Accueil > Amakuru > Ubutungane > APRODH irashima ko bamwe mu bafatiwe mu myiyerekano batanguye (...)
APRODH irashima ko bamwe mu bafatiwe mu myiyerekano batanguye kurenguka
jeudi 18 Ruheshi 2015
Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu nako abapfunzwe mu burundi APRODH, rimenyesha ko rishimishwa nuko abapfunzwe bafatiwe mu myiyerekano batanguye kwumvirizwa n’ubutungane.
Umukuru w’ishirahamwe APRODH Pierre Claver Mbonimpa,avuga ko ari ntambwe nziza kubona hari abatanguye kwumvirizwa,ariko agasaba ko vyobandanya kuri bose bakumvirizwa.

Mu gihe harengutse abarenga gato 40 gusa,Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko,hakiri igitigiri kinini c’abatarumvirizwa,abo nabo bari mu mabohero atandukanye yo mu gihugu,kandi bafashwe nabi.
Kubwa Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH,abashika 500 bari mw’ibohero rikuru rya Mpimba,100 bari mw’ibohero ry’i Muramvya,21 nabo bari mw’ibohero ry’i Ngozi.
Umukuru wa APRODH avuga ko abumvirijwe bose bagirizwa icaha co kuja mu mirwi y’abagumutsi kuko bafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Mw’ishirahamwe APRODH bamenyesha ko,abapfunzwe bagirizwa kuja mu mirwi y’abagumutsi nabo bafise ivyaha bakorewe, nko gukubitirwa mu busho,kwicwa barashwe n’igipolisi,aho naho ntabafatwa ngo bahanwe kandi bakoze ivyo vyaha.
Mwomenya ko imyiyerekano yatanguye kuva umukuru w’igihugu ashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.
Messages
18 Ruheshi 2015, 10:51, par Melchiade
Eee Umuti W,imbwa Wahwa Ku Rugo Uwutwara Inkoko Agomba Kuyiba Agendaratagatete Akayifata Yitaguje Basamaze Bave Mw,ibarabara Turonke Aho Tuzoca Tugiye Gukubita Impfupfu
18 Ruheshi 2015, 14:55, par pierre
imigumuko ntachoyimaze, ibintu byiza nibiganiro namatora.
18 Ruheshi 2015, 18:09, par mutabazi
Uyu musongarere w’umusaza mperuka avugira aba putschistes. None ngo kubera batsinzwe ngo umutima umumereye nabi tension yarazamutsr!!
18 Ruheshi 2015, 19:41, par ndarushe
MANAGARUKIRA ABARUNDIBAMWEBAMWE TURARUSHE MBEGA KUVA UBUTARABOKWMANAGARUKIRA ABARUNDIBAMWEBAMWE TURARUSHE MBEGA KUVA UBUTARABOKWANDE?
18 Ruheshi 2015, 19:42, par ndarushe
MANAGARUKIRA ABARUNDIBAMWEBAMWE TURARUSHE MBEGA KUVA UBUTARABOKWMANAGARUKIRA ABARUNDIBAMWEBAMWE TURARUSHE MBEGA KUVA UBUTARABOKWANDE?
19 Ruheshi 2015, 08:21, par Rukundi
ubu rero agatima karakubise uratsinzw mumyirekano na coup d’etat non uratay uromotse usubiy ku mwiga waw.vibuzil uj ibunt ibintu vyarahinduts mutam.ubu hagez ko sentare mpuzamzkung iza kubabaz ingen mwoturir ibint nabantu.mb umurundi yar yaguhay uburengznzir ninde?
19 Ruheshi 2015, 08:41, par cyriaque
mutama mbonimpa ukwiye kuba umukuru wigihugu niho abarundi tworonka amahoro kuko ntagutwagwa nugabo yabanje kumara abantu hama ngotumwitegeko ivyiza! ndabarahiye kuriwe kwica abantu yarivugiyeko arukunywa akayiiiii....kamaraso!!!!! usanga rero akanyota kayo kakiri keshi.!!!
19 Ruheshi 2015, 09:03, par burikuye
uyu mutama asaziye ubusa basi.afate abantu aterere mwibarabara hanyuma NGO fyofyo..ahubwo iyobahera kuri wew nyene wa karofa we ushaka gutungira kumaraso yabarundi utanavyaye
19 Ruheshi 2015, 10:18, par kezakimana
UWOMUTAMA MBONIMPA YA TEGUYE COUP D’ETAT HANYUMA BIMUTA KUWAMAZI NONE ARIKO ASYA ATAZAMBAYE .ABARUNDI TWARAGUHINYUYE SHA WARABONYE BARYA MWAGIRA MUKORANE MUGUTEMBAGAZA UBUTEGETSI KWATACO BASHOBOYE . KANDI NOGUHANURA KUTO SUBIRA GUKINA NUBUTEGETSI
30 Ruheshi 2015, 15:18, par I
Imana nayonyene irahagorewe he! abagwanya ubutegetsi birigwa ngo" Mana garukira abarundi" abashigikiye ubutegetsi nabo ngo " Mana garukira abarundi" mbe iyo Mana mwambaza niyi tuzi koko?