IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob Rugurika yafatiwe ingingo yo kugumizwa mw’ibohero

Bob Rugurika yafatiwe ingingo yo kugumizwa mw’ibohero

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kugumiza Bob Rugurika mw’ibohero ry’i Muramvya nk’uko vyamenyekanye kuri uno wa kane.

Inyuma y’amasha 48 hariko harigwa namba umuyobozi w’iradiyo RPA yorekurwa canke yogumizwa mu munyororo, ingingo yafashwe akaba ari iyo kumugumiza mw’ibohero, iyo nayo ikaba yiyamirijwe n’abamuburanira hamwe n’abasanzwe barongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru.
Kubwa Lambert Nigarura umushingwamanza wa Bob Rugurika, iyo ngingo bayakiriye nabi, akavuga ko bagiye kwunguruza urwo rubanza. Umushingwamanza Lambert Nigarura atangazwa n’ukubona ubutungane bwasiguye ko Bob Rugurika adashobora kurekurwa, kubera ashobora kubandanya imibonano n’abagandaguye ababikira b’Abatariyanokazi, kandi gushika ubu uwo ubutungane bw’Uburundi bwagirizwa burya bwicanyi ari Christian Butoyi bisanzwe bivugwa ko afise ingwara yo mu mutwe.

Mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu Burundi bakaba bakiriye nabi iyo nkuru y’incamugongo, nk’uko bivugwa na Alexandre Niyungeko asanzwe arongoye ishirahamwe UBJ. Ku bwiwe, ubutungane bw’Uburundi bwerekanye abo buriko burakorera, akabona ko ndetse ubutungane mu Burundi bukiri kure nk’ukwezi. Avuga ko batagiye gucika inkokora, ko bazoguma bakora, uko bashoboye kugira ukuri kubishe ababikira Olga, Lucia na Benadette bamenyekane, n’ubutungane bubakurikirane.

Mukamenya ko n’inama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya yamaze gufata ico kibazo mu minwe, mu nama abagize iyo nama nshingamateka bagize, ikibazo ca Bob Rugurika kikaba kigiye kwigwa, abo bashingamateka bakemeza ko hagiye n’ugufatwa ingingo (Résolution) ku bijanye n’ipfungwa ry’umuyobozi wa RPA Bob Rugurika


Aristide Nizigire

Messages

  • Ico gikorwa co kumugumizamwibohero twebwe abarundi baba mumakungu turagishigikiye cane cane ababa America,south Africa,france,Dubai nandi kugira yerekane nimba akunda igihugu abo yavuganyenwe.kuko umukuzi wumwansiwawe nawe aba ari umwansi

  • vuguti uragishigikiye kugatwe kiwawe ureke kubeshera abari mumahanga kuko ukuri ntigufungwa hama nawe uhumuke ukubone ureke kwigira inzimizi kandukuze

  • Hamwe uwo yiyise salvator yoba atagiye aho hanze kubera ubugugu bwiwe,ryoba aribara!ahubwo yavuga ati ubutungane nibutumeko abo boba bamaze gushigwa ahabona kugira bisigure;hanyuma ubutungane buronke aho buhera amatohoza!hanyuma ntaze asubire kunshiramwo muciyumviro ntamutereye!

  • MBAMURI USA, UWOMUNTU YITWA BOMBER URUGURINKA BAMUHANE BIVUYINYUMA.KUKO ARINKAHANO MBAYE HAGIZE AKANTUKABA NOBWOYOBATARUBWICANYI UKARAMUKA UVUZENGO NAMUBONYEGUSA NGONABONYE NIMPUZUYARIYAMBAYE NGWARIKO NTAZONDABABWIRA IBARA RYOBARIKURWIYE KUBWAKOKAGAGAZO KOKUVUGAKO WABONYE IMPUZU YAMBAYE ARIKO UDASHOBORA KUBABWIRA UKOZISA, HANDESE UWOBAVIZE KWAFITANIYE IBIGANIRO NUWIVUGIRAKO YISHE ABANTU.

