IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Focode isaba ko umukuru w’igihugu ariwe yokwishura ku bibazo vy’abanyagihugu

Focode isaba ko umukuru w’igihugu ariwe yokwishura ku bibazo vy’abanyagihugu

jeudi 26 Kigarama 2013

Ishirahamwe Focode riranegura uko ikiganiro c’abavugizi b’ubushikiranganji n’inzego zitandukanye, cama kiba mu mezi atandatu gitunganijwe. Muri iryo shirahamwe bavuga ko vyari bikwiye ko umukuru w’igihugu, ariwe yokwitaba ico kiganiro afatiriwe naho hakagenda ivyegera vyiwe bibiri, kuko abarundi batatoye abo bavugizi.

Mu gihe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Kigarama hazotunganywa ikiganiro kidasanzwe c’abavuguzi b’ubushikiranganji n’inzego zitandukanye kiba buri mezi atandatu, ishirahamwe Focode (Forum pour la conscience et le developpement ) risaba nyakubahwa umukuru w’igihugu ko ariwe yari akwiye kuja kwishura ibibazo afatiriwe naho, ivyegera vyiwe bibiri bakaba ari aribo bitaba umwe wese akishura mu bisata asanzwe ajejwe. Ku bwa Pacifique Ninihazwe arongoye iryo shirahamwe agira ati : Ni ukuri turashima ako kigoro Reta yakoze ko kuza baratunganya ikiganiro ku bamenyeshamakuru bakabaza, ariko turanegura ukuntu gitunganijwe, abarundi ntibatoye abo abavugizi b’ubushikiranganji, ijambo ry’umuvugizi ryama ari imfatakibanza, gushika bene amabanga bavyemeje, noneho abavugizi ntibashobora gusubirira abatowe n’abanyagihugu.

Biragoye ko abavugizi 30 batanga amakuru atomoye kandi akwiye ku vyaranguwe (bilans et orientations) canke imigambi Reta ifise, mu kiganiro kimwe gusa. Ku bisanzwe abavugizi batanga umuco canke bagatanga inyishu ku makuru aba yihutirwa (petites clarifications ou des informations urgentes). Mw’ishirahamwe FOCODE bavuga ko gukora ikiganiro kimwe, harimwo abavugizi ba Reta, abavugizi b’inama nshingamateka hamwe n’urwego rw’ubutungane, bituma haba amadidane ku kuntu ibisata bitunganijwe bigabuye aho inzego zidatandukanijwe.

Muri iryo shirahamwe basavye kandi ibimenyeshamakuru bizoba biriko birashikiriza ico kiganiro, ko inyuma boca batunganya ikindi kiganiro kirimwo abahinga, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta kugira nabo bagire ico bavuze. FOCODE kandi isaba abarongoye urwego rw’igihugu rujejwe kumenyesha amakuru CNC (Conseil national de la communication ) ko yokwinjira mu gutunganya neza ico kiganiro kugira abanyagihugu baronka inkuru ikwiye. Ku bwa Ninahazwe avuga ko bitumvikana ingene abanyagihugu bategerezwa kwumviriza ikiganiro kimwe mu masaha atatu, bumviriza ururimi rw’umwe gusa ata vyiyumviro bitandukanye.

Iryo shirahamwe ryarangije risaba abamenyeshamakuru bazotunganya ico kiganiro kubaza ubwa mbere na mbere abo bavugizi iyo ababarongoye bari, ibikorwa barimwo ku buryo babura amasaha abiri mu mezi atandatu, yo kwishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu.


Floxella Karire

Messages

  • wagira pasifique niwe asigaye aramutswa igihugu none ariko ashinga amategeko ...rindira kandi aho uburundi bugeze sinzi igihe tuzokwizera umuntu nkawe ngo aturongore pasfique .. ukamanika wicaye mukukamanura ugahaguruka mweho sinzi ngo nuguhaguruka gusa kuko ntimuzongera gira amahoro

  • Jewe numvirije ivugo ya Pacifique Ninahazwe ntaho itandukanye nk’umuntu arwanya ibikorwa na Reta,naho avuga ko adaharanira inyungu za politike,ahubwo we numunya politike mubi cane,ashakako iyi ntwaro yohava.avuga ivugo zumunyamayeri,ni zagahemo,nasabako abaturongoye batosamazwa nizo vugo zuyo Pacifique bozirwiza nubusa bakamufata nkumunya politike abarwanya nkabandi banya politike.

