Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubutungane
Ban Ki Moon yasavye amatohoza yihuta ku bwicanyi bwabereye mu Ngagara
Yanditswe taliki ya 16-10-2015 - isaha 09:40' na IGIHE

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yasavye ko amatohoza yihuta yokorwa ku bwicanyi bwahitanye abanyagihugu icenda n’abaporisi babiri mu masasu menshi yumvikanye mu Ngagara kuri uwu wa kabiri.

Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uwu wa kane, bamenyesha ko muri abo banyagihugu bagandaguwe harimwo umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (Organisation Internationale pour les Migrations), Evariste Mbonihankuye, yari asanzwe ari umwishwa wa Christophe NKEZABAHIZI, umumenyeshamakuru wa RTNB nawe nyene yagandaguwe n’umuryango wiwe wose. Evariste Mbonihankuye akaba yahora aba kwa Christophe NKEZABAHIZI.

JPEG - 29 ko
Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Ban Ki Moon ahamagarira inzego z’Uburundi ko zokora amatohoza yihuta kuri ubwo bwicanyi bwakozwe mu Ngagara, abazokwagirizwa bashengezwe mu butungane.

Nk’uko bimenyeshwa n’abanyagihugu bo mu Ngagara karitiye ya gatatu, ahabereye ubwicanyi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, abaporisi bo muri API bacungera inzego, binjira muri karitiye ya gatatu ya Ngagara, bakadodora babwira abanyagihugu ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka. Abo baporisi baciye batera ku rugo rwa Christophe NKEZABAHIZI, umumenyeshamakuru wa RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi).

Ababanyi b’umuhisi Christophe NKEZABAHIZI bamenyesha ko yumvise akamo k’abaporisi kavuga ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka, aca aja hanze. Abaporisi bamubwiye uduze amaboko, baca baramurasa, co kimwe n’umugore wiwe hamwe n’abana biwe babiri. Abo baporisi barashe kandi uwundi munyeshure yariko yigana n’abana ba Christophe NKEZABAHIZI, bongera barasa na Evariste MBONIHANKUYE, umwishwa wa Christophe NKEZABAHIZI, hamwe n’abakozi babiri bo mu nzu bari muri urwo rugo. Naho abaporisi n’umuduga wa Musitanteri baciye bihutira gukura ibiziga vy’abo bantu bari bahejeje kugandagurwa, ababanyi bamenyesha ko abo bagandaguwe bose barashwe urusasu rwo mu mutwe, bamwe badugije amaboko, abandi baryamitswe hasi. Muri urwo rugo rwonyene rw’umumenyeshamakuru Christophe NKEZABAHIZI, igiporisi cishe abantu indwi bose, nk’uko vyemezwa n’abo banyagihugu begereye ahabereye ubwo bwicanyi.

Ivyiyumviro vyanyu

Jabe ntanama yawe wuzuye ubuterahamwe uraremantanya ibiteranya abantu gusa ahubwo uri gateranya bihugu nzho ubundi nta nama zawe aho uganisha harumvikana besha abo musangiye ivyiyumviro bibi

22.10.2015 à 12:26
bwiza

abobantu bakwiye igihano,cyurupfu babonetse.

19.10.2015 à 08:23
bigirimana j.marie

Mana Ya Daniel Na Isaac Na Jacques Ni Kuk Umeng Ntutubna Turarush Ngo Udutabare.Amen

18.10.2015 à 22:27
Ndakwizigiyemana

Ubwo ni bwo Buryo inkotanyi zakoresheje mu majyaruguru, Gisenyi na Ruhengeri igihe haterwagwa n’abacengezi. Icyo bakoze ni ukurasa igihumeka cyose. Uwarokotse na nubu yarahahamutse arota bamurasa. Kuva ubwo ntawasubiriye. Ndibazako aribyo Bujumbura nayo izakoresha kugarura umutekano muri izo karitsie zayigometse. Gusa icyo nagira inama barundi benewacu ni kureka guhungabanya umutekano w’igihugu. Bigira ingaruka kuri buri wese, umuhutu umututsi, umutwa. Icyo bamwe bishya ni kimwe. Ko mu Burundi hazaba scenario nkiyo mu Rwanda abatutsi bagafata ubutegetsi ubundi bagakoresha mahanga akomeye gusiga ibara abatutsi bakegezwayo ntibazagaruke ku butegetsi, akavuze kose bakagafunga cyangwe kagapfa. Uko ibintu bimeze, ntagoo mu Burundi ibyo bizashoboka. Nimwicare hasi musangire ubusa bwanyu, mupfe kimwe. Abarundi bamwe bari I Kigali birirwa barira ngo u Rwanda rwarabashutse none inzara irabishe,... Ibyo ni ukuri. Nimutahuke mu gihugu mufatanye n’abandi amatora azaba mutore uwo mushaka. Nimutatsind anabwo mwongere mwicare. Amahirwe Arusha yabahaye yo %age nta bandi bayabona. Urebe mu Rwanda ko batayifuza bakaba barayabuze. Indi ntambara izaba izakuraho izo %age kandi sinibaza ko ari abatutsi bazayitsinda.

Nimwishimire aho igihugu cyanyu cyari kigeze, naho monopole de pouvoir et richesse mushaka nk uko byahoze ntago bizasubira. Ababikeneye nibenshi bagenzi.

Simpanura njya inama.

Murakoze.

17.10.2015 à 20:36
Jabe

Peter we iyicire abatutsi ntangorane nuvakuriyisi nzogutwenga cane !!!!!

17.10.2015 à 03:14
Mrbi001@yahoo.fr

Mbeyemw Abarund Tugiy Kub Abande ?Karashiz Hngan Abarund Dusigay Dukererwa Nkimpene Kand Kand Turi Abantu.Tur Abasabirwa Basi.

16.10.2015 à 20:01
Nshimirimana Dieudonne

mana niwe wogukiza uburundi ahobugeze

16.10.2015 à 19:06
vales

BARUNDI ndi umunyarwanda birababaje yuko abarundi bamwe bakomeza gupfa.Ntabwo tubishyigikiye ariko birababaza cyane...
Ariko icyo nababwira ONU ni IGIKORESHO cy’AMERIKA N’UBURAYI mugomba gukomeza poilitiki yanyu yo kurinda umwanzi w’u BURUNDI. Mu RWANDA ku gihe cya HABYALIMANA hari kumvira no gutinya icyo ABAZUNGU BAVUZE ibyo muzabyirinde kuko ABAZUNGU bishakira inyungu nzabo.Uwo mutego wo gupfukamira ABAZUNGU muzawirinde. Murwanye imyaka cumi muzi yuko bifise agaciro gakomeye.
Hanyuma se muri 1972 ONU yavuze iki ku Barundi bapfuye ?
UMUHISI NDANDAYE MELCHIOR agandaguwe na BUYOYA ONU yavuze iki ?
NTARYAMIRA SIPIRIYANI apfana na HABYALIMANA BAGANDAGUWE NA KAGAME ONU yavuze iki ? KUBONA ABAPREZIDA BABIRI BAPFA ONU ntigire icyo ivuga ayaa.............aaaaaaaa none abanzi b’u BURUNDI ONU nibo ishaka gushyigikira ashwi.... ashwii.... da...... muzabyirinde
MUGOMBA KUMERA NKA EDUARDO DE SANTOS WA ANGOLA ntiyigeze yumvira ONU kandi araganje..
MURINDE BUJUMBURA YANYU UMWANZI
MURINDE BUJUMBURA YANYU UMWANZI
MURINDE BUJUMBURA YANYU UMWANZI

UMWANZI W’ABARUNDI AFISE AMAYERI MENSHI GUTANYA AMOKO KANDI
NIYO NTAWARO YAKORESHEJE IWACU I RWANDA NONE YABIGIZE ITURUFU...
MWIRINDE KUGWA MU MUTEGO W’UMWANZI UVA I RWANDA....

16.10.2015 à 18:43
vugukuri

Jewe ibivugwa nabo banyagihugu bo mungagara ntavyo nemera . mbe boreka gute kubisuka kubapolisi kandi aribo babika inkozi zibibi ? mwibuke ko nomumiguko ko atamupolisi yinjira mungagara . erega abazibiye amabarabara ntaho bagiye .

