IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Evrard Giswaswa yarengutse muri Sentare ntahinyuzwa

Evrard Giswaswa yarengutse muri Sentare ntahinyuzwa

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wa gatatu niho uwahoze arongoye igisagara ca Bujumbura Evrard GISWASWA yarengutse muri sentare ntahinyuzwa, aherekejwe n’abamufasha kuburana. Kubw’umushingwamanza wiwe, basubiye muri sentare ntahinyuzwa igisata gisubiramwo imanza kuko bari basabwe ko aburana yidegemvya ariko ababuranira Leta baravyanka.

Nk’uko vyashikirijwe n’ umushingwamanza wa Evrard GISWASWA ariwe Salvator KIYUKU, uwo aburanira afunzwe ata mategeko akurikijwe kandi n’umurwi wamufunze nta vyagiriji bitomoye watanze. Ku makenga ko uwo aburanira ashobora guhunga ubutungane , amenyesha ko Evrard Giswaswa yitavye wenyene ubutungane atagoberewe kandi naho umutahe wo kumurengukisha yawuronse ari hanze y’igihugu, ntivyabujije ko yitaba ubutungane atahutse ava mu rugendo yarimwo.

Umushingwamanza Salvator KIYUKU ashikiriza ko habuze ishaka ry’abacamanza kugira uwo aburanira arekurwe aburane yidegemvya. Mu masaha atarenga 48 niho Evrard GISWASWA aza kumenyeshwa ko azoburana yidegemvya canke aza kugumizwa mw’ibohero rikuru rya MPIMBA.

Umushingwamanza wiwe akaba afise icezere ko uwo aburanira agiye kurekurwa. Tubibutse ko Evrard GISWASWA yafunzwe ahorwa itunganwa ribi ry’isoko nkuru ya Bujumbura ryatumye isha igatokombera ku genekerezo rya 27 Nzero 2013.


Patrick Wasso

Messages

  • jewe ndiko ndaraba ibiba mu Burundi mwabino bihe niyumvira vyishi:uwahoze arumukuru wigihugu yarapfunzwe kadege arapfungwa ell-haj husseni radjabu arafunga,ndibaza kwino si igihangange ninde??????????? Ehe raba nuwo tuticura yapfunzwe Mr Evrerd GISWASWA Ancier maire de la ville.kandi rwakari inyuma karahinda hari nabandi banurwanurwa niturindire uw’Imana izotereka azobibona

  • Jewe gifungwa sindabibona ingorane igihe upfunzwe wagirijwe ivyaha! None icaha cagira Evrard ni ikihe? Jewe mbona kiraba ba Ingenieurs gusumba Giswaswa yari arongoye MAIRIE ya Bujumbura. Abandi bagkwagirwa n’icaha n’abaturiye Isoko gusumba uwongereye Kioske canke Boutique. Aka ni akamaramaza muri Justice y’Uburundi. Ni bamufungure nyabuna, bashakire izindi mvo zomugumiza mu munyororo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.