Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Bernard Mainguain aratabariza abagirizwa ugushaka guhirika (...)
Gitega : Bernard Mainguain aratabariza abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi
mardi 21 Ruheshi 2016, par
Umwe mu bashingwamanza b’abanyororo bapfunzwe bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo 13 Rusama 2015 amenyesha ko afise amakuru ko hari umugambi wo kugandagura Général Ndayirukiye Cyrille hamwe n’abo bapfunganwe.
Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Bernard Mainguain, umwe mu baburanira abo banyororo, uwo mugambi wateguwe gushirwa mu ngiro n’abanyororo batanu bo mw’ibohero rya Gitega. Uwo aburanira abo banyororo akaba mbere avuga n’amazina y’abaporisi hamwe n’abakozi b’igendereza ry’Uburundi bari inyuma y’uwo mugambi w’ukugandagura Général Ndayirukiye Cyrille hamwe n’abo bapfunganwe.

Umushingwamanza Bernard Maingain ashikiriza ayo makenga abarorerezi mpuzamakungu muvy’agateka ka zina muntu, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, agasaba ko hokorwa amatohoza yerekana abafise uruhara muri uwo mugambi, agasaba kandi ko umutekano w’abo banyororo wokwubahirizwa.
Général Ndayirukiye Cyrille yagirijwe ko ari mu bateguye kandi bashira mu ngiro ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega hamwe na bagenzi we bagirizwa icaha kimwe. Sentare yamuciriye urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose.
IGIHE
Messages
21 Ruheshi 2016, 10:30, par eric
uyo muzungu nukumwitwarira.
umengo afise iperereza ryqe mugihugu cacu
21 Ruheshi 2016, 11:54, par ANASTASE
IVYO VYOSE BITEGWA NUKWIKEKANA NABABURANIRE BIHERE ABATSINDA BATSINDE ABATSINDWA INTAHE IBAKUBITE MUGAHANGA
21 Ruheshi 2016, 12:29, par MUYAHUDI
ABABIPFA NABABISANGIY
21 Ruheshi 2016, 14:03, par Peace
None uwomuzungu kumengo azivyinshi kuturusha twebwe turi muburundi?ubwo bimwe sububeshi?
21 Ruheshi 2016, 14:27, par Kanyosha
Uyu Bernard Maiguian komengo yitiranwa nawawundi yigera gukubira igihuha ngo Karundi ngobariko baricana?
Niyabariwe ndasaba hakorwe ikintukimwe muribibibiri bikurikira:
Ubwambere kumusengera kugira yakire Yezu maze amukuremwo iyomicafu Satani yamushizemwo agasigara ameze kumugabo dukuze gusoma muribibiriya yitwa Sawuri ngoyama afitiye imihigo mibi abana b’Imana ariko Yezu yaramuhinduye noneho acaja ahitwa Idamasikus maze arahinduka Sawuri aba umuntu mushasha nizina rirahinduka acayirwa Paul. Ikigirakabiri nikumutwara kumuvuza kubaganga baruburyo butandukanye nkokubavura ingwara zomumutwe canke agatwarwa mubutungane kuko burya saha Burundi gusa amaze gukokeza hashobora kubahariho nahandi amaze gushusha uruhigi nkuku.
Ariko itandukaniro aha iwacu kowumva abivuzegurtyo burya uyu Bernard maiguian nabobakorana ushoboragusanga bamaze gupanga abazakwica ababapfunzwe ubonako bavugako babamaramaje kubona bananirwa niriya kudeta bashaka babice babikure ariko nokwenyegeza akariro mubarundi bakenyegeze mukuvuga nkukwonyene arikwaravuga.
Bizogendagute? Kubera avuze ivyo avuze , nibamarakubica azoka yitanganyika ngonari narabivuze ngwariko reta ngontaco yabivuzeko.
Ubutwarabahinyuyebasha ntimugire nikera mwishe ba Rwagasore naba Ndadaye tukaguma tubona mengo murintungane kumbe nimwe muriko muraduhekura? Ipuuu .
21 Ruheshi 2016, 17:54, par tari
Erega abapfunze izontwari baraziko bazihora ubusa ubworero barafise ubwobako ahobukera ahobari aribo bazohaja mbwiye izontwari nti nizikomeze kwihangana ayobarikurira bazoyahozwa kuko ntamurundi numwe ataziko igikorwa bashatse kurangurira igihugu nabeneco kocarico ingira kamaro mbere jewe ndabongeye amapete nintwari
21 Ruheshi 2016, 19:08, par Mudwinzi
Uyu Maiguin n’’umubeshyi kabombo. Yigeze gusohora amafoto ya Boko haramu abeshya isi ko ari imbonerakure zica abatutsi. Nyuma isi yose iza kumenya ko ari ibinyoma. Ikindi kandi uwo muginga niwe Avocat wa Pilato Kagame mubijyanye niyicwa rya Habyarimana.
21 Ruheshi 2016, 21:49, par FELIX MUHIRE
Jewe ngira mbwire tari ko adakwiye gufata abarundi bose nk’abana biwe agaburira. Aravuze ngo "ntamurundi numwe ataziko igikorwa bashatse kurangurira igihugu nabeneco kocarico ingira kamaro". Ninde yakubwiye ko twebwe abarundi twemera ayo mafuti yanyu. Uko niko mwibesha ngo kubera ko amakaritiye 3 yagumutse ngo Uburundi bwose bwaragumutse. Mwebwe n’uwu musi tuje mu matora, wewe tari n’aho wozanana na Sinduhije na Buyoya, ukagerekako Ntibantunganya na Ndayizeye na bariya bose mwagize ingaruzwamuheto, nta majwi mworusha Nyen’icubahiro Pierre Nkurunziza. Ikindi utaramenya: Naho Nyen’icuhahiro yoba atahari, nta mugumutsi wo muri mwebwe azopfa asubiye gutegeka Uburundi. Mukinda mugaramye,mukinda mwubamye, Imana yo mw’ijuru niyo cabona!
21 Ruheshi 2016, 22:35, par turaje
@Felix ayomwabonye nayubusuma.
22 Ruheshi 2016, 13:40, par Mae
Nibamuhane Kuko Yaragiye Kuduta Mukaga Kwiyunvira Guhirika Ubutegetsi Atabigenewe Yariyabonye Katawubutwara Ahari Ntubona Koyaradutayemukaga Mbehoho Yarigutwara Abarundi Batabishaka Nareke Uwimana yihereye Atware Gushika Yezu Agarutse Kwisi Ntawutomushima Aragahora Kungoma
23 Ruheshi 2016, 23:05, par p antoine
NTIBABAJANE NKUKO RAJABU YABAJANYE
23 Ruheshi 2016, 23:10, par p antoine
inzoga na tekefone .nta gihugu nakimwe kivyemerera kujamwa mugasho
28 Ruheshi 2016, 16:51, par Happy
Emwe Umucamanzamukuru Nimana Yontirabankabantu Itarenganya Turindire Ijamboryanyuma Izovugakubarundi Ntakiyinanira Bagabo Imana Irabaz