwibyizera 100% kuko jye ndabona nkurikije amafoto na videwo(amasanamu)y’iyo geragere ntacyo bizatwara CNDD FDD .Uti kuki? 1)ubuke bwabitabiriye manifestation ndetse nuko ubona ari ba nyarucari gusa. namwe mugereranye iya cndd n’iriya.2)uburyo polisi yitwaye bihabanye nibyo mu barabu:nta muntu palice yishe cg ngo imuvushe amaraso nkuko biboneka mu masanamu(keretse niba atari byo)ndetse nabo yafashe ntiyabafunze bose!Mugabo yo ngo hari 2 bakomeretse bisigura ko abagiye mu munyororo bazagirizwa kurwanya police!?Kuri jye ndetse n’amahanga ni igitsindo kuko mwumvise ko Ban Kimoon(ONU)yavuze ko ikibanze ari kutamena amaraso!MWITONDE RERO MUSABE ABABASHORA BAJYE MU BIGANIRO NA PETER KURI IYO MANDAT YA 3! mukomeje kuriya azajya akomeza afunga bake bake. !NJYE MUNYARWANDA NIKO MBIBONA.REKA MBASENGERE !

  • sha birababaje ivyabe samedi ntitwe n’uwariwe akara! bamenye turi muri démocratie. kandi ntagupfa na nyagukira igihugu nicatwese

  • Abo bantu bigaragambya ni imburamukoro!! Ababashuka ntacyo bazageraho kuko Peter arakomeye. Mugabo mwabonye n’abagerageje n’inkphp ko bakubiswee muminsi miki bose utarapfuye agafatwa mpiri

  • izomburakimazi fung ivyovyana bitabonyekahise kuButundi hongora injavyi

  • Wewe wiyita jewe aho ndabonako atakmaro nakamwe umaze uruwinda gusa kuko ntana idée nantoya ufise.

  • baba sans echec banigura abantu babahutu muntyakabiga no mu bwiza ubu bgeze he? har ubwaboreye mu mpimpa ubundi burahunga, abafise ababo babanyegeje mugi FAB ubu naba CAPT .Abo bana baja mumabarara,bararaba ko abanyepolitike barariko babahenda ,bamwe babahenda ngo bazoja imbere ntibaze,rwashuha baba nyepolitike bakurira indege

  • amarirayurukwavu nabuza ishamba gusha

  • MBONIMPA ARASHINGA UMUGAMBWE AREKEVKUZA ARABESHA NGO NTAHO YEGAMIYE.AYO MAHERA IYO AYABAHA ATABANJE KUNASHUHURIRA MWIBARABARA NIHO YOBAGIRIYE AKAMARO

  • Emw nivyab bimez guty barahor barwij ubush bazoduherezamw arik twizer ko bitazokworoh .Imana isumb ingab nab ben wac bazorekurw mber vub bwango.

  • Ukubaho kumuswi sikubwimpuhwe zagaca,kand’urimi rurakurira mumenyo

  • @manirambona
    nta busho bazogwiza,soit baheba kwisaza mu mabarabara,ou bien bazobarundayo ça sera àeux de se debrouiller muri places bazoronka,ntibakwiye ibibanza binini kubera ni abagumutsi basotora abapolisi,bakonona amabarabara bashaka kudusamburira agahugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.