IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > FORSC : Akaruhuko abacamanza bagiyemwo gakwiye kubabera umwanya wo (...)

FORSC : Akaruhuko abacamanza bagiyemwo gakwiye kubabera umwanya wo kwisuzuma

vendredi 1er Myandagaro 2014

Kuva kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya mbere Myandagaro 2014, abacamanza batanguye akaruhuko k’ukwezi kwose, imanza zizoshobora gusasa akaba ari izihutirwa gusa. Mu runani FORSC bamenyesha ko ubutungane bufise ubushobozi bw’ugutumako urubanza rwa Petero Karaveri MBONIMPA, kuko narwo rwihutirwa, ivyo bakabivuga bisunze ko amagara yiwe yifashe nabi.

Amashirahamwe yatanguje isekeza "Vendredi vert" ageze ku ncuro ya 11, akamenyesha ko atazocika intege gushika Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru wa APRODH arekuwe akaburana yidegemvya, kuko akitswe n’amagara, kandi hakaba hasanzwe hariho n’itegeko ry’umushikiranganji ritanga umwitegemvyo w’agateganyo ku bafungwa barenza imyaka 60, hamwe n’abarwaye ingwara zidakira. Nk’uko bishikirizwa na Vital NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani FORSC, abafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri MBONIMPA bokwiyumvira bati : "Nk’ubu yopfira mu munyororo, akaba ari umuvyeyi wanje novyakira gute?" Vital Nshimirimana akamenyesha ko hatarengerana, kuko muri uwu mwanya w’akaruhuko k’abacamanza, urubanza rwa Mbonimpa Petero Karaveri rushobora gusasa kuko rusanzwe ruri muzihutirwa, na kare ni nako kanya keza ku bacamanza bazoba basanzwe ata zindi manza nyinshi bafise. Mu gihe Petero Karaveri Mbonimpa atohabwa umwidegemvyo w’agateganyo, n’urubanza rwiwe ntiruhamagazwe, mu runani FORSC bamenyesha ko ikizomushikira aho ari mw’ibihero kizobazwa abatwara Uburundi.

JPEG - 940.5 ko
Vital NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani FORSC

Muri uku kwezi kw’akaruhuko abacamanza bagiyemwo, Vital Nshimirimana arongoye FORSC ashikiriza ko kari akanya keza ku bacamanza, ko kwisuzuma, biyibutse ingingo zo mw’ibwirizwa shingiro zivuga ibijanye n’ukwubahiriza uburenganziza, agateka n’umwidegemvyo w’abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ayo nayawe,ahubwo genda umufungure kuri umugabo,canke nawe umusangeye!,bamuza mwiyibutsa imigani basogokuru batudusigiye,UMUNTU AMANIKA AGATU YICAYE MUKUKAMANURA UGAHAGURUKA.kandi burya NGWIBITWENZE ABANA VYIRIZA ABASHINGANTAHE KUZUBA,namwe rero mwabigira mwibaza ngo zibisanzwe,none he birabanikiye.muboroga dusenga!,muyogora duca dufukama.mutekereje duca dukora ibikogwa rusangi biteza imbere igihugu catwibarutse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.