Accueil > Amakuru > Ubutungane > Epithace Nshimirimana yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba
Epithace Nshimirimana yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba
vendredi 14 Myandagaro 2015
Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega, ntakibarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Epithace Nshimirimana yatorotse iryo bohero, ubu akaba abarizwa muri kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise n’uko Epithace Nshimirimana yatorotse ku wa 10 Myandagaro, afashijwe na bamwe mu baporisi b’igihugu. Abo baporisi bamufashije gutoroka, akaba aribo bamufashije no gusohoka imbibe z’igihugu inyuma y’iminsi itatu ari hagati mu gihugu c’Uburundi. Epithace Nshimirimana akaba yari yafashwe ku wa 12 Rusama uwu mwaka, afatwa n’abantu atamutahe bamweretse babanje kumushira igitambara mu maso imbere y’ibitaro vyitiriwe umwami Kheled mu Kamenge, ndetse muri abo bamufashe, hakaba harimwo abaporisi yemeza ko yamenye, aho bamuboreje igufa.
Muri abo Epithace Nshimirimana akaba yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko harimwo uwitwa Stanny na Wilson, aho avuga ko bitebe bitebuke azitura ubutungane, aho bamuboreje igufa iminsi igera kw’icenda mu biro vy’igendereza i Bujumbura. Epithace Nshimirimana akaba abaye umunyeporitike atorotse ibohero rikuru rya Mpimba afashijwe na bamwe mu baporisi inyuma ya Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Aristide Nizigire
Messages
14 Myandagaro 2015, 18:17, par Bîzoba
Pole sana uwundi musi bazosa nga mpimba yose yagiye kandi vyoba ari vyiza cane
14 Myandagaro 2015, 18:29, par yusuf
ndabaza leta, nikuci aba mutabafungira hamwe Ndadaye bamufungiye 2jrs mbere yuko agandagugwa? mbe uyu yagira yubake uburundi canke yagira abuturire? none yagira arondere icibanza ca politique? nagende naruha kuba impunzi azogaruka azobaze ababaye muri ubwobuzima uko bumera.
14 Myandagaro 2015, 18:39, par uwimana
igire.mutama imana igufashe kandi imana yongere ihezagire abo bagutorokesheje
14 Myandagaro 2015, 18:40, par bob
Imana ntizoza iremera ko inzirakarengane baguma mu buroko izobacira icanzo.
14 Myandagaro 2015, 19:16, par Gérard
Kwigiranisawa ariko abamufashijenibace bacshira ahoyarari kukayonamanyanga
14 Myandagaro 2015, 20:41, par Jeam
Uwomumenja Yagiyehe,agirimana Azogume Iyagiye.Canke Mukuza Azozanane Nayamihimbiri Iza Ivugako Ijegutera Reta Kandi Arukwiyahura?Hawa Abobaporisi Batorokesha Inkozizikibi Bamenyeko Aribo Barondegwa Aribo Babangamiwe
14 Myandagaro 2015, 21:03, par giswi
abo bapolici bagiz neza kko umunt apfungwa kko yarenz amategeko. non ubu kizigenza niw afat iyamber mukurwanya no kureng amategeko.
14 Myandagaro 2015, 21:07, par Burakuyobeye
Unve uyonawe ngwaziturubutungane ubutungane nubwonyene bwagushize mugasho burakudatera utemaguza
14 Myandagaro 2015, 21:40, par kanyarwanda
Abo baporisi bakwiye kujyanwa aho iyo nkozi yikibi yari ifungiye bakayisimbura kuko ntibyumvikana!!
14 Myandagaro 2015, 22:22, par Kariyo
Imana Ishimwe
14 Myandagaro 2015, 23:13, par kajondi
mana ishimwe inyota yamaraso ntirahera aho mubabajwe nayo maraso yuyo munntumwe atorose amaraso mwanyoye ntarakwira hahaha muragowe mugiye kwirasa ikiremvye
14 Myandagaro 2015, 23:15, par JERARI NTAKIRUTIMANA
NIVYIZA KO ABAZIRA IVYIYUNVIRO VYABO VYAPORITIKE BISOHOKERA
14 Myandagaro 2015, 23:16, par JERARI NTAKIRUTIMANA
NIVYIZA KO ABAZIRA IVYIYUNVIRO VYABO VYAPORITIKE BISOHOKERA
14 Myandagaro 2015, 23:24, par JERARI NTAKIRUTIMANA
NIVYIZA KO ABAZIRA IVYIYUNVIRO VYABO VYAPORITIKE BISOHOKERA
15 Myandagaro 2015, 04:54, par venant
Imana ikomeze ikurinda abo bi canyi biyo leta ya abasahuzi n abicanyi
iyaba abandi ba polisi bofata ako karorero.igihugu co kwogoroye
15 Myandagaro 2015, 05:35, par Falcon
Genda mutama uruhuke,iyo mikoma yaba CNDD-FDD imisi yabo iri kurushi.
