IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > EACJ yakiriye ibirego bisaba kutitoza kw’umukuru w’igihugu Petero (...)

EACJ yakiriye ibirego bisaba kutitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

mercredi 8 Mukakaro 2015

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi ari kumwe n’ishirahamwe ry’abashingwamanza bakorera mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,barashikanye ibirego muri sentare y ‘akarere ka Afrika y’Ubuseruko kuwa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro.

Ivyo birego vyashikanywe muri iyo sentare mu ntumbero yo kuyisaba ko yohagarika ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi,hamwe n’umurwi utegura amatora CENI vyemereye umukuru w’igihugu kwitoreza ikiringo ca gatatu kandi kitubahirije amategeko.

Abo bashingwamanza bamenyesha ko bizeye ko nkuko vyerekanywe n’icegeranyo c’abayobozi mu bushikiranganji bw’ubutungane mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,iyo sentare izohagarika iyo ngingo iciye kubiri n’amasezerano ya Arusha,ibwirizwa nshingiro hamwe n’amategeko ashiraho akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi yari yaserukiwe n’abashingwamanza Dieudonné Bashirahishize,Gustave Niyonzima, Cyriaque Nibitegeka na Janvier Bigirimana.

Ivyo birego vyashikanywe muri iyo sentare, hasigaye iminsi indwi ngo amatora y’umukuru w’igihugu abe,mu gihe ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyo kwigiza amatora kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro bitoja mu ngiro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Turizeye ubutungane ko buzokora apana ubwaho muburundi bukoreramwo abahoze mumuhari urwana wa CNDD FDD bakaba bakorera kugitsure bamuhagarike hama baje bashiraho umutahe wo kwitaba ubutungane abazwe kuvyo yakoze noneho kira ntazobazwa ahubwo azohana kuko niyiri munda nuwoyibaza yokubwira amabi ya peter.

  • Bwabundi abantubaritwa incabwenge bataramenya igihugu nibwocosuzugurika hariho abantu nubwowobigihangange urashobora kurenga. Niba abashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro bafise ijamwo bavuze mubijanye nokwitoza kwa Nkurunziza wewe ushakakubahinyuza vyanditsehehe kowewe wemerewe kuzobahinyuza kuvyobazobabavuze canke kuvyovavuze vyanditsehe kohariho uwuzosubira gusirongora ivyobavuze nimumutubwire?.

  • Nibagende Bimare Biyararaze Kuko Ntakazi Bafise Bokora Bigira Abada Abaharanira Agateka Kazinamuntu Naho Baharanira Inyunguzabo Nkunda Kurya Yariye Igifyera Kimumena Amatama Abobasumba Inama Nshingamateka Yo Muri America Erega Uburundi Ntibutwarigwa Mumakungu

  • PETER UBWENGE BWARAGURUTSE ARAPFUMA YIYAHURA YACOTSE BAZOMU TWENGA

  • abarundi ntibakunda ni banseka mbabaye,ni bantikazohera nibindi vyinshi ariko iki kibazo kiroroshe cane jewe ndazi nobahuza mumisi 10 itarenga,abo bose ntawufise umugambi mwiza kubanyagihugu ni bansumirinda gusa,

  • emma
    ntangorane ntawupfa adasamvye, gerageze ntagihugu muriko muraronka kuko abanyagihugu nitwe dutanga ubutegetsi. Mukore ivyo mwaharuye mumukuye kunguvu sinziko igihugu cuburundi kizopfa gisubiriye kuronka amahoro. nyabuna nimuduhe amahoro twebwe ab

  • Iconokwibariza abobago mbekuberiki babanje kwicanokwicisha abanyagihu gu atacobazira bazira izonda zabo nibara ntantumwe yubaha kireramwa muntu ariko ubwobocamanza ntibwariho batari nzekunywa amaraso yebenegihugu nabo baze babazwe ivyobakoze

  • Reka Turindire Ikizovamwo Ariko Naho Havamwo Ciza Kuja Mu Ngiro Biragoy Can Mu Burundi Bwa Nyakubahwa Nkurunziza

  • Reka turindire turabe ikizovamwo

  • HUUUUMM murantwengeje ibwirizwa shingiro ntirivuguruzwa.

  • baca umugani k urucira mu ka so rugahitana .. .mb ni mwabonye kwisi c.constitutionel.ivuguruzwa?nibaza ko abo bashingwamanza batasomye neza ngo batahuri kimwe mu vyirwa bize citwa: DROIT INTERNATIONALE PUBLIC .Ntakuntu bokwungururiza ingingo ya c.c ari abanyagihugu basanzw cane ata mandat public bigez bahabw .nibaza k imbeba ziri mur plafond yirya greffe y,irya sentare zabatwenz.emwe akwosho nikabi.kury ni ukwisuzuguza gusa kandi bury barik bagirira nabi bene gihygu barenga77% bamaz kwemeza ko president piter yobarongora iyindi myaka itanu.

