IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Muri APRODH bizeye ko umuryango wa Edouard Nsabimana uhava (...)

Bubanza : Muri APRODH bizeye ko umuryango wa Edouard Nsabimana uhava urekurwa

vendredi 7 Munyonyo 2014

Umuryango wa Edouard Nsabimana ugizwe n’abantu batatu uriko urumvirizwa muri parake y’i Bubanza nk’uko ayamakuru tuyahabwa na APRODH muri iyo ntara.

Kuva mu gatondo ko kuwa 7 Munyonyo, mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH bakaba bariko barakurikirana iyo dosiye, kuva mu giporisi ndetse kugeza muri parake i Bubanza, aho bavuga ko umuryango wa Edouard Nsabimana wakuwe aho wari upfungiwe mu giporisi, ubu bakaba bariko barumvirizwa muri parake.

Icihagazeko Antonine wo muri APRODH i Bubanza ariko arakurikirana iyo dosiye, akavuga ko bizeye ko Edouard Nsabimana, umukenyezi wiwe hamwe na murumana we bahava barekurwa, kuko bizeye ko ari amatohoza gusa. Nayo ku bivugwa ko abo banyagihugu bapfunzwe bashobora gukurikiranwa ku caha co guhungabanya umutekano w’igihugu, Icihagazeko akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ico caha gikomeye cane, narirya abo bantu bizwi uko bafashwe.

Mukamenya ko Edouard Nsabimana yafashwe inyuma y’aho agarutse avuye mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo aho yari yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, agasanga umukenyezi wiwe mu gasho k’igiporisi aho yari yafatanywe na muramuwe, bagirizwa gutoza amafaranga yo guha abari banyuruje Edouard Nsabimana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.