16.10.2015 à 14:33
NDAYISHIMIYE

fata.ibihano.amatohoza.avuziki.aba.dd.bazohemuka.batumaze.

16.10.2015 à 14:31
ruhwa

Irishura,Bitebe bitebuke izobagaragaza,bateshwe bate ntibonger kwitwaz ubwoko,aba palep-hutu batay muruvubu nabo bishe muco bise safisha2010 barubwo ubuhe ?mutekan gato muzobona kwamoko twayarengey !!!

16.10.2015 à 13:23
Irishura html

Icyo nabwira abarundi iryo nihonyabwoko Nkurunziza ari gukora hamwe naba mushigikiye les extremistes nkaba Fidelite.

16.10.2015 à 13:08
kaka

Abapolce trbamenyry muga hapfye bary hzopf n pierre nkurikiye na pierre nkurumbi

16.10.2015 à 12:44
Maurice

AMATOHOZA YINO MUBURUNDI NTABAHO MUTAMA AHOBWO IMANA NIDUFASHE KUK SIMEZA KO ABABICA ARI ABAPOLISI AHUBWO NIZANTERAHAMWE

16.10.2015 à 12:29
AMUTI

gahini we gahini we

16.10.2015 à 12:14
uwimana

IRYO NITUKISHA KUBURUNDI !!! KI-MOON NAWE AHO YAHANURIYE ABARUNDI NTIYUMVIGWE BITEYUBWOBA !!! KUKO ICABARUNDI BISHIMI NTAWUKIZI !! KANANIRABAGABO NTIYIMYE, VYONGEYE INTABWIGWA IBWIGWA ARUKO AMASO ATUKUYE !! CNDD-FDD MUGAMBWE WACU URATUBABAJE PE !!! ABATEGETSI BAWO UBU MUKUVUGA BARATANTAMUKA NKABATAGIRIMITIMA KANDI ARIBO BAKWEZE AKAKAJAGARI KOSE !!! BIRABABAJE150%

16.10.2015 à 12:03
BONA

ivyo nivyiwe !mbe ko yitwa ngwatwara isi,yovuga kwamariye iki abarundi ?bapfa kumusi kumusi arorera none rwamatohoza ?twaramuhinyuye ntaco ashoboye.

16.10.2015 à 11:33
kibwa

ban kin moon ababikoze ni bodifax pancrace nyangoma pacifique barankiritse kuko nibo batey imigumuko 2)ububirigi bwahayindaro abamenja ,urwanda rero ivyo bihugu vyitegur guhangana nimana mwabazungu mwe ico mushaka muburundi muzokibona kand iryo honyabwoko mwipfuza kugira mukamishiriz mumaraso nkuko mwabikoz murwanda biraba kuko izombwa zibakorera ntantambwe zizoduterana nisha wambiya miye.

16.10.2015 à 10:41
gilbert

Nukuri Amatohoza Nimeza.Mbega Ishirahamwe Mpuzamakungu Ririzeye Ko Ayo Matohoza Harico Azoshikako Ko Tuziko Mu Burundi Amatohoza Yama Yakozwe Muga Ataco Ashikako.Nukuri Ivyo Bintu Vyabaye Mugangara Nagahomera Bunwa Ntamuntu Numwe Nibaza Kovyoneze Kiretse Uwabigize Nuwamutumye Nabonyene Ubu Baricuza Kuko Amaraso Yinzirakarengane Ashitse Ku Mana Arataka.Turasavye Amashirahamwe Yose Afise Ico Yofasha Abandanye Afatira Ibihano Izonkozi Zikibi Naho Umengo Mu Burundi Umwicanyi Niwe Wogukingikira Kurusha Inzirakarengane.Tugatera Akamo Abajejwe Umutekano Bibuke Igikorwa Bajejwe,impera Nimperuka Ivyo Bakora Vyose Bazobibazwa Imbere Ya Sentare Zo Mw’isi Canke Yo Mw’ijuru.Bikebuke Rero Abobagira Ivyo Imana Yiteguye Kubaharira.

16.10.2015 à 10:28
Innocent

wasavye bito mutama imyaka iheze yoyo warihe ?

16.10.2015 à 10:13
fidelite
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.