  • Pacifique Nininahazwe, ni vyiza kugira ico umuntu ashikirije. Ariko kwama wafashe iyambere unanegura intwaro ho gushikiriza iciyumviro runtu no mu rupfasoni, biraturambira. Mbe uyobewe ko abarundi badashima kwiyerekana no kuja hejuru? N’aho hari ibitaratungana mu Burundi, nibaza ko hakwiye urupfasoni na cane cane ku nzego nkuru z’igihugu. Nimba FOCODE yawe yakomboye FORSC...!!! Ico bikoze, umenye ko guhabwa micro par nos differents journalistes ari uburenganzira bwawe, une fois bakwemereye canke bagutumyeko, ariko ni ukuraba ivyo uvuga n’ukuntu ubishikiriza. Kenshi maze kubona no kumva, si bose babishoboye. Ubu abarundi turi maso kandi musa n’abibagira ko amaradiyo atandukanye yagwiriramye mu Burundi. Ndetse amategeko atanga uburenganzira bwo gushikiriz’inkuru, sinzi ko hari iradiyo canke ikinyamakuru kizokwemera kwiteranya na benegihugu babona ko bariko bakinishwa. Demokarasi oui, ariko umwe wese, ni avuge anakore ico agenewe. Gukunda igihugu no korondera kucigura, biravukanwa/ni ingabirano kandi bifise ingendo bikurikiza. U Burundi ni buto kandi abantu turazinanye. Kimwe na Alexis, Leonce na Madame Kazoviyo, genze buhoro mwoye kuyogora musarare/guhazirikana. Je ndi muto kandi ntaco mparanira, atari amahoro n’iterambere y’igihugu cacu. Ndangije nkwibutsa ko "ufise umutwe muto, awurinda uruguma".

  • Nininahazwe Pacifique canke FOCODE
    "Focode isaba ko umukuru w’igihugu ariwe yokwishura ku bibazo vy’abanyagihugu ". Ndavye imvugo n’inyifato ya Nininahazwe Pacifique avuga ko umukuru w’igihugu ari we yokwishura ku bibazo vy’abanyagihugu, mbona yihenze cane akanahakwa kugereranywa na Sinduhije Alexis. Umuntu atemeye intumwa canke ntayubahe anategere ikimugenza, sinibaza ko hari iciza aba yipfuriza nya muntu. Ku bwa Nininahazwe, umenga yipfuza ko Nkurunziza yoja ahamagarwa n’abamenyeshamakuru mu biganiro bitandukanye nka Kabizi kugire abanyagihugu bamubaze anaburirwe icubahiro, binashobotse abwirwe amajambo ya muhe. Yemwe basokuru barayamaze ngo umuhanuzi mubi angana n’umurozi.

  • FOCODE,ABAVUGIZI BABASHIKIRANGANJI IVYOBAVUGA IFISE IGITIGIRI KINGANAGUTE CABENEGIHUGU BAYIBWIYE KOBATANEZEREZWANUKO ABOBAVUGIZI BAZAKWISHURA IBIBAZO?!!!!!!!!!!

