IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob Rugurika arasubira kwumvirizwa

Bob Rugurika arasubira kwumvirizwa

vendredi 30 Nzero 2015, par Egide N

Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA arasubira kwumvirizwa mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu na parake ya Mairie ya Bujumbura. Uwo mumenyeshamakuru akwije iminsi cumi mw’ibohero asubira kwumvirizwa na Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, hakaba azoba ari mu ntara ya Muramvya aho asanzwe apfungiwe.

Ku ncuro ya mbere kuva hafashwe ingingo ko kumupfunga, Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA arumvirizwa ku vyaha yagirizwa vyo kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat), hamwe n’ugutanga amakuru y’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction).

JPEG - 24 ko
Bob RUGURIKA yatumweko mu butungane na parake ikukira igisagara ca Bujumbura, yumvirizwa na Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Bitegekanijwe ko yumvirizwa kuva isaha zibiri z’agatondo (8h) ko kuri uwu wa gatanu, akaba ari mu ntumbero yo kubandanya amatohoza ku bwicanyi bwakorewe Ababikira batatu b’abatariyanokazi Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 bo kuri paruwasi Guido Maria Conforti bita "Kwa Buyengero".

Tubamenyeshe ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi yabujije urugendo rwo gushigikira Bob Rugurika, rwari rwateguwe gukorwa n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2015. Mw’ikete umukuru w’igisagara ca Bujumbura yasohoye kuri uwu wa kane, Saidi Juma yasiguye ko abujije urwo rugendo ku mvo z’umutekano, akamenyesha kandi ko urubanza rwa Bob Rugurika ruri mu butungane, ko urwo rugendo rwoza kuremera ubwo butungane buriko burakora iyo dosiye.
Saidi Juma abujije urugendo rw’abamenyeshamakuru mu gihe igiporisi caheruka kureka kuri uwu wa mbere Guillaume Harushimana, uwavuzwe muri ubwo bwicanyi, akagira imyiyerekano imbere ya RPA kandi wenyene yiyemerera ko ata ruhusha yari yasavye, akaba yagize imyiyerekano nk’iy’isaha yose, acungerewe n’igiporisi. Guillaume Harushimana, kumwe n’abantu bari kumwe, harimwo n’umugore n’abana biwe, bakaba bagiye imbere y’ahakorera iradiyo RPA, bajanye isandugu iriko umusaraba, bakavuga ko uwo Guillaume yagandaguwe na RPA kubera amakuru yamuvuzweko. Zimwe mu nzandiko abari kumwe na Guillaume Harushimana bari bazanye, zasaba ko RPA yozura uwo Guillaume Harushimana, kuko iyo nsamirizi ariyo yamugandaguye.

Mu matohoza ya RPA, Guillaume Harushimana akora mu kigo Centre Jeunes Kamenge, yavuzwe mu bateguye bongera bashira mu ngiro ubwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’Abatariyanokazi, ivyo bikaba vyashikirijwe n’umunyagihugu yiyemerera ko yari mu nama zibiri zagizwe mu gutegura ubwo bwicanyi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndabira umuntu muzima yiyiyta ko ari vrai DD aje yambaye ikambambiri ca femme igikwembee hahahahha le dd baraduciyemwo kweriiiiiiiiiiii reka dutigite banyakubahwa Barundi barundikazi twiyamirize izo Ntozo zaje ziva mwishamba mukuza kwifatira notre pays na cane cane twebwe turi mubisata bihambaye mukanya kose aha mumahanga turi mukunonosora ubuhinga bwanone turasavye dushire hamwe twiyamirize aba pAYSAN BAJE KUDUCAMWO NKABO BA gYUILLOME BABABOYI TWAKORESHEJE mukuza gutoba igihugu cacu..mwibaze namwe umushingantahe muzima kuza yambaye ikambambiri kabisa yoooooooooooo

  • Hhahahhaha, bariko bararira, eka ni barire nyene birakwiye, wa mugore we ha gukurikira uwo mugabo wawe war kujana abo bana kwishule kuko ndaziko atagusezeye mwe nabo bana rero aho mwiyandagaje nta kindi mwakoze. saidi nawe akomeza yimaramaza, reka ntaco bazoyigire samedi ngo DUDU yararekuye imyiyekano ya samedi ntihagire uzobabuza. je suis BOBO

  • muzomurekura murabesha ivyo mugira vyose haaaaaa

  • Saidi Juma,Juma Saidi,uri akamaramaza,uri buhoma b’umutima bwuzuye ibihaha vy’ibihahano,Guillome Harushimana,ayo baguhaye ukerera barya Babikila yose wayahaye aaaaasidi Juma wibagira kuguramwo ibirato? Saidi ko wemereye Guillaume abari bashigikiye Bob Rugurika wabankiye kubera iki? Ukuri kwagiye ahabona pe

  • muntu uzi ko uhema ukaba uva amaraso nk’abandi ubahiriza ikiremwa nkaw kuko aho uri hari abandi n’ejo uzohava haz abandi.aho nta soni?finalité yaw n’iyah?!!

