Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Bubanza : Musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho
Bubanza : Musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho
mercredi 20 Myandagaro 2014
Niragira Isaie yahora ari musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho, ubu iyo komine igaca iba iraramutswa umuhanuzi ajejwe intwaro n’imibano muri komine Musigati.
Mu ntara ya Bubanza, komine Musigati itwarwa vy’agateganyo n’umuhanuzi wa musitanteri ajejwe intwaro n’imibano. Aho ni inyuma y’itanga ry’imihoho rya Niragira Isaie yahora ari musitanteri wa komine Musigati. Uwo yatanze imihoho yamenyesheje ko ari ku mvo atashimye gushira ahabona, bamwe bakiyumvira ko hoba hari ukutumvikana hagati yiwe n’inama mpanuzwajambo ya komine, abandi nabo bakabona ko woba ari umukenyuro wo kwitegurira amatora yimirije.
Buramatari w’intara ya Bubanza, Nyandwi Anselme amenyesha ko ugutanga imihoho ari uburenganzira bw’umukozi wese, iyo abona agira aje ahari akarusho kurusha, canke agiye gukora ivyiwe. N’aho avuga ko ugutanga imihoho ari uburenganzira, Anselme Nyandwi aremeza ko ibikorwa vya komine Musigati bizokwikwega, kuko uwo azomusubirira vy’agateganyo hari ivyo atazoba arekuriwe gukora. Anselme Nyandwi akizera ko inama mpanuzwajambo ya komine izokwihutira gusubiriza uwo musitanteri.
- Anselme Nyandwi, buramatari w’intara ya Bubanza
Egide Nduwimana
Messages
20 Myandagaro 2014, 21:02, par ngumi
Nabandi bavyifpuza nibitangire imihoho imisi yabo itaragera ngo bacirwe imanza.
21 Myandagaro 2014, 13:38, par Ndimubansi
Uyu buramatari agiye koherezwa kwigisha imbonerakure uko zizaza ZICA ABANTU ZIHEZE ZINYEGEZE IVYAGIRIJI bakoresheje ubuhinga. Uwaduhaye aya makuru yamenyeshejeko uwo mugabo yari yanse uyo mugambi mubisha ariko Adolphe Nshimirimana amutumako niyihenda akanka azokatwa izosi.