Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabriel Rufyiri ni nde? Yamaze iki? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Gabriel Rufyiri ni nde? Yamaze iki?

Gabriel Rufyiri ni nde? Yamaze iki?

jeudi 10 Mukakaro 2014

Abatari bake mu Burundi no mu makungu barumva uwitwa Gabriel Rufyiri akora amadosiye atari make ajanye n’abanyuruza canke abakoresha nabi amatungo ya Reta, ariko batazi uwo ariwe n’ico yamaze. Inkinyamakuru IGIHE cagerageje kwegeranya bimwe bimwe mu vyaranze uwo murundi w’imyaka 40.

Mu mwaka w’1974, niho Gabriel Rufyiri yabona izuba mu ntara ya Kayanza, komine ya Matongo. Ubu uwo mushingantahe akaba ariwe arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’abakoresha nabi amatungo ya Reta (OLUCOME). Kuva iryo shirahamwe ritanguye mu mwaka w’2002, rikaba rimaze gukora amadosiye agera ku 1500 kandi nka yose akaba ajanye n’abanyuruza amatungo ya Reta, hamwe n’abarya ibiturire. Amadosiye agera ku bihumbi 13 niyo amaze kuvugwa, muri ayo yose, Reta ikaba imaze kuhatakariza amamiriyaridi agera ku gihumbi.

Mu bijanye no kurwanya igiturire, umukuru wa OLUCOMEakavuga ko adatinya n’umuntu n’umwe, ari naco gituma amaze gupfungwa incuro zigera kuri zitandatu, izo zose zikaba zabaye mu kiringo c’imyaka 3 gusa (2004-2007), mu kumugirako iterabwoba, guhamagarwa n’amaterefone atazwi, n’ibindi vyotuma ahesha kudoma urutoke kuri bakaboko. Akavuga ko anamaze guhohoterwa, aho yaboshwe kugeza aho imigozi n’ubu ikiboneka ku mubiri wiwe. Ico gihe akavuga ko hari mu mwaka w’2004, ku wa 22 gushika ku wa 24 Gitugutu, aho yari yashikirije ubusuma bwagirwa mu gutanga impusha zo kugendesha imiduga. Akaba yapfungiwe mu giporisi kijejwe amatohoza, ari naho yakubaguriwe.

Rufyiri abandanya avuga ko adatinya gupfira igihugu camwibarutse. Avuga ko amaze guhakwa kugandagurwa kenshi, hakoreshejwe uburozi canke amasanganya y’imiduga. Avuga ko umuswi w’inkoko udakura kubera impuhwe z’agaca, ari naco gituma atazigera atinya kudoma urutoke kuwariwe wese azoba yanyuruje canke yakoresheje nabi amatunga ya Reta co kimwe n’abarya ibiturire. Ariko rero mukamenya ko icegera ciwe we aja yaramaze kugandagurwa, aho gushika n’ubu, urubanza rw’abamwishe rukiri nk’inkina mico. Ernest Manirumva akaba yagandaguwe igihe yariko arakora ku bijanye n’idosiye yari ikomeye cane, mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2009.

Gabriel Rufyiri akavuga ko anezerezwa n’aho ishirahamwe OLUCOME rigeze, n’uko ribonwa haba mu Burundi canke mu makungu. Iryo shirahamwe rikaba rimaze gushimwa n’amashirahamwe atandukanye mpuzamakungu yaba ayo muri za Buraya, Amerika n’Afrika. Ubu OLUCOME rikaba rikorana n’amashiramwe adasanzwe yo kw’isi arwanya ubwo bunyonyezi butuma iterambere ry’umunyagihugu riguma inyuma nk’ibirenge. Aha tukavuga nka UNCAC (Convention des Nations Unies contre la corruption), Réseau Panafricain de Lutte contre la Corruption (REPAC), l’Observatoire de Lutte contre la Corruption en Afrique Centrale (OLCAC).

Gabriel Rufyiri akaba anamaze kuronswa ubushimwe butari buke ku kuntu akora mu kurwanya ba kaboko mu gihugu bivugwa ko iyo ngeso yimonogoje, mu gihe mu karere Uburundi buherereyemwo gusa bwa Afrika y’Ubuseruko, amatohoza yagiye aragirwa bigaragara ko, Uburundi buza kw’isonga mu kurya ibiturire.

Mukamenya ko Gabriel Rufyiri yubatse n’umugore umwe akaba afise abana 3, mukuru afise imyaka 14 uwa nyuma nawe akaba afise imyaka 5.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntiwahejeje kuko muri biographie urashiramwo amashure

  • ewe!ngo mu mwaka 2002 numva yatowe ateba mbese iyo bamutora mu 1972 akazibira abo BANYAKABETO be nabandi binjiye mumazu namatongo vyabandi

  • Rwose uyo mumenyesha makuru akwiye gusubira kwishure.ivyose nivyo vye yakoze gusa mbese yizehe.akundiki ikimurakaza nigiki?yabitanguye ryari?naho kuduha amakuru yigice ntibitunezereza.

  • Gerard nibaza ko iyo mind yanyu y’i Burundi yataye igihe nacanecane ko kwiga cane atarikogukunda igihugu!!Nonakwibutsa ko Mandela yize UNISA afungiwe mukizinga hano cape Town!!Mpore rero ku kwigira umunyamashure ukavyitiranya no kwitangira icakwibarutse

  • Murazokurikirana ivyihebe bikunze gusaba amananiza! kotubizi anazumeshi akomakomeye ngaho mu Burundi yubatswe muburyo udashoborakumenya ukobanyirayo barose ayomahera eregantimwiyibagizeko nayomazumeshimubona reta ikoreramwo sayayo nayabantu yakotesheje nonega Gabriel ubona iryoterambere uzanye ryokwiruka inyuma yabigiriye amahirwe bakiyubakira amazu harahoryoshikana abarundi? Urazi iyowahamagara abarundi ugabwirako bakwiye kuvugiricarimwe ngo’ ABIGARURIYE AMATUNGO NAMATONGO YABAHUNZE MUMYAKA YA ZA 72 BISUBIZE BENEYO. Ahonarikugutahura.

  • Nukuruta ntaburundi ntanumutegetsi bugira ahubwo nukubugaburana umwe wese niw tuz tureka guta umwanya ngo turiko dutora imikoma ngo nizaba perezida tatagira ijambo non uburundi mwipfuza ko bwo guma muvyakera ? Nkuyo asubira muvyi72 nukuri ntuzi iyugeze komeza muta Rufyiri nkabo bavugo ivyo nabantu bibwa bagendera inyuma ya ba adolphe baba terera amagufa bakokoy mwisubireko munye iyo muja.

  • nakomere kumuheto,nkuko azo tubera incungu ese kotwe tuzopfa tuka bisiga ngaha,nibareke kwiba ububurundi bwa bavyaye,

  • Nakamerb Nukwahanura Intunvawangu Imanimuzigame Abandanye Ahanuraharaho Imanizikorera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.