IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bashirahishize : Abungururijwe mw’ibohero ry’i Murembwe bakorewe (...)

Bashirahishize : Abungururijwe mw’ibohero ry’i Murembwe bakorewe agatotezo’’

vendredi 24 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umushingwamanza Dieudonnée Bashirahishize asanzwe aburanira ya misore yagirizwa kuba yaratutse umukuru w’igihugu, ariyamiriza iyunguruzwa mw’ibohero ry’abo asanzwe aburanira kuko ku bwiwe, ari agatotezo bariko bagirirwa, agasaba ko borekurwa.

Mu gihe abo aburanira bungururijwe ibohero bakurwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba bajanwa gupfungirwa mu ntara ya Rumonge mw’ibohero ry’i Murembwe, Umushingwamanza Dieudonnée Bashirahishize asanzwe ababuranira asigura ati :’’ Biratangaje kubona bafungwa kandi hatigeze haboneka uwubagiriza, canke uwoba yavuze ivyo bartyoje umukuru w’igihugu, aho babivugiye uko babivuze n’uwabibonye, na ryari ayo majambo yoba yaravuzwe.’’

JPEG - 68.7 ko
Umushingwamanza Dieudonnée Bashirahishize aburanira abagirizwa kuba baratutse umukuru w’igihugu

Umushingwamanza Dieudonnée Bashirahishize abandanya avuga ko mu mategeko mpanavyaha mu ngingo y’378, avuga ko ico caha gishobora gukorwa biciye mu majambo canke mu nyandiko. Dieudonne bashirahishize akavuga ko ata rwandiko canke amajambo bigeze bumva abo banyeshure boba baratukanye, n’igihe cose bariko barumvirizwa muri sentare. Ikindi avuga n’uko ivyaha mwene ivyo bihanishwa umunyororo muto, cane nk’amezi atandatu canke ihadabu gusa, ku buryo umuntu adashobora gufungwa mu gihe icaha kitaramwagira.

Ikindi yiyamiriza ni kubona abo aburanira barungururijwe mw’ibohero rya Rumonge risanzwe rirugikwamwo abantu bamaze gucirwa imanza. Abandanya avuga ko ata mvo n’imwe ishemeye yotangwa yotuma bimurwa mu gihe barindiriye kuja imbere y’ubucamanza. Ari naco gituma, asaba ubutungane kurekura iyo misore abacamanza kurekura iyo misore kuko iriko iratotezwa.


Floxella Karire

Messages

  • Birababaje kubona abantu bafugwa atamuntu yabonetse abagiriza ivyo bavuze ahubwo murarabe neza abo bazamanza ntibabe baca imanza babwiwe kubwo gutinya igitsure cababahaye akazi banka kokoca gahe
    ra mugihe bacishije aho ukuri kuri

  • Nico gituma uwo yiyita umukuru w’igihugu ategerezwa guteshaguza hakiri kare akagenda. Ibi bintu ntibibaho. Noneho natahure ko adashobora kugenda akomerwa amashi na bose. Ntaho vyakabonetse. Narekure abo bantu bose yirirwa arapfungira ubusa. On n’en a marre. PITA DEGAGE

  • KUDAHANA KUGWIZAIMISEGA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.