IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bujumbura : Ababuranira aba JRR Ninteretse na Shurweryimana batangajwe (...)

Bujumbura : Ababuranira aba JRR Ninteretse na Shurweryimana batangajwe n’ingingo ya parake

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Umubabaro niwo warangwa mu badasigana ba UPRONA hamwe n’incuti n’abagenzi ba Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana, inyuma yaho bumviye ko abo JRR bagira bajanwe mw’ibohero rya Mpimba.

Umushingwamanza Kezimana Hermes King

Kuva igihe c’isaha zitandatu zirenga gato bariko barumvirizwa n’umucamanza muri parake ikukira igisagara ca Bujumbura, umwe mubariko baragirizwa ko ari mu bashatse kwica Gaston Sindimwo niwe yarekuwe, mu gihe Lionel Ninteretse umukuru wa JRR muri komine ya Kanyosha hamwe na Shurweryimana Fabrice baciye bamenyeshwa inyuma yo kwumvirizwa ko, bagira bajanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ivyo rero bikaba vyatangaje ababuranira abo ba JRR babiri, mu gihe bari bafise umwizero baravye uko abo baburanira babajijwe, mu gihe bamenyesha ko vyagaragara ko atacagira Ninteretse na Shurweryimana, nk’uko vyamenyeshejwe n’umushingwamanza Hermes King Kezimana. Uyo mushingwamanza agatangazwa ndetse n’ukubona abo ba JRR bakiri ndetse na bato, bagirizwa kuba bafise ivyo bapfa na Gaston Sindimwo mu mugambwe UPRONA, mu gihe Sindimwo asanzwe ari icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu kamenya ko Gaston Sindimwo vyavuzwe ko yamaze akanya aho kuri parake y’igisagara ca Bujumbura, yihishije ahantu, ivyashavuje cane abari baje kwumviriza urwo rubanza, ndetse bituma na bamwe biyuha n’iryosozi, kuko bagiriza Gaston Sindimwo kuba ariko akoresha igiti afise, mu gutoteza abo badahuje ivyiyumviro mu mugambwe wa Rwagasore.

Mwomenya kandi ko, Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA ishami rya Karori Nditije n’umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari wa JRR mu gisagara ca Bujumbura, nabo imitahe yo kurenguka muri BSR yasohotse, aho bahamagawe ku munsi wa kane igenekerezo rya 10 Ndamukiza uyu mwaka, ku mvo z’amatohoza. Iyo mitahe bikavugwa ko yasohotse inyuma yaho uwitwa Didier Nduwimana nawe asanzwe ari soma mbike wa Gaston Sindimwo arengukiye muri BSR kuri uyu wa kane gatatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza, yagirizwa kuba yashatse gufata amasanamu Fabrice Shurweryimana apfunzwe bagirwa kuba yashatse kwica Gaston Sindimwo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Impera murayirose abaporona abo ba DD nimwe mwabazanye mugihugu reka rero mwishinga buyoya nawe ari umuDD akomeye babarira ntimwuve,jahamwe nabandi niyo solution musigaranye nayahandi barabamara?

  • Nimwigumyeivyo ntamyaka 2 isigaye mutarekuweuwo shenzi nawe ngo ni sindimwo eka nyene izina niryomuntu ivyariko arakora biramwereranimba atamahoro yumutima ashaka nakomeze hama ngo yahungishijeumurya ngo canada huuuuum sha nyambaa aringorane zomurugo warufise zakunaniye gukemura ugahitamwo kwahukana numuryangourikebuka .

  • Ego bamwe bica ba Ndadaye na Ngendandumwe barabamara nyene !Ariko ntaco bo barazinanye kuko umengo ico gihe hatwara Porona,na plans barazisangiye.

  • nbe iryo shano gaston ntiyoja iwabo kongo akatuvako;;;;iyo mbonerakure gusa, karazeha kabisa

  • EGO BIBABAJE KUBERA ABO BANA BAZIRA UBUSA ARIKO UPRONA TWAYIBWIYE KUVA KERA NGO IVAVANURE NA BA DD IRANKA NONE YARIZI NGO NTIZOBAHINDUKA..BARARENGANYA ABANDI BABONA NTIBAVUGA NONE GA MWARIMUZI NGO BIZOGENDA GUTE ..ARIKO DOMMAGE KO BAFATA ABANTU B INTWARI NKA BA TATIEN N ABANDI BABURA GUFATA ABISHE IGIHUGU BINYEGEZA INYUMA YA UPRONA BARIYIZI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.