IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu bari bapfungiwe muri BSR barekujwe n’inguvu z’abanyagihugu

Bamwe mu bari bapfungiwe muri BSR barekujwe n’inguvu z’abanyagihugu

mercredi 13 Rusama 2015

Abanyagihugu isinzi bishikiye kuri BSR, ahari hapfungiwe bamwe mu bagiye bafatwa mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Abari bahapfungiwe barekujwe n’isinzi ry’abanyagihugu, baca baritahira, ariko hari abandi benshi bari bamaze gutwarwa mw’ibohero rya Mpimba, batanaciye imbere y’umucamanza.

Abanyagihugu bakaba baciye babomora iyo nyubakwa, baturira bimwe mu bibaho imbere ya BSR. Abaporisi bari aho ari benshi, ariko ntaco bashoboye gukora, kuko batekereje, barareka inzu zabo, abanyagihugu barazugurura, baraba ko atabakiriyo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.