IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abarongoye imitumba bagirizwa gusaba inzoga abanyagihugu

Gitega : Abarongoye imitumba bagirizwa gusaba inzoga abanyagihugu

vendredi 14 Ntwarante 2014

Bamwe mu banyagihugu bon tara ya Gitega mu makomine amwe amwe agize iyo ntara, bamenyesha ko abatwara imitumba babasaba inkono z’inzoga kugira babatunganirize.

Abo banyagihugu bakamenyesha ko ivyo, abarongoye imitumba babigira iyo hari hari imanza z’ijanye n’amatati yo mu kibano nk’ugushwana, intungwa zonye imirima y’abandi, kwagirizanya ubusuma, n’ibindi abo mu kibano bakunda gupfa. Abo banyagihugu bamenyesha ko uwudatanze iyo nkono y’inzoga y’abo batwara iyo mitumba, usanga nawe adatunganirijwe. Ku bwabo banyagihugu, bavuga ko iyo ngendo imaze igihe, kandi ari mbi, ivyo navyo bigashobora kuzotuma abantu babandanya kwihanira, mu gihe bishobora gushika, ugasanga umuntu ntafise ico aterekera abo barongoye imitumba kubera ubukene buri mu miryango itandukanye y’abarundi, agahitamwo kwihora, canke kwihanira.

Kuri abo barongoye imitumba yo mu makomine amwe amwe yo mu ntara ya Gitega, ntibahakana ivyo bagirizwa. Ariko imvo yoba ibituma, akaba ari ukwo abo barongoye imitumba, boba badashimishwa n’agashahara baronswa, bakavuga ko ari agashahara k’intica ntikize, mu gihe nabo bamara umwanya munini bariko baratunganiriza abantu, ugasanga rimwe rimwe nabo atakindi bashoboye kurangurira imiryango yabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyo mbona ko ari ikibazo c’ubukene ndengarugero bwugarije abarundi benshi!!Turavye ubuzima ino mumahangatubayeho Iburundi ninko mukuzimu ahubwo abarundi twaramba pe!!Intwaro z’iwacu zaratununuje abatware nibo batunze n’ababo abanyagihugu naho bopfa ntaco bibatwaye!!Mbere sinzi ko n’iyo nzoga bayinywa baronse ico batamira!!Reta yitayeho politique n’amatiku y’ibiturire binyomoje abategetsi!!Mbe Urwanda badusumbije iki?Abarundi ntidushaka ko igihugu cacu gihinduka kigatera imbere ahubwo n’uwiga yiga azi ko azocaja muri DD akaba Ministre mugihe ahandi ari ubuzi bwinshi privet buhemba neza kurusha nyabu ministre bwanyu hiyo!!Basubiremwo CIVISME abatwara batwarire koigihugu cacu kica on top financially!!Inzoga umurundi ahinduye mind akayigurira!!Izo manza police na court bikabarivyo bikora ico gikorwa ata manyanga ya DD n’ubundi buhimbiri bwita mubuzi butabaraba!!poleni sana barundi!!

  • ewe Nayuburundi uriko uriyamvya!Abatware bacu ni kwiba kwiba kwiba!
    Ibisigaye ntubabaze!

  • Reka kuba mwitwengera basha! urazi kwirirwa wanamye ngo utunganirirza abantu ugasanga watanye ikivi umuryango wawe,ukabwirigwa canke ukaburara! sindavyita igiturire, ako ni akavunamusase ahandi hoho bari kubahembera ivyo bakoze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.