Accueil > Amakuru > Ubudandaji > BRB: Umunsi wa nyuma wo gukoresha inoti za kera ni igenekerezo rya 29 (...)
BRB: Umunsi wa nyuma wo gukoresha inoti za kera ni igenekerezo rya 29 Myandagaro 2015
jeudi 27 Myandagaro 2015
Ibanki nkuru ya Republika y’Uburundi imenyesha ko inyuma y’igenekerezo rya 29 Myandagaro 2015,inoti za kera za 500,2000,5000 n’ibihumbi 10 zitazoba zigikoreshwa.
Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Jean Ciza kuwa 26 Myandagaro 2015,ibanki nkuru y’igihugu imenyesha ko hasigaye igihe gito kugira inoti za kera zibe zashikanywe mw’ibanki iyariyo yose,canke mu mashirahamwe mato mato yo kuziganya no kuguranana ata kirinze gusabwa.
Ibanki nkuru y’igihugu imenyesha ko igenekerezo rya 29 Myandagaro 2015 ari isango ntabanduka ry’uko inoti za kera ziba zitagikoreshwa mu gihugu,kandi ko ico gihe kirenze,ayo mafaranga azohindurirwa gusa mw’ibanki nkuru y’igihugu ku cicaro gikuru i Bujumbura,canke ku mashami yayo ari i Ngozi n’iyiri i Gitega hakuweko ibice 5 kw’ijana.
Mwomenya ko vyari bitegekanijwe ko ikiringo co gukoresha inoti nshasha gihera kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2015,ariko kubera vyabonetse ko hakiri inoti nyinshi za kera zigikoreshwa,ibanki nkuru y’igihugu yafashe ingingo yo kwongerako ukundi kwezi.

Van Naris Mugisha
Messages
27 Myandagaro 2015, 19:47, par nshimirimana léonard
nsimirimana léonard
27 Myandagaro 2015, 19:50, par Ntakirutimana Alexandre
Mwaratevye
27 Myandagaro 2015, 20:24, par Jogingi Marahwe
Twbw Turi Hagati Mugihugu Turagow Nk Inoti Za 500 Shasha Ntazihari Bituma N Ibintu Bizimba Kko Ico Woguz 500 Baca Bagishira Ku 1000 Mutwiyumvireko
27 Myandagaro 2015, 23:08, par Nyandwi
Nisawape!Arikojewenzo,ryoherwa Nimuvanaha Izokarangamuntu,tukabonankizahandi.Birateyisoni.Kandibirababaje.Nkanjembamuri South Africa.Uwuyibonye,ntabwoyemerako,arikarangamuntu.
29 Myandagaro 2015, 22:00, par OMARI
JEMU.VA.BOZOZONGEZA.IZI.NOTI.KUKO.ÑINYISHI.UMUGIHUGU
30 Myandagaro 2015, 05:45, par giswi
naho amahera yakera dusigarany duhisemwo kuyata sitw duhomvy gusa na brb ndazi kwihomba mwogomba mwotonger ikiringo.