  • Twese tuba mumahanga .iyo uvuga pana kuza witirira abantu bose twebwe turababajwe niyo ngingo yafashwe.Pretoria south Africa

  • Wewe uvuga ko Uba mumahanga ukadondagura ibihugu bitari bike ukavuga ko uba muri Amerika Uba Muri america yo Maja he? Jewe Mba mugisagara ca New York Nimelo za phone yanje ni 347-589-5297 canke 1347-589-5297 Ntelephona Mpeze nkwibarize ukuntu ushobora GUSHIGIKIRA Ubutegetsi bugiheza umumenyeshamakuru Mugihome muriki kinjana Tugezemwo atarihamwe na satani atabuze abamarayika Bamushigikira canke abo bandi bari mumakungu uvugira babigutumye? Mpa na Nimelo za Babiri basi bokwemeza ko babigutumye nimba ataruguhubuka kandi vyoba vyitwa ko uri mugihugu gikomeye nkiki guvuga ibintu utabanje kuvyitondera sukwitesha agaciro gusa ahubwo uba urigutesha agaciro nigihuhu nkiki urimwo yarimpanuro mugenzi sinanse ko ushigikira Reta ya CNDD FDD ariko uraraba ukabashigikira kuri kirya ciza ubonye Bakoze nayahandi uzosanga ubaye Ndiyo bwana bo Barikwiyubakira Amaetaje Ibujembura nawe uguye muma campan imbavu zishwe nakazi kugira uronke ayo kuriha inzu kumwisho

  • NUKURI TURASHIYE UBUTUNGANE BWUBURUNDI KWIYO NGINGO NZIZA BAFASHE.KUKO ABATUTSI BASAZE NGO MPAKA BASUBIRE GUTWAGWA NABAHUTU.AHUBWO DUSABE POLICE NAYO YIPANGE KURI VYAVYUKA NAYO IZE YEREKANE IVYO YIZE.MUGABO YOYO TURAYIZE KUKU IRAMAZE KUBITWEREKA MUKININDO

  • Nduwi ndi muburundi,kuberiki bashakakwihisha bizogaragara,kobavuga kobatabizi,uwagatatu yapfuyegute harabaporisi ntiwunva ko,babizikwikintu iyobaba ryababiri twikuvyemera kwarusazi yabishe

  • @ Sisi, harihakantu gatoya wihenzeko mubatutsi bose babarundi igitigiri kininicabo ntibafise ubwirasi nkabobakeya wavuzeko batarimwo barashaka gutanga agahengwe mwikigihe, rekandakwibutse ikindi nkeka utarizi hariho nakarwi kabahutu bakeya babarundi katarimwokaraha agahengwe abarundi. Hanyuma komera kwibanga muvukanyi. Ntiwibagireko hariho abahutu nabatutsi barikobaratotezwa nakarwigatoya kabahutu nakandikarwi gatoya kabatutsi ngompaka uburundi bufatiwe ibihano namakungu ngobazopfuma biyahura ngomaze amakingu abiharure kurabo bahurubeshi nabatutsi beshi nababwiye, murimake nuwowese yabumuhutu yabumututsi atemeye kurementaniriza iyi reta ironvowe na Nkurunziza.

  • Barundi muri kurondera guturira Kino gihugu muritonde, ndabona mwese muramaze kwibagira inkoho,nimukomeze ikibwirwa nicumva.

  • Nanje mba mumahanga hariho abantu wokwibaza kobafise ubwenge ukabura usanga ari bamwe bageze hanze bakanywa urumogi rugurika yakoze amatohoza arayashikiriza nkumunyamakuru akunda igihugu leta ifise igipolice ciperereza gihembwa amamiriyare kukwezi yafashe umusazi none vyari bikwiye ko bob agwa muri gereza aho gukora amatohoza kuri barya baporice ariko abakecuru barahuma ko muribo btanguye kwikorera amasandugu nimisaraba kumutaga reka turindire ntamuntu numwe yaguze iyisi.

  • Jew ico novuga abantu bakino gihe sinzi uko nobasigura non nkuy atuvugira ngo turashgikiy ico gikorwa cokumugumiza mwibohero twagiraniy inama hh?

    Nibareke kudutukisha ngo abri mumahanga twagiz inama twebwe nta muvugizi dufis uwo avuga ko twmutumy natubwir igihugu arimwo na ni nr ziw hanyuma tumubaz abo nibobandi nyene batagomba ko bene wacu bari mugihugu baserura ivyiyumviro vyabo iyo ngingo twarayigaye twivuyinyuma ivyo ndabivuz kugatwe kanj ntwawantumye ahubwo RUGURIKA yarakwiye guhabwa agashimwe kko yahay umuco ubutungane n’amakungu turasavye ONU ifate nkankama ikibazo Ca BOB arekugw atakirinz gusabwa.indonesieo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.