IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Charles Kabwa, umunyagihugu avuga ko yanyazwe amazu n’umugore (...)

Charles Kabwa, umunyagihugu avuga ko yanyazwe amazu n’umugore wiwe

vendredi 31 Nzero 2014

Charles Kabwa, umunyagihugu avuga ko yanyazwe amazu yiwe n’umupfasoni wiwe Ntitegekwa Marie Louise, ivyo akaba yabigize inyuma yaho uwo mugabo agiye kurwarira mu gihugu c’Ububirigi haraheze imyaka indwi.

Charles amenyesha ko, inyuma y’aho agiye kurwarira mu gihugu c’Ububirigi, yabonye ko ibintu bitameze neza n’uwo bubakanye, kuko uwo mupfasoni wiwe yaja muri ico gihugu ntaje kumusuhuza aho yari arwariye. Haheze iminsi, Kabwa avuga ko umutambukanyi wiwe yamusavye ko bokwahukana, Kabwa aravyemera ivyo kwahukana baraheza babigirira muri sentare yo mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi.

Charles Kabwa akavuga ko muri iki gihe, hari abantu boba bariko baramutera ubwoba, ndetse n’igihe yagira agaruke mu Burundi avuye mu Bubirigi akaba yarabuze aho ashikira araheza aja mw’ihoteri, aho yariha amafaranga ibihumbi 15 ku munsi, mu gihe amazu yiwe arihishwa amafaranga ibihumbi 5000 vy’amadolare y’Amerika ku kwezi ni, ukuvuga ko ari hafi amafaranga angana n’imiriyoniicenda z’amarundi, ariko we ntabone iyo ayo mafaranga aja, mu gihe avuga ko ubukene bumurembeje, atakigira n’ayo kwiyunguruza.

Umupfasoni Marie Louise Ntitegekwa akaba ataco yashimye kwishura ku bamenyeshamakuru kuri ivyo yagirizwa, igihe yari asohotse muri sentare. Uwo mupfasoni akavuga ko ari ukurindira ko sentare isomye urwo rubanza. Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike nka AJAP (Association pour une Jeunesse Africaine Progressive) iserukiwe na Eric Nsengimana arirongoye imbere y’amategeko, hamwe na bamwe mu bagize umurwi w’igihugu ukurikirana agateka ka zina muntu CNIDH bakaba bariko barakurikirana urwo rubanza.


Aristide Nizigire

Messages

  • AKARENGANYO!MANA!IMANA YIBUKE ABANYAFRIKA KUGIR BAMENYERE KURYA IVYABO BABIRIYE AKUYA

  • Yooh Louise urambabaje ingene nari ndakuzi neza tucigana none hamwe warongogwa na Charles jewe narabibonye ko wirukiye amatungo ntarukundo gwarimwo birababaje.

  • ARIKO BURYA ABAGABO NABO BARAGORWA ,,,,NTAVYO NARINZI,,NAMWE NI MUBANZE MWUMVE ,,NONE LOUISE WE MWIBAZA KO ATAKOZE MURI AYO MAZU...H ATURINDIRE SENTARE

  • Nareke kwambika Ibara uwo mugore wiwe turamuzi ubutore bwiwe! Ivyo abo bagabo babagwizatunga baja gukora iburaya ntawutabizi! Amaherezo y’inzira ni mu nzu Kabwa! Abahabara atari gusambura ntakindi! Karibu!

  • Burya ingwe igutwara umwana, ikagutanga kuraka,mbega aho wiha amenyo yabatwenzi, ubeshera umukenyezi wawe ngo yarariye ivyowasize, ahubwo ni wikebuke kuko umugore wawe turamuzi kandi nawe turakuzi, jewe tubana mu bubiligi, ivyo wakoza turabizi kandi ntawotwagwa n’abahabara ngo areke kurya abiwe ntakindi bigufasha atari kugusambuza; Ca make wibuke ko ufise umukwe n’umwuzukuru, ugire isoni; mbega ko umaze imyaka ndwi mu bubilgi, ubwo uwo kubaza ica wamariye abo wasize iburundi, ndeste kubambika ibara, wocerekana; Kira noneho nibaza ko ico yakoze yareze abana, uno musi ntiwari ukwiye kumutyoza ariko warukwiye mushimira cane kuko yakurereye neza, abana biga amashuli meza ntamatungo, abagore b’abarundi kazi bonona. ntaco yagurishije. Gira isoni zabasoma ivyo wandiste, wibuke ko mwahuye muri bato ata matungo mmufise kandi ayo ntawuyatwara mukuzimu, bose barayasiga, kandi wibuke ko mufitaniye abana, wihanganire abo wavyaye, ureke kubambika urubwa wiha amenyo y’abatwenzi. Nahanura gusa. Ubuntu burihabwa. Gira amahoro

  • oya louise aratubabaje twese ubwiza bwiwe ntawarazi ko buvanze ubusuma

  • NAGIRA NSABE ERIC AGABANYE, UKO kAROLI AZO KWIYUNGA NA MARIE LOUISE NTAVYO UZI NKUKO UTAZI UKO BAFATANYE. kAROLI NDAMUZI NEZA.AHUBWO RONDERA UKO WOBUNGA. NDABABAYE, NZOGIRA ICO MVUGA HANYUMA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.