IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > BRARUDI yatanguje urudandazwa rw’inzoga “Nyongera” ku giciro kitavuna

BRARUDI yatanguje urudandazwa rw’inzoga “Nyongera” ku giciro kitavuna

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe BRARUDI rihingura ibinyobwa ryatanguje urudandazwa rw’inzoga y’ibiyeri “Nyongera”, ikozwe mu masaka gusa. Ku kiguzi c’amafaranga 800 kw’icupa, mw’ishirahamwe BRARUDI bamenyesha ko bashatse kwiyegereza abanywanyi babo bafise amikoro make, hamwe n’uguteza imbere abarimyi b’ayo masaka akorwamwo inzoga “Nyongera”

Kuva ku munsi w’ejo kuwa kabiri, ishirahamwe BRARUDI ryaratanguje ku mugaragaro urudandazwa rw’inzoga “Nyongera” ikozwe ijana kw’ijana mu masaka y’urubere arimwa mu ntara za Cankuzo, Bubanza na Cibitoke. Iyo nzoga iri mw’icupa ry’amasentiritiro 72 igurishwa amafaranga y’amarundi amajana umunani kw’icupa.

JPEG - 42.3 ko
Inzoga "Nyongera" igurishwa kw’icupa rimwe amafaranga amajana umunani y’amarundi

Mu birori vyo gutanguza icese urudandazwa rw’iyo nzoga, Marteen Schuurman, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI yamenyesheje ko kuva aho baboneye abanywanyi basigaye bahurumbira inzoga zizimbutse, ariko ugasanga zishobora kubangamira amagara kubw’ukuntu zikorwa, canke isuku ridakwiye, baciye bafata ingingo yo guhingura ikinyobwa ca BRARUDI, gihurirana n’uburyo buke bw’abanyagihugu, kandi gikozwe mu masaka arimwa mu Burundi, kugira n’umunyagihugu w’umurimyi ntasigare inyuma mw’iterambere, ivyo bakabishikiriza mu gihe gushika ubu abanyagihugu b’abarimyi ibihumbi 13 aribo batunzwe n’ubwo burimyi bw’ayo masaka agurwa n’ishirahamwe BRARUDI ku giciro c’amafaranga y’amarundi 670 ku kiro kimwe.

JPEG - 41.9 ko
Marteen Schuurman, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI

Gervais Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ari nawe yari yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori, yarashimiye ishirahamwe BRARUDI ryatanguje uwo mugambi uzofasha kugabanya ubukene biciye ku barimyi b’amasaka yengwamwo inzoga “Nyongera”. Yahamagariye n’abandi barwizatunga kubandanya bashinga nabo imigambi itanga ubuzi ku banyagihugu, gutyo bakazoba bariko baraterera agacumu k’ubumwe mw’ihangiro Uburundi bwihaye yo kurwanya ubukene. Mu gihe iyo nzoga y’ibiyeri “Nyongera” izimbutse izofasha kurwanya urudandazwa rw’inzoga zitemewe n’amategeko, icegera ca kabiri y’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yasavye abarongoye ishirahamwe BRARUDI kuzoyishora no mu bindi bihugu kugira Uburundi bushobore kuharonkera amafaranga y’agaciro.

JPEG - 43 ko
Gervais Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.