  • Mbega kobavuga ngo ni sociéte civile none uwo badashaka ninde? Ese uwo bashaka ninde? Abobagabo kubera bamenyereye kwica niyompamvu baguma babirota ijoro n’umurango,ariko uburundi bwubu sibumwe bwejo hahise oyaaa.... Nibagende bukebuke kuko bobo nuko bavuga twebwe kuntwaro yizombwa twavugirahe?mukudutoza amahera yamazi yo mumyonga kumbe ari ukugira barye ibindi atari zantete zibigori muze murabe ntanumwe muribo atari uwatoteje abantu 72 none bashaka kutuzanako intwaro zigikenye rekareka ubuho muzobikora aruko mwatumaze ntawuzoduterana intambwe,mbega izo nda zanyu kuva ahomwakaririye ntiziruzura? Zizokwuzura gute numuhonyo wanyu ,mbega imyaka 40 mwatwaye mwatumariye iki atari kuducura bufuni nabuhoro? Ariko biriya ntibizosubira tekereza tubane naho kubana namwe arinko kubana na marariya.

  • IVYO BAVYITA IGERE RYANYUMA IZO NGURUBE ZATURIY ABANTU N’IBINTU UBU BARIKO BIGIRA ABERE,BARAHUNZ NONE NGO BATWAY IBIREGO. BARABESHA IYO BAZOJA HOSE TUZOBARONDERA.

  • igihemwajamwibarara ntimwamenyako iyosentarekwiriho none murabonye vyakudeta kovyanse muribuseamategeko mwarahinyutse

  • Jewe uko ndabizi abo bagabo ni imfura. Niyo igihugu cava mukaga muzambikwa ikamba ryiteka nkiryo bazambika izindi ntwari. gusa Aho muba ntimuryame ngo musinzire kuko ababisha batagoheka nabo. Mwiyegereze abana babapfasoni banyu kugira batabatanya mugihe mutibaza. Mwirinde gusangira amacupa nibindi bituma mujandajanda mukiyibagirwa. Musenge buri munsi imbere yo gukandagira mwisi. Mugerageze mudufashe ntitubure intwari nkamwe izagiye zirakwiye. Impera yanyu irahari itari nkimwe peter yambika abishe. Mwebwe mjzoronka icubahiro kandi incabwenge nkamwe munezerwa nicubahiro. Ivyabandika ko muri bansumirinda jewe ndahamya gose ko muyisumira bivuye mukuri ni muvyo mubirira akuya. Mubwenge bwanyu. Mukomere ncuti uburundi. 👑👑👑

  • Eheeeee!abobacamanza barahagabir.bye bye

  • NONE MWARINZE KUJA
    MU MYIYEREKANO
    MUSHAKA IKI? NTIMUBE MWARAYITURA HAKIRI
    KARE?

  • Ico nzi izo ni imfura. Naho Ari bane baruta amagana meeeenshi yabategetsi babarundi. Kuko izo nincabwenge nayo ivya kino gihe muburundi hatwara iibijuuuuju (abaswa)ipete bariduza Selon numubare wabo Wishe. izo ntwari zizambikwa amapete nabarundi bumutima, igihe kizagera abantu bave murwobo dayimoni yabashizemwo. Ncuti komera kuko muharanira ineza yabarundi. ntimurakazwe nabandika ibibi kuri mwe kuko na Yesu yarazuraz, agakiza, agakora ibitangaza vyinshi ariko baramubamvye. Mwe muri intumwa, ntimwibaze ko bazotera amashurwe ibikorwa vyanyu. Gusa musenge

  • uravye aho bigez ikibazo ntikizotoregwa umuti na sentare.Kuko nuwutiz amategeko yogitangira inyishu.Ahubwo abarund bakwiy kwiyumvira ubund buryo igihugu kitaratabagara!Ariko umubeshi uramuherekeza gushika kumuzi.Nibabandanye urubanza naho atacovamwo bizofasha igihugu muri kazoza

  • uravye aho bigez ikibazo ntikizotoregwa umuti na sentare.Kuko nuwutiz amategeko yogitangira inyishu.Ahubwo abarund bakwiy kwiyumvira ubund buryo igihugu kitaratabagara!Ariko umubeshi uramuherekeza gushika kumuzi.Nibabandanye urubanza naho atacovamwo bizofasha igihugu muri kazoza

  • BAGOMVYE NABO TUBAMENYE KO BAGIYE I DARESALAM. HEEEE, NI BAGOROROKE MU MAKOTI NA MA BADGES NGO BAGIYE GUKURA PETER, NDABATWENZE!