    FOCODE nayandimashirahamwe amezekayo barabeshe abarundi namakungu ngobashizeho amashirahamwe adaharanira ivyicaro kandaribakidovya! kugezanaho umuntabarevye yofuma yibonera abobanye politique bobobemezako baharanira ivyicaro, nayo aboba FOCODE iyaba tudafise igitigiri cemeye cemeye ko arugusangira ivyigihugu amokoyose FOCODE ishaka kwerekanako igihugu kirimwokiratwarwa harimwo nabahutumuntwaro kwatakigenda mazerero bikacabiborohera kwinjizamwo iturufu kubera bamwe baharanira ivyicaro bacabibaza ko barimwobarabafasha gutesha icubahiro abarikubutegetsi bakacabibaza ngo FOCODE ngwiriko iravugukuri. Ariko ivyontibintangaza nomubahutu harimwo abagifise umutima wokwanka urunuka CNDD FDD ngokuko yafashe umwanyawambere mukubonako uburundi butwawe namokoyose atawukumiriwe arivyovyobavyiza, arikontibabifobora mukubamenya uzosanga ivyizavyakozwe kuva CNDD FDD yajakubutegetsi badashaka kuvyemera ahubwobagashima uwuvuga ibibigusa, hariho nabandi uzosanga bavugango umugambwe UPRONA ngowagizenabi ngokukowemeye gufatikanya na CNDD FDD mugutwara igihugu kugezanaho bamwebahisemwo kwitandukanya nabobasangije umugambwe , Amahirwe uburundi nabarundi tugira nuko incabwenge nyishiza abahutu, abatutsi na batwa zarahiye zikarengwako igihugu c’Uburundi aringombwako ayomokoyose arukuguma bifashanyiriza canke kubana hafinahafi mumaorwa nomumahirwwe mugukenyura ibibazo vyagoranye atagushiramwo agatima kubwiyorobetsi.

  • Jendavye abo bagabo bavuga ngo ntaho begamiye muvyapolitique barabeshaumwanya wose bama bari kwishirimbere naho baronderainyungu zabo gusa ahandi naho ugasanga bari gutumwa nabatemera ivyavuye mumatorakuko ivyo bavuga vyose ni politique gusa nibabe bareka kubesha abanyagihugu

  • Aba dd mwari mugerageje kwiyamamura kuri Pacifique ndavye vos commentaires. None ugira niwe yatembeje igihugu gushika ubu. Murundi yavuga ntavura kandi ikibazo n’uko abwira abatumva. Abarundi b’umutima turagushigikiye Pacifique.

  • Kirinyota nagira nkubaze abobantu ninde munyagihugu yabatumye kubaserukira! Biyamamaje ryari kotutigeze tubona uwuza kutubwiraimigambi yiwe ngotumutore nibareke kubesha nkajew ntawe natumye ngwanserukire ahubwo batumwe nabagore babo nimiryango yabo usanga kirinyota avukamwoabobavugantahobegamiye muvyapolitique bari mubatemera ubutegetsi rero baserukire imiryango yabogusa.

  • mbega uyumugabo pasifique ko umengo nawe afata ingingo nkumukuru wigihugu? niyitonde kuko abarundi twarakanuye ntiduzosubira inyuma naho abobanyagihugu uvugira nibangahe muri democratie hakora ibiharuro simvuze ngo ntabanyagihugu wewe pasfique na FOCODE yawe uvugira bagutumye..ariko se nibangahe ? rindira amatora azokwerekana abakurikira ivyiyumviro vyanyu uko bangana gusa ukure ubwo bwoba namaborongo ngo umukuru wigihugu ahari ubu ashaka kwitoza. kwitoza ntibingana gutsinda amatora.. nawe uzogende witoze turabe ko utsinda.... kumutinya.org niba atwara nabi ntakizobuza ko atsindwa abanyagihugu bazotora aho bashaka.

  • Umukuru w’Igihugu niwe koko akwiye kwishura ibibazo vy’Abanyagihugu. Abo bandi ni hamwe babazwa ngo rindire turabishikana. Hari ibibazo nkora mutima bimaze imisi aha mu Gihugu bisabwa ko Umukuru w’Igihugu yishura kuko ntana kimwe tumwumvako.

  • Pacifike turagushigikiye kuko burya uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jishoryayo, guma ukebura, wime amatwi abashaka kugira igihugu cacu nko kuntwaro ya mubutu, mugabe, habyarimana mu Rwanda, micombero, idiyamini, ariko igihugu cacu gitwarwe hakurikijwe amategeko, kikubahwa na bose n’amakungu tukayaha akarorero keza...komera pacifike

  • JEW NIBAZA KO IMANA YO DUFASHA KUKO ARIYO MURENGEZI ABATEGETSI BACU VYABANANIY.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.