IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Imbonerakure zafashwe ziriko ziriba zaciriwe urubanza

Bubanza : Imbonerakure zafashwe ziriko ziriba zaciriwe urubanza

jeudi 24 Mukakaro 2014

Sentare nkuru y’i Bubanza yaciriye urubanza urwaruka indwi rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwafashwe ruriko rusahura abanyagihugu kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke, ku musozi Kigwema, komine Gihanga, intara ya Bubanza, mw’ijoro ryo ku munsi w’imana rishira uwa mbere. Izo mbonerakure zahanishijwe umunyororo w’umyaka wose, n’amande y’ibihumbi mirongo itanu.

Mu rubanza rw’ikibiriraho rwashashe mu ntahe yo kuri uwu wa mbere, sentare nkuru y’i Bubanza yafatiye igihano co gupfungwa umwaka wose, n’ugutanga amande y’ibihumbi mirongo itanu, ku rwaruka indwi rw’imbonerakure za CNDD FDD, rwagirijwe icaha c’ugukizura, kandi rutabifitiye uruhusha. Urwo rwaruka rwagirijwe kandi ubusuma, bakaba bafashwe bariko bariba abanyagihugu kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke, bitwaje ibirwanisho. Umwe muribo yahora ari umusirikare w’igihugu yari afise inkoho yarashoboye gusiga abajejwe umutekano, abasigaye nabo bakaba bafatanywe amahiri, imbugita n’imipanga. N’aho abaharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Bubanza bavuga ko ico gihano kidakwiranye n’igihanishwa ubusuma bw’abafatanywe ibirwanisho (vol à mains), barashima n’ukwo kubona ubutungane bwarashoboye gucira urubanza izo mbonerakure, kuko ribaye irya mbere, bagasaba n’izindi ntara ko zofatira akarorero kuri sentare nkuru y’i Bubanza.

Abo baciriwe urwo rubanza baremera ivyaha bagirizwa, ariko bakamenyesha ko ivyo bariko barakora bari babitumye n’ababarongoye mu mugambwe CNDD FDD i Bubanza. Tubibutse ko mu gatondo ko munsi w’Imana ariho urwo rwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD rurongowe n’uwutwara Imbonerakure ku mutumba Kagwema rwafatwa ruriko rutegera imiduga yunguruza abantu kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke, rukaba rwatwara ivyo rusanganye abo bantu, nk’amafaranga, terefone ngendanwa n’ibindi. Igihe abajejwe umutekano bahashika, basanze urwo rwaruka rwitwaje amahiri n’imipanga, umwe muribo yari afise inkoho n’ivyo bari bamaze kwiba aca atungwa n’ayo yameze.

Umukuru w’umutumba Kagwema aremera ko urwo rwaruka rwafashwe ari Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, kandi ko rwari rusanzwe rwidogerwa n’abanyagihugu ko rusahura mu mihana no ku mabarabara. Kuri uwo mutumba Kagwema, abanyagihugu ishavu riraniga, kuko bavuga ko bahora bama bibwa, ariko ntibashobore kumenya ababikoze. Kuva urwo rwaruka rugifatwa, uwutwara urwaruka rw’Imbonerakure mu ntara ya Bubanza yamenyesheje ko ababikoze batabitumwe n’umugambwe CNDD FDD, babikoze ku gatwe kabo, ari naco gituma umwe wese yokwagirizwa akongera agahanwa ku gatwe kiwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nabandi Bibabere Akarorero Hagize Ico Babona Nimwakure Abajejwe Umutekano Babikore Kandi Muzoshimirwa Muri Inderetse Nziza Abacafuza Imbonerakure Nibahanwe,hakizura Ababijejwe Murakoze.

  • TURAKEJ SENTARE NKURU YA BUBANZA YIHUS GUC URWO RUBANZA. ERGA BARI BARENGEJ URUGERO! BARI BASHATS GUSUBIRIR IGI POLICE. TURASHIMIY N’ABAJEJW UMUTEKANO MU NTARA YA BURURI UKUNTU BIHUS GUFAT ABIYITA IMBONERAKUR 3 MUR 5, BO MUR COMMUNE RUMONGE ZONE KIZUKA SECTEUR KIZUKA, KU MUNYAGIHUGU WAHO NYENE YARI YASINZIKARIJW UBUZIMA. TUKABA DUSAVYE SENTARE YA BURURI KO YOBACIR URUBANZA VYIHUTA. GUTYO BAZOBONA KW’IGIHUGU KIRIMWO AMATEGEKO

  • Twebwe nkimbonerakure ziri mumahanga turiyamije izo mburakimazi ziducafuza nibahanwe kabisa umugambwe ntiwigeze udutuma gutoteza abo twamaze imyaka 13 turwanira ahubwo abo bakora ivyo leta nibahagurukire ikindi abo biyita imbonerakure bagakora ibitandunye nakaranga kumugambwe nukubaraba. Neza ushobora. Gusanga barahawe mition nikibiri mugutoba kuko nkimbonerakure nzi neza akarangamutima kumugambwe. Cndd fdd sinumva imbonerakure yubahuka guhohotera umunyagihugu bigaca biba ururimbo gwikibiri nababandi biyita ngo ni sosiete civil abagumyabanga mwarangiza mukabirabishamaso gusa bahashe abo simbonerakure nabakozi bikibiri aho tutivye muri yanzara ninyota vyo mumashamba ubu niho twokwiba igishubi. Ntamuntu twateyubwoba canke ngo duhohotere ariko % nabagumyabanga nimbonerakure nabakenyera rugamba gusa mutubaze uko tubigenza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.