IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ferederiko Bamvuginyumvira yarekuwe vy’agateganyo

Ferederiko Bamvuginyumvira yarekuwe vy’agateganyo

jeudi 20 Ntwarante 2014

Frederic Bamvuginyumvira icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu akaba yarabaye n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yarekuwe vy’agateganyo, inyuma yaho afatiwe, agapfungwa yagirizwa gushaka gutanga igiturire.

Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu

Frederic Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu bivugwa ko yoba yasabwe ingwati y’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi, kugira itegeko ryo kumurekura rifatwe. Yari yafashwe ku wa 5 Kigarama umwaka w’2013, aca ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku wa 9 kigarama uyo mwaka nyene. Yafashwe n’abaporisi bo mw’igendereza yagirizwa kurenga ibigo, ariko guca ajanwa mw’ibohero rya Mpimba inyuma y’iminsi ine, ariko ico caha caca kikaba cavyaye ko yashatse gutanga igiturire, mu kugiha abamufashe kugira bamureke. Abatari bake rero, yaba umuryango wiwe, abo bari mu mugambwe umwe canke abandi bo muyindi migambwe, ndetse n’abaharanira agateka ka zina muntu, n’amakungu, bakaba barasavye ko yorekurwa mu gihe abo bose bavuga ko ari irementanya yagiriwe kugira acafuzwe, mu gihe vyanurwanurwa ko ariwe yoserukiye Ikibiri mu matora yo mu mwaka w’2015.

Ferederiko Bamvuginyumvira akaba amagara yiwe yari amaze iminsi amukitse, ndetse bikaba vyaranashitse aho, atitaba intahe, yitavye naho, akaburana yicaye. Ku wa 20 Kigarama umwaka uheze, Ferederiko Bamvuginyumvira bikaba vyaravuzwe ko yagira arekurwe, ariko mu nyuma, hakaba hari amategeko kugeza n’ubu atawuramenya iyo yaje azanana, yabuza uwo munyacubahiro guhabwa uburenganzira bwo kwidegemvya mu biwe no mu vyiwe.

Kuri uyu muhingamo w’igenekerezo rya 20 Ntwarante, bimaze kumenyekana ko yarekuwe, ubutumwa bw’abantu batandukanye bukaba ari bwinshi ku buhinga ngurukanabumenyi bwa facebook, aho abantu batandukanye bariko barasaba ko n’abandi bapfunzwe borekurwa. Muri ubwo butumwa, tukaba twashoboye gusoma ubwanditswe na Pacifique Nininahazwe asanzwe arongoye ishirahamwe FOCODE, aho asaba ko n’abandi banyeporitike bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo bitandukanye n’ivyabatwara, borekurwa.

Aha akavuga nka Hussein Radjabu, Misago Edouard batazira Fundi wo mu mugambwe FNL urongowe na Agathon Rwasa, n’abanywanyi b’umugambwe MSD baheruka gufatirwa mu ngoro y’uwo mugambwe hamwe n’abandi, ndetse bamwe muri bo, bagasabirwa umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwose.

Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD

Aristide Nizigire

Messages

  • Nka bamwe muri twe bato bato umuntu ntiyoba yihenze cane mugihe yovugako mu Burundi no mu Rwanda intambara y’UBWOBA iruta iy’UBGOKO bitandukanye n’uko vyahora! None aha novuga iki? Nobwira Abarundi n’Abanyarwanda kugenzereza ibihe bakihweza neza abantu bahoze babahamagarira kumarana bitwaje amoko ko bababesha, Vy’ukuri abatware bacu iyo bagejejwe ku ngoma n’Ubwoko bihutira kwikiza inzara, ukuo batamira ijisho rimwe kw’isahani, irindi rigahangwa kuwubareba ku munwa, amaboko akihutira kumwikiza kuko umutima uba wuzuye UBWOBA ko bahava bakwega isahani! Amaboko yabo azi kuyora no kwikiza;Ntazi ivy’amoko. Benedata nkunda ubundabunda aguhendesha ubwoko ngo; witeranye n’uwo murahuranira umuriro, akaba n’umuzimya wawo, uramutungire agatoki ibukuru(Bujumbura na Kigali), Aboneko ivyiwe bitagezweho ahindurire isaha ku gihe!!!

    Ntacomfa nabo mushaka mworeka ubutumwa bukarengaana nkibwirira abo tureha (abanyagihugu ba nyarucari/abaturage ba rubanda rugufi), Ntimukiteranye n’ababanyi mupfa babisahurira mu nduru)

  • Ginda uruhuke mutama ntaco wazira ,abo nabo bakugiriye ivyo ubasabire ku Mana yo rugira vyose izokwishurira kuruwowese yagize uruhara mwifungwa ryawe

  • Nibarekure nabandi banye politike kuko bazira ivyiyumviro vyabo vya politique.iyo leta imenyeko Turi mu ntwaro rusangi.kandi ata migambwe nywinshi ihari ata democratie iboneka,ntibagire nka kagame kuko politique yuburundiiratandukanye niyo mu Rwanda,irya dictature kagame akoresha ntayo boshobora.

  • Niyirambire ntakintu kibabaje nkugukungwa ugwaye nababarire abamufunzebose kuko ngira ntibazi igene bibabaza.ariko Imana izobishura impera yumwumwewese yakoze.

  • Mbega inkuru iryoshe kaze mutama mumuryango wawe ukomere mubawe .ndanashimiye ncane umupfasoni wawe yabaye intwari mubihe vyari bigoye ,abasi baribeshi bashaka kurugo rusambuka ariko akaba magabo imana imwongere umugisha komera ncaneeeeeeeeeee

  • Nahora nsaba leta ko yohagarika amashure yabiga ubucamanza ko yohagarikwa vy’imfatakibanza kuko nabahejeje batonda kukazi gusaba ivyobarya nabo ngo bariguca imanza,none biratanguye kuza!

  • ASANGWE MUBIWE DUHE TEL YIWE TUMUHE UBUTUMWA

  • None bashaka gusa 1000000fbu mikukurementaniriza?iyo bayasaba abakunzi bari kuyatanga batabanjije kukwambika iceyi.Bashaka kwonona dossier kugira 2015 bamuze kwitoza ngo ubutungana buramukurikirana muzoba mumbwira.Ariko mutama usenge kandi ubaharire kuko guharira bitanga amahoro nayo uguhora nukw’IMANA.

  • Uwo mushingantahe Banvunginyunvira ntiyafunzwe na batutsi ni ntwaro ya bahutu nkawe bamurementanirijeharya ntihica ubwoko hica intwarombi , abahutu bicwa , bangazwa , bafungwa nintwaro ya CNDD bararenze.

  • Komera Mutama Bamvugunyimvira ,Aho ntibazi ko beretse amakungu ko uruwo gutinywa .

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.