Gen Cyrille Ndayirukiye yemeye uruhara yagize mu gushaka gutembagaza ubutegetsi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 Nzero 2016 saa 12:16
Yasomwe : 63126
0 0

General Cyrille Ndayirukiye ari mu bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi aremera uruhara yagize kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,igihe umurwi ugizwe n’abasirikare n’abapolisi wagerageza gutembagaza ubutegetsi.
Naho vyari vyitezwe ko mu ntahe y’icese yo kuwa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2016,General Cyrille Ndayirukiye afatwa nk’uwa kabiri mu bashatse gutembagaza ubutegetsi aburana ari kumwe n’abamuburanira yahisemwo kwiburanira wenyene.
General Cyrille Ndayirukiye yavuze ko atari (...)

General Cyrille Ndayirukiye ari mu bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi aremera uruhara yagize kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,igihe umurwi ugizwe n’abasirikare n’abapolisi wagerageza gutembagaza ubutegetsi.

Naho vyari vyitezwe ko mu ntahe y’icese yo kuwa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2016,General Cyrille Ndayirukiye afatwa nk’uwa kabiri mu bashatse gutembagaza ubutegetsi aburana ari kumwe n’abamuburanira yahisemwo kwiburanira wenyene.

General Cyrille Ndayirukiye yavuze ko atari kuguma areze amaboko kandi abapolisi bariko barica abanyagihugu,umukuru w’igihugu nawe akina umupira ari kumwe n’abasirikare barindiriye kuja kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Gen Cyrille Ndayirukiye yavuze ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu ntumbero yo gukingira amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi vyahonyanzwe.

Yaboneyeho akaryo ko gusaba sentare ko yorengutsa Gen Pontien Gaciyubwenge yari umushikiranganji wo kwivuna abansi muri ico gihe,hamwe na Gen Prime Niyongaba umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto kuko bafise ico babiziko.

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bamaze kurenguka incuro zitanu imbere ya sentare.


Kumenyekanisha

1
Belindanafwa 9-01-2016 à 09:36

Wew wanditse ko ciriro arumushinganta politiq uragaragar gukinga amategeko yi Arusha si kudeta mu tama mwashaka nkivy1993 mugabo vyaranse kudeta mu burund ntayikiba urabona ayobabony? Ahubw leta ya Peter irinikigongw nkahand abobose baba barazimangany.

2
Eric 8-01-2016 à 15:39

Eric

3
Odilon Audifax Ntaconayigize 8-01-2016 à 15:07

Komera Mutama Intwari Ninkawewe Kizira Ko Uhakana Ico Wakoze We Wakunda Abarundi Nicogituma Tuzoza Turagusabira Kumana Kiretse Ko Bagufatanabi Ntaco Bazokugira Imana Igufashe Mwivyo Urimwo

4
NSAGUYE 7-01-2016 à 22:01

ntakurikiranwe

5
Jeorge 6-01-2016 à 02:33

Urumugabo ndakwemeye,pe! Impungenge nfise nuko bazohava ba kwica ntaco bacera ariko igikuru ufe waravuze nukuri guca muziko ntigusha,komera ukomezwenImana

6
vidic 6-01-2016 à 00:11

Voila un hero

7
None? 5-01-2016 à 17:13

Atinabonye predida akundagukina agapira ncanibaza kokumwaka ubutegetsi bizaguhava binyorohera! Atikandi nabona agumarungika abasirikare kubwishi bagenda gufasha kugarukana amahoro ngoharimwo na Somalia ngoncanibaza ngonijewe musodagusa nsigaye Burundi atirero ncanishiramwo gukura prezida ngokuko nibaza kwabasirikare bokubutabara yabarungitse bose kujagufasha ibindibihugu!. Mwana wa data abasirikare bacungeye uwomukuru wigihugu Nkurunziza kugerubu ubimenye kandi ubibwire nabandiko hariho ababoneka nabandi ndakubwizukuri nokubabona ntivyoroshe ariko baryabantu ukundakubona basenga mumpemu nomukuri urazobegera bazivyishi kuruyo mukuru wigihugu cwigihugucu Pierre Nkurunziza.

8
nkotanyi 5-01-2016 à 15:45

Uri umuntu w’ umugabo nuko wakoranye na abanyenda nini bakakuvamo ariko igitekerezo cyawe cyari kiza pee kandi biranashimishije kuba ukinagihagararaho ukakivuga nta gutinya rwose . ndagushimye kandi Imana izakurinda.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha