Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubudandaji
Flydubai igiye guhagarika ingendo mu Burundi
Yanditswe taliki ya 2-01-2016 - isaha 15:35' na IGIHE

Inyuma y’amezi icumi n’ane ikorera mu Burundi,Ikompanyi y’indege Flydubai yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2016 igiye guhagarika ingendo yahora igira mu gihugu c’Uburundi.

Sudhir Sreedharan icegera c’umukuru ajejwe ubudandaji muri Flydubai yabwiye ikinyamakuru The Eastafrican ko badahevye Uburundi,ariko ko bahagaritse ingendo mu Burundi kubera imvo z’ibikorwa kandi ko ibikorwa bijanye n’ubudandaji bazobandanya babikora.

Ikompanyi Flydubai yamenyesheje ko ku ngenzi zoba zaramaze kugura ama tike y’indege canke abazosanga barishe menshi bazoyasubizwa.

Ibikorwa vy’ikompanyi Flydubai vyahagaritswe kubera ibihe vy’umutekano muke Uburundi bumazemwo igihe bituma ibikorwa vy’ubudandaji bitabandanya neza mu mice itandukanye y’igihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

Icaricabakweze Kizobagarukana.Nimugende,nakare Mumisi Nimwebwe Mwogiye Murazana Abaduhungabaniriza Umutekano Wacu

3.01.2016 à 12:54
Charle Ngendakumana

Ningorane sivyimbeshere.

Narumvise ko uburundi igihugu bavuga ko cikwije ataninde ( AIR BURUNDI) nimwe ikibaho. Ntaninyoni.
Urwanda rwaragabanije.
Dubai ati bayi
Kenya nabandi nabo bari inyuma.
HATAGIZE IGIHINDUKA ICITWA IKIBUGA CINDEGE KIZITWA IKIBUGA C’INKONA ZISHONJE CANKE ICUMUPIRA WAMAGURU.

3.01.2016 à 00:33
Abizera

Mbe si mpaguhe ?
Indege siyo yonka
Nibagende

2.01.2016 à 22:50
fils

NIBA MWAHONVE NIMWIGIRE TUZOSUBIRA AKARYOSHE KARIBURUNDI

2.01.2016 à 18:11
INTAGOHEKA

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.