Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Igitoro casubiye kubura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Igitoro casubiye kubura

Bujumbura : Igitoro casubiye kubura

lundi 18 Myandagaro 2014

Ahasanzwe hadandarizwa igitoro mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko atagitoro bafise, ivyo bikagaragara ku ma station ari mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Abasanzwe batanga ico gitoro ntansiguro batanga n’aho abariko barakirondera ( abasumyi) bamenyesha ko igitoro kiriho, ahubwo kiriko kirimanwa mu gihe baguma bicura ko gishobora kuduzwa. Ivyo bikaba bisubiriye mu gihe kuri uyu wa gatatu uheze igenekerezo rya 18 Myandagaro, igitoro cari cabuze, abakidandaza bakitwaza ko hari urukurukuru ko cagira kiduzwe.

Mu makuru ikinyamakuru IGIHE cari gifise, akaba ari uko haba mu bushikiranganji bw’ubudandaji canke mu kigo SEP ahasanzwe habikwa ibitoro, bose bemeza ko igitoro kiriho, atamvo n’imwe yotuma igitoro kireka gutangwa mu ku ma station, n’aho abasanzwe barangurira ico gitoro hanze, bavuga ko hari amatagisi ikigo OBR coba cagira gitangure gutoza, amatagisi angana n’amafaranga atatu kw’ijana y’igitoro cinjira mu Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.