  • Jewe Said umukuru wigizagara ca Bujumbura ntakosha mbona yakoze, umva Said aharanira caneca ibintubiza inyunguzabose ivyonavyo vyokwiruka mumabarabara sinyunguzabose mbere bifise abobibabiriko birahungabanya none nkumuntu ahagarariyebose ibikorwanaba bigahungabanyabariya nivyiza ntavyemerere kobitera intambwe. Nahuwomugabo yazanye isandugu yerekana kwarimuzuka imbere yahakorera iyo radiyo bitiriye iyabanyagihugu RPA birumvikana Ko arimuzukakoko mbere iyaba muburundi hariho amashirahamwe aharanira agateka kamuntu abayaramufashe mumugongo nonenayahari aharanira agateka kabarwanya leta gusa!

  • Nahanwe kuko numubeshi navuge uwo muntu asanga arivyo yiremeye naho awukore none kuki atamutanga arazi aho ari kuko bavuganye vyishi vyamagutyo nakaziri vyagenze uko mwarumvise iyo yaguye ashaka bigende gute niyemere ntakundi canke amwerekane hanyuma avuge abo barikumwe ukuri kumenyekane nibibi guhisha umwicanyi ko avyemera komera

  • BOBO ! Ntutinye ! Imana Irikumwe nawe nkuko yarikumwe na Prophete YEREMIYA arimugasho kik’ikinogo kirimwo ivyondo Imana yaramuhamagaye Iti mpamagara nanje ndakwitaba nkwereke ivyikinze nivyutaribwabone! BOBO! abubaha Imana twaramaze kuyihamagara mugishingo cawe izobikora nkoko yakoze kuri Yeremiya !nawe uri umukozi w’Imana irazi ingene watabaye imiryango myinshi yabakozi bageramiwe! wakoze vyinshi mwe na RPA Imana yamayibuka ivyiza vyinshi wakoze nicogituma yahagurukije isi yose kukugwanira !ugiye gutaha mubawe nkuko Mbonimpa Claver Umutama w’Abarundi yatashe ! Umuvgabo Molidikaye yavuyemumaboko ya Hamani yaciye aba ICAMAMARE kw’isi yose nawe sha wagizeneza none wabay’ICAMAMARE kw’iisi nzima n’ijuru naryo !Eurrope U.S.A baratangaye!

  • Babikira bavyeyi bacu muravugira Uburundi mubusabire kuva mu buhemu bw’abana babwo. Imana ikingire igihugu cacu ntihagire abasubira kuzira ukuri bashize ahabona.

  • Ewe wamuntu wiyise Saidi ;ngo uri umukuru w,igisagara ca Bujumbura;Uri umukuru w,ibinwamaraso wakiza ca Ebola we...ntabwoba wunva gushigikira abo Badayimoni babicanyi>?Canke nawe ubifisemwo uruhara ,,,,natwe ishirahamwe ryabashaka ko igihugu cogorora tugiye kugira amatohoza kuri wewe .murabesha vuba murarekura igihugu cacu musubire muri congo

  • Mukunzi! Imana yanje kaDatawatwese ikumpere ubwenge mukunzi wanje ejo ukuri kuzomenyekana !kandi RPA n’abakozi bayo tuzobakenera twese nimba uyumviriza muntwaro ziheze abayigwanije niyo yabatabaye bamaze kuva kubutegetsi sha!ndizera kw’ejo nibagira amahigwe bakabugaruko bazitwa irindi zina ngo ABARONGOZI beza! harya uzicatuma RPA ihamwa ?nuko yaha ijambo abagwanyi ! none nibobayigwanya ariko bazobitahura niyo batazoba bagitegeka kkuko ntayindi bazokwikorako atari ARPA ! kuvuga inkuru wahahawe uri journaliste ntibibaho kw’isi nzima! ubaze hose koharuwabikoze ntawuzoronka ! IMANA igufashe Sindumuvugizi wa RPA muagabo ndabona Akarangamutima kaBOBO na RPA umwansi umukunzi umuto umukuru ubwoko bwose ntawe yima ijambo !

  • Nibamunyare uwo mubeshi karyanisha barundi.yabonye igitero co mucibitoke kimunaniye be naza societe civil zubwoya aca agomba
    Kubihoyahoya mukurementanya ivyababikira.
    Boshira pacifik nawe bakanugara RPA amahoro yoboneka

  • ukuri kuzomenyekana kuko uhoraho ntazokwemera ko ububi nkubgo bukoregwa mugihugu ciwe"eeh gezaho!

  • muburundi haringorane nyinshi umuntu yita ngo ni mêtre isidor rufyikiri umuntu wimbwa nkawe ngurinararibonye muvya mategeko wodusigurira ukuntu mwishe ndadaye canke kirya gihe ntiwari bwakure????

  • Hahahaha mbega kumpanda ntazi iyo hatumbereye?hama niyinjire muriyo sandugu hama arabe abaza kuyugara ingene bangana,hama ivyo kumuzuru arindire yezu christu aze kumuzura...umunsi wogucibwa urubanza gwanyuma..murakoze

  • bobo nibazako woshikiriza iciyumviro cawe nkuwarezwe eka weho nturi numuboyi ubaha abatugaba twahaw na rugira bizogufasha ahubwo urarinda

  • Iyo rubanza nibaza ko reta nabishe ababikira bariko bakina jeu bita< URUBUGU>.

  • Dusavye Reta Akoze Akokabi Kabishe Amotohoza Akorwe Uwufatwa Ahanwe Hisunzwe Amategeko Ngenderwakoy,uburundi

  • Dusavye Reta Akoze Akokabi Kabishe Amotohoza Akorwe Uwufatwa Ahanwe Hisunzwe Amategeko Ngenderwakoy,uburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.