IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi: Abanyororo 30 nibo bakomerekeye mw’ibohero

Bururi: Abanyororo 30 nibo bakomerekeye mw’ibohero

lundi 16 Kigarama 2013

Abanyororo 30 bo mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bururi ni bo bakomeretse mu mishamirano yabaye muri iryo bohero, iyo nayo ikaba yabo yamaze hafi ikiringo c’isaha n’igice.

Intandaro ya vyose, akaba ari abanyororo bazanywe muri iryo bohero bavuye mw’ibohero rikuru rya Mpimba bagirijwe kuba bitwara nabi, baca bajanwa mw’ibohero ry’i Bururi mu kwezi kwa Myandagaro kw’uyu mwaka. Igihe hariko haraba iyo mishamirano kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama, hakaba humvikanye inkoho nyinshi, ndetse zanateye ubwoba abanyagihugu baba mu micungararo y’iryo bohero rikuru rya Bururi.

Amakuru ava mu giporisi aho i Bururi, akaba avuga ko, inkoho nyinshi zavuze kugira babuze abapfungwa bariko bikika mu kiza, kugira bace batoroka iryo bohero. Abaporisi kandi, bakaba baranakoresheje ivyuka vyokera, kugira bashobore gutesha ako kajagari kari kadutse muri iryo bohero, ndetse ibintu bikaba vyagiye gucureha ari ukwo, harinze kuza abasirikare bo mw’ikambi ya Ruramurangabo y’i Bururi, mu gihe abaporisi bari barengewe n’ako kajagari muri iryo bohero ry’i Bururi.

Uretse ko ako kajagari koba katurutse kuri abo bazanywe aho i Bururi bakuwe mu gisagara ca Bujumbura ku kwitwara nabi bagirijwe, haravugwa ko n’ukubona abatari bake bataraburanishwa canke ugasanga amadosiye yabo atava aho ari, biri mu bituma ako kajagari kaduka muri iryo bohero co kimwe n’abandi bama bashaka gutoroka, abaricunze bakabamira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.