IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob Rugurika buca yumvirizwa na sentare y’iyungururizo

Bob Rugurika buca yumvirizwa na sentare y’iyungururizo

dimanche 15 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’aho abasanzwe baburanira umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu bungururije urubanza, Bob Rugurika buca yumvirizwa.

Umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu rero akazumvirizwa muri sentare y’iyungururizo, kugira irabe ko ashobora guhabwa umwidegemvyo, akazoza araburana ava iwe. Muri urwo rubanza rutegekanijwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 rero rukazobera nk’uko vyama mu ntara ya Muramvya, aho asanzwe apfungiwe. Tukabibutsa ko Bob Rugurika asanzwe apfunzwe yagirizwa ivyaha bitatu inyuma y’aho ashiriye ahagaragara amatohoza iradiyo arongoye yakoze ku rupfu rw’ababikira batatu bishwe bunyamaswa muri komine ya Kamenge.

Ayo matohoza akaba yavuga ko bamwe mu bihangange vyakorera igendereza ry’Uburundi nka Adolphe Nshimirimana, Kazungu, umuporisi azwi kw’izina rya Ayubu hamwe n’umunyagihugu azwi kw’izina rya Guillaume Harushimana bavugwa muri ubwo bwicanyi n’umwe mu baporisi avuga ko ari mu bishe abo babikira bari basanzwe bageze mu zabukuru, aho yamenyesheje ko inama zo kubica zakozwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • IMANA IRIKUMWE NAWE.............

  • Imigambiyabantu Siyoyimana,imanizobikora Aburaneyidegenvya.Nabandanyekwihangana Kubaho Kumuswi Sinpuhwe Imigambiyabantu Siyoyimana,imanizobikora Aburaneyidegenvya.Nabandanyekwihangana Kubaho Kumuswi Sinpuhwe Imigambiyabantu Siyoyimana,imanizobikora Aburaneyidegenvya.Nabandanyekwihangana Kubaho Kumuswi Sinpuhwe Imigambiyabantu Siyoyimana,imanizobikora Aburaneyidegenvya.Nabandanyekwihangana Kubaho Kumuswi Sinpuhwe Zagaca.

  • Irara europa europa ubu muza mumutumyeko????komurabagabo mureke kumurekura turabe

  • Mugumize mwibohero abanze amenyeko Uburundi atari icibare case

  • Nushake ube umusunwe erimukasho uramaze kandi igibecokumurekura tuzobabwira icobazobabamurekuriye bivuye kubutungane bwuburundi kwabobose arabagabo atarukubera tubayeho badufasha bisanzwe baduhimirako bacabavugango turahagarika kubagaburira, nibaze bonyene imbonankubone kumukuramwo mukasho urebeko tutandikisha amateka muri Africa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.