IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Capitaine Evariste Nkuyehasi abarizwa mw’ibohero rya Mpimba

Capitaine Evariste Nkuyehasi abarizwa mw’ibohero rya Mpimba

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Evariste Nkuyehasi yahora ajejwe umutekano wa General Major Godefroid Niyombare yahoze arongoye urwego rw’igendereza, ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yashikanyweyo ahejeje kwumvirizwa na parake ikukira Marie ya Bujumbura.

Evariste Nkuyehasi yahora ajejwe umutekano wa General Major Godefroid Niyombare

Inyuma y’indwi zibiri zirenga gato apfungiwe mu biro bikuru vy’igendereza, Capitanine Evariste Nkuyehasi , yarinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba. Yarengutse, yongera arumvirizwa kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 ndamukiza. Umushingwamanza wiwe Henry Nyabuhanza, yavuze ko yabajijwe ku bijanye n’ibirwanisho biheruka gutorwa, ivyo navyo uwo aburanira akaba yamenyesheje ko ataco abiziko, kuko we azi ko yafashwe yagirizwa kuba atubahirije ingingo yamurungika gukorera mw’ikambi y’abasirikare yo ku Mutukura, mu ntara ya Cankuzo.

Umushingwamanza Nyabuhanza Henry

Henry Nyabuhanza avuga ko afise icizere ko ubutungane buzomurekura agasubira mu mirimo yiwe ya minsi yose. Mwomenya ko Evariste Nkuyehasi yari yafatiwe mu bunywero Cercle Nautique kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza, amakuru amwe yavuga ko yanyurujwe, ariko mu gisirikare biciye ku muvugizi Waco Colonel Gaspard Baratuza, bamenyesheje ko yahagaritswe kuko hari umutahe wamurondera.


Van Naris Mugisha

Messages

  • mana yanje dukureko akarenganyo uzobukoze ivobigwanisho bamubaza mana bagomba kudendereza Gn NIYOMBARE mana yacu turuhurire kuko turarushe nukuri dufashe udutezurire!!!!!!!!!!!!

  • Ntakarenganyo wewe ubivuze banza ureke ibintu bije ahagaragara hanyuma ubone kuvuga akarenganyo.wibaza ko bofata umuntu ataco yagira?wibagiyeko uwo ari umu FDD?iyaba ari umuKomagu hoho wari kuvuga vyinshi!!

  • Hahaaahhhhhhhhhh capitaine nkuyehasi ntacobamushakako ahubwo , bariko bategura ifungwa rya Général Niyombare ico mwomenya baramunyotewe sibo bazobona arinjiye agasho.Nukuri cndd-fdd tukayirererako iratumara, ubu imitwe yabo yashushe bativye barica, canke bakarenga amategeko kuko bazi ko NYAMIZI aribo bamuhaye.Kwitwa umurundi bisigaye biteye isoni.Ariko uwivye itunga ryigihugu, akagagirizwa ububegito bwose bamugira CHANCELLIER DES ORDRES NATIONAUX....... Uwuramvye azobona.

  • Mbega urusyo ruraho!!!!!! Nuko tugire turuture. abantu bose batavomye canke ngo basenye canke ngo baje gusuma nagira ndababwire uko bigenda. iyo wikoreye ibintu vyinshi uremerewe utaragera gushika wumva ari ibisanzwe , mugabo wegereje gushika canke utanguye kubona muhira bica bikuruhisha canegose ukagomba guta hasi, ubu natwe tugeze imbere y’irembo mwihangane.

  • Hahahaha............Mbeg’ubutungane bw’uburundi,hanyuma ngo bwotinya umunyagihugu muto?Hari umugani uvuga ngo:"uwahenye ntiyambara."ntibabeshe,ubutungane vyarabunaniye kwiyambika agashambara.

  • Iyinkuru niyumubabaro cane. Agasho sikeza kukiremwa muntu cose. Evariste twarakuranye muri Tanzaninia, twiganye hamwe kandi twakoreye igihugu hamwe. Nunurundi akunda uburundi nabantu. Je sindatahura ikibi yakoze catumye apfungwa! Nimumusubize mumirimo yiwe arere umuryango nabarundi. Kenny ndayiragije

  • Nibabarekure Bazobatege Hanyuma

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.