IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Umupfungwa yarapfuye arashwe

Gitega : Umupfungwa yarapfuye arashwe

vendredi 14 Ruheshi 2013

Umupfungwa wo kw’ibohero rikuru ry’i Gitega yarapfuye arashwe n’abajejwe umutekano bacungera iryo bohero, mu gihe yariko agerageza gutoroka, mu mutwenzi wo ku munsi w’ejo igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013.

Uwo yahora apfuzwe yagirizwa ubusuma azwi kw’izina rya Floribert Manirakiza avuka muri iyo ntara nyene ya Gitega, umusozi Rubamvyi, bamurashe ariko agerageza kwurira uruhome mu ntumbero yo gutoroka.

Twobamenyesha ko iryo bohero rikuru ry’i Gitega ripfungiwemwo abanyororo igihumbi mu gihe ryari ryubatswe mu bushobozi bwo kwakira abanyororo amajana ane gusa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.