Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BRB: Umunsi wa nyuma wo gukoresha inoti za kera ni igenekerezo rya 29 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > BRB: Umunsi wa nyuma wo gukoresha inoti za kera ni igenekerezo rya 29 (...)

BRB: Umunsi wa nyuma wo gukoresha inoti za kera ni igenekerezo rya 29 Myandagaro 2015

jeudi 27 Myandagaro 2015

Ibanki nkuru ya Republika y’Uburundi imenyesha ko inyuma y’igenekerezo rya 29 Myandagaro 2015,inoti za kera za 500,2000,5000 n’ibihumbi 10 zitazoba zigikoreshwa.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Jean Ciza kuwa 26 Myandagaro 2015,ibanki nkuru y’igihugu imenyesha ko hasigaye igihe gito kugira inoti za kera zibe zashikanywe mw’ibanki iyariyo yose,canke mu mashirahamwe mato mato yo kuziganya no kuguranana ata kirinze gusabwa.

Ibanki nkuru y’igihugu imenyesha ko igenekerezo rya 29 Myandagaro 2015 ari isango ntabanduka ry’uko inoti za kera ziba zitagikoreshwa mu gihugu,kandi ko ico gihe kirenze,ayo mafaranga azohindurirwa gusa mw’ibanki nkuru y’igihugu ku cicaro gikuru i Bujumbura,canke ku mashami yayo ari i Ngozi n’iyiri i Gitega hakuweko ibice 5 kw’ijana.

Mwomenya ko vyari bitegekanijwe ko ikiringo co gukoresha inoti nshasha gihera kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2015,ariko kubera vyabonetse ko hakiri inoti nyinshi za kera zigikoreshwa,ibanki nkuru y’igihugu yafashe ingingo yo kwongerako ukundi kwezi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.