Accueil > Amakuru > Ubutungane > Arcade NIMUBONA yasubirijwe mu mabanga
Arcade NIMUBONA yasubirijwe mu mabanga
samedi 10 Gitugutu 2015, par
Kw’itegeko ry’umukuur w’igihugu nomero 100/41 rigena abategetsi bashasha mu nzego z’ubutungane, Arcade NIMUBONA yahora ari umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura yasubirijwe na Cyrille NKANUYE.
Muri iryo tegeko, Sylvestre Mpabwanayo yahawe sentare ntahinyuzwa, Domine Banyankimbona akaba icegera, abahanuzi nabo akaba ari Prosper Nkurunziza, Viateur Bagumyumutima, Joselyne Akintore na Léopold Kabura.
Gordien Ntagirabiri yahawe sentare isubiramwo imanza ya Gitega, Adolphe Havyarimana sentare isubiramwo imanza ya Bururi.
Jeanne Habonimana : umukuru wa sentare nkuru ya Bujumbura-rural
Laurent Niyukuri : umukuru wa sentare nkuru ya Bururi
Ernest Nduwimana : umukuru wa sentare nkuru ya Kayanza
Jérémie Ntakarutimana : umukuru wa sentare nkuru ya Kirundo
Janvier Nsabimana : umukuru wa sentare nkuru ya Muramvya
Ivette Ruderi : umukuru wa sentare nkuru ya Ngozi
Egide Nahayo : umukuru wa sentare nkuru ya Rumonge
Jeanine Ingabire : umukuru wa sentare nkuru ya Ruyigi
Richard Nduwayo : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bururi
Léandre Sindayigaya : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Cankuzo
Fidèle Nyabenda : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Makamba
Patrice Ciza : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga
Désiré Nyandwi : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Rumonge
Edouard Niyigaba umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Ruyigi
IGIHE
Messages
11 Gitugutu 2015, 08:48, par kariyo
Arcade We Yagiye He? Ko Yari Akerebutse Cane Mugupfunga Abo Leta Yanka, Uwowundi Azobishobora?
11 Gitugutu 2015, 11:37, par Ntangaro
Igihugu capfuye kera kubona Arcade yahora ashinzwe amabanga nkayo ni akamaramaza. Iyo Kariyo abajije ati Arcade we yagiye he ko yari akerebutse cane mu gupfunga abo Leta yanka?
Ikibi Arcade si ico yiga: ndamuzi yiga imbere yanje mw’iseminari mu Kanyosha, yarimwo ikibi kibishe. Hamwe n’uwo twita Bushoro(Rémy) bakinda bagaramye kandi bakiri mu mwaka w’icenda. Iyo mvuze ko bari abanyakibi, je pèse mes mots kuko bari ishano.Ils incarnaient le mal.
Igihugu c’Uburundi rero iyo gitwarwa n’abantu nk’abo birumvikana ko atawe vyotangaza kubona ku munsi ku munsi hatorwa imivyimba y’abantu bicwa ataco bazira. Uburundi twaremeye turaha igihugu (nako baracihagiye) abarimwo agakoko , ntihagire ineza twitega.
12 Gitugutu 2015, 03:33, par Gakozi Emmanuel i Pretoria
Ubutungane ni nkingi ikomeye mu gihugu.ubutungane bukeneye ibikoresho bi kwiye. kugira bu koreneza. na gahembo gakwiye no kwigenga. maze baroranigwe mu bikogwa vya misi yose. Gakozi Emmanuel.