Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Bubanza : Musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho

Bubanza : Musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho

mercredi 20 Myandagaro 2014

Niragira Isaie yahora ari musitanteri wa komine Musigati yatanze imihoho, ubu iyo komine igaca iba iraramutswa umuhanuzi ajejwe intwaro n’imibano muri komine Musigati.

Mu ntara ya Bubanza, komine Musigati itwarwa vy’agateganyo n’umuhanuzi wa musitanteri ajejwe intwaro n’imibano. Aho ni inyuma y’itanga ry’imihoho rya Niragira Isaie yahora ari musitanteri wa komine Musigati. Uwo yatanze imihoho yamenyesheje ko ari ku mvo atashimye gushira ahabona, bamwe bakiyumvira ko hoba hari ukutumvikana hagati yiwe n’inama mpanuzwajambo ya komine, abandi nabo bakabona ko woba ari umukenyuro wo kwitegurira amatora yimirije.

Buramatari w’intara ya Bubanza, Nyandwi Anselme amenyesha ko ugutanga imihoho ari uburenganzira bw’umukozi wese, iyo abona agira aje ahari akarusho kurusha, canke agiye gukora ivyiwe. N’aho avuga ko ugutanga imihoho ari uburenganzira, Anselme Nyandwi aremeza ko ibikorwa vya komine Musigati bizokwikwega, kuko uwo azomusubirira vy’agateganyo hari ivyo atazoba arekuriwe gukora. Anselme Nyandwi akizera ko inama mpanuzwajambo ya komine izokwihutira gusubiriza uwo musitanteri.

JPEG - 14.7 ko
Anselme Nyandwi, buramatari w’intara ya Bubanza

Egide Nduwimana

Messages

  • Nabandi bavyifpuza nibitangire imihoho imisi yabo itaragera ngo bacirwe imanza.

  • Uyu buramatari agiye koherezwa kwigisha imbonerakure uko zizaza ZICA ABANTU ZIHEZE ZINYEGEZE IVYAGIRIJI bakoresheje ubuhinga. Uwaduhaye aya makuru yamenyeshejeko uwo mugabo yari yanse uyo mugambi mubisha ariko Adolphe Nshimirimana amutumako niyihenda akanka azokatwa izosi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.