  • Abo bagabo boose uko ari 4 bagiye kwicira inoti ntabindi! Inkona ntiyaruzwa kirazira!!

  • ubu rero babonye bononye ibintu baturiye vyinshi namazu menshi bumvise biriko bibakomera induru baca baza mumasentare nayo?haaaaaa!akumwana karayoye ivu!!kare mukuza mumabarabara bari bahanuze iyihe sentare canke kobari bababaye baca baza muvyo kwihanira?ahubwo bari bakwiye gufatigwa ibihano namakungu.

  • ariko aba bagabo bagira bagarure ivyamoko mû Burundi. none KO ndaba ata muhutu urimo KO zibazi Bose bujumbura iyo bakorera. bagira baduteranye n abahutu kandi ivya moko Peter yari yabihejeje. barihenda kuko ivyo bagenzi babo ba pacifique bateje ni bibi cane ayo ma dollar ya USA bariko barya ngo bazakura NZIZA bazayaruka nta kavuyo tukorondera mû Burundi bakajane iyo bariko bahungira

  • ariko aba bagabo bagira bagarure ivyamoko mû Burundi. none KO ndaba ata muhutu urimo KO zibazi Bose bujumbura iyo bakorera. bagira baduteranye n abahutu kandi ivya moko Peter yari yabihejeje. barihenda kuko ivyo bagenzi babo ba pacifique bateje ni bibi cane ayo ma dollar ya USA bariko barya ngo bazakura NZIZA bazayaruka nta kavuyo tukorondera mû Burundi bakajane iyo bariko bahungira

  • Rira bien qui rira le dernier!
    Hahirw abarira ubu kuko bazitwenga, hagowe abatwenga ubu kuko bazirira!
    Ndavuga simvura!

  • KUBWANJE MBONA ICOKORWA ABARUNDI TWESE ATAWUVUYEMWO TWOJA MUMAFPUNGO TUGASABA UHORAHO RUGIRA,IKAGIRA ICOYOKORA K’UBUBURUNDI BWACU.

  • NIMUMUTANDIKE.UYOMWICANYIPITA,YITWAFARAO,NIWEYISHENAYESU

  • Turi kumwe nabo kko nta gushigikra ububisha ubwo ari bwn bwose. Uwo nawe avga ngo ntibibuja Droit international public ni yijinyikire usanga atazi neza imiliyoni iyo système yabo yavumwe yaka kugisa itange akazi. Mbega iyo mushikawe aba urya Rwembe yiciye umugabo cke umwe muri barya babikira uba wigera hasi kubura hejuru mu gu soutena ibisutamye? aho nyne wosanga utukisha Imana ngo uri umukristu! Soma Zaburi 50,16-22.

  • None ko umukuru w’igihugu amatwi yayazibiye,yumva mandat ya gatatu akaba atanakimwe yubaha canke yubahiriza,iyo sentare se izomugira iki? Erega ntanakimwe amategeko amubwira.Dusenge Imana basha,haraho izomudukurako ari mwiza canke ari mubi

  • Ntawishe gusumba abatutegej ingoranan gobaraja mumtiyerekano.ehendabira bafashe ibintu vyabarundi barishe,ibindi barivye, ibindi baraturiye.nne ayo nanahoro bashakir abarundi? Canke ninabi bashakira igihugu nabanyagihugu?

  • Turizeye Ko Tugiye Kurenganurwa Komeza Muduserukire Iyi Ntwaro Yaturambiye N’iy’umukazo

  • ariko mubagabo bane aharabuze nuwovamwo akarushubwengabandi?birababaje kubona mwarafashe igisagara cabujumbura capital du burundi mukayicikisha twalete abana bigihugu mukica amaradiyo mugaturira igisagara ca bujumbura kigacika sodomu nagomora ngo mushaka gutwarigihugu atabwenge mugira!!ijambo ryimana rivuga ngo ukuganza kuva kumana)kandi (itangurir ryubwenge nukubahimana)birababaje kutubahimana!!harihageze igihe igihugu kibakarorero mubindi bihugu abakirongoye nabakibamwo bakambikwiteka kumana nimbere yamahanga none nimwe mucatse agaciro muzobazwa vyishi!nkurunziza nawe nimumureke ahubwo twibaz kwaruwimana yarungitse ngwakore ibitangaza nibimenyets mugihugu cacu!imana ibandanye kumuterintege mukurongora igihugu cacu,abo bagabo nabo mwihangane!!

  • ew bdi ugow’ukiriko,kubon’utwarwa numujakuzimu kwambaza lusifeli hama akabesha ngo aseng’Imana yukuri!ariko rindira gato Imana yo ntikinishwa,izomwerekana ku mugaragaro!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.