15 Myandagaro 2015, 06:43, par DEGRATIAS
Inzira karangane irenganurwa nuwariwewese azi ukuri.Abo baporisi bakoze ico babonye ko gikwiye.
15 Myandagaro 2015, 10:22, par tuveko
Kanyagwanda na jeam muratweza peee nubuntimubona komwihenda abakundigihimugu nahomurikumwe mbe sobuja arihe ninde yamushize aho ari ubu
15 Myandagaro 2015, 10:47, par nshimirimana
Pole mugenzi. Imana ishimwe kuri ivyo bitangaza yagukoreye. Twizeye ko izobikorera n’izindi nzirakarengane!
15 Myandagaro 2015, 21:46, par muzamukira
Azagaruka abamesa kabisa nabonye arakaye. Mbega burundi umuntu yatoroka gereza gute? ahaaa abari kubutegetsi bashobora gut in gutungurwa nibishobora gushika batabyiteze mugabo .
16 Myandagaro 2015, 06:56, par NikobamwYE
Ariko Ntivyoba Vyizako Umuntu Yohohoterwa Cane Mugihe Caho Aguye Mucaha
16 Myandagaro 2015, 15:39, par BONA
YUSUF NDAKUGAYE CANE!! NTABWENGUGIRA KOKO! MBE MUBUHUNGIRO NO MUMPIMBA NIHE HARYOSHE KUBA? URINTERAHAMWE NDAKWUMVA GERERANYA NIMBA UFISUBWENGE HAM UNYISHURE!!
16 Myandagaro 2015, 16:12, par fabrice
Bipfa kubananira kubera amategeko mabi yigikenye abananiza ahandiho ukuri ntiguseswa kandi ntikwigera gutsindwa!Nabandi bazotorokeshwa kuko umutekano wabanyagihugu ntibagishoboye kuwurinda kuvaho babacangiye nimbonerakure!
17 Myandagaro 2015, 12:00, par evariste
REKA KUVUGA KO YATOROTSE, BARAMUSOHOYE BAJA KUMWICA. IVYO BIRAZWI YASOHOWE TUBONA.
17 Myandagaro 2015, 12:00, par evariste
REKA KUVUGA KO YATOROTSE, BARAMUSOHOYE BAJA KUMWICA. IVYO BIRAZWI YASOHOWE TUBONA.
17 Myandagaro 2015, 12:00, par evariste
REKA KUVUGA KO YATOROTSE, BARAMUSOHOYE BAJA KUMWICA. IVYO BIRAZWI YASOHOWE TUBONA.
17 Myandagaro 2015, 16:26, par Gaca
INZIRAKARENGANE MUBURUNDI ZIRAHARI NABATOROKA BAROGUMA BATOROKA NONE BAZIRA UBUSA EREGA IMANA NTIRENGANYA %
17 Myandagaro 2015, 22:47, par Yoronimu
Inkuru Ishushe Epitace Duhuye Atemba Mukiyaga Abamuzi Sumugabo Muremure Nka Kanyobya? Abavuga Ngo Yatorotse Mbega Yojana He?Ndakugarika Canke Kazungu Nbega Iyonyenz Yakanz yakazur Umengo Nuturato Twabana Yotujana He?Nakabanga Ndabibiye Ntamuryango Wiw Uzorira Nketwebwe Kur Adolphe Murakaruhinyo
28 Myandagaro 2015, 03:25, par Mubano
Icamberenambere usimimana yokongeyimisi i 2 ufitwutamira utamire ndaguhayepore wewavuyemuminweyabaryagabo urinagatwekagumye pe