IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Godefroid Bizimana yagirizwa gukubita nk’inzoka abafatiwe mu (...)

Godefroid Bizimana yagirizwa gukubita nk’inzoka abafatiwe mu myiyerekano

lundi 4 Rusama 2015

Icegera c’umukuru w’igiporisi yagirizwa ko ariwe ari kw’isonga mu guhohotera abafashwe bari mu myiyerekano, aho abakubita nk’inzoka.

Godefroid BIZIMANA, icegera c'umukuru w'igiporisi c'Uburundi

Nk’uko bivugwa na Petero Karaveri Mbonimpa, asanzwe ari mu bahamagaje imyiyerekano akaba arongoye ishirahamwe ryitaho abapfunzwe n’agateka ka zina muntu hamwe na bamwe mu bashingwamanza, bariko bakurikirana ivy’abafatirwa mu myiyerekano, bamenyesha ko abafashwe, aho bapfungiwe muri BSR bakubitwa, bakavunagurwa, kandi ko uwuri kw’isonga ry’ugukubita abo ari Godefroid BIZIMANA, icegera c’umukuru w’igiporisi c’Uburundi. Abo bafatwa rero, bagakubitwa babanje gusabwa kwemeza ko ababahamagariye mu myiyerekano babaha amafaranga. Bamwe muri abo bafatwa, hakaba hari abamaze kuvunwa imigongo, abandi bagacika n’intoke kubera amahiri.

Nk’uko mbere n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IGIHE bamaze kuvyibonera, ni uko abo bafatwa bakubitwa rwose n’abaporisi bariko baburiza imiduga. Abamaze gufatwa rero kuva ku wa 26 Ndamukiza, ni abantu 600, icenda baramaze gupfa, 141 baratwawe mu mabohero ya Mpimba na Muramvya nayo 60 barakomeretse rwose, ivyo bikevyemezwa n’ishirahamwe APRODH.


IGIHE

Messages

  • Bizimana umenye ko abo ukubita ukavunagura ari abarundi benewanyu kandi nawe uri umurundi ntagahora gahanze nk imana.

  • Mureke abikore aho nakanyuma naho azodusigira nagume abumbuje amatama umusi numusi azokoroka

  • none aho yibaza ngo ivyo akora hari icubahiro bimuha ubu ntazi ko amakungu yamaze kumenya ko ariko arabikora La Haye irakurindiriye kandi abarundi ntituzokuvugira tuzokureka amakungu akubaze neza ubwo ivyo uwobikorera abana bawe canke uwo mu muryango wawe woryoherwa? geza aho mureke kwitesha agaciro mwari abantu twubaha!!!

  • Ndagabishije abo babisha baba policice batoteza abana b’igihugu biyita ngo bariko baranezereza bamwe basumire inda, tot ou tard bazishura ayo mabi bariko barakora kandi bamwe bita ngo bariko barakorera ntibazigera bariha n’umukate w’umwana wabo azoba ariko aricwa n’inzara.

    Uwuri namatwi niyumve

  • Nyakugir’Imana ubigire wibukako ivyo ukora uzobibazwa imbere kandi sikera.Kandi urazi bien ko bihanwa n’amategeko!!!!Guhohotera no kuboza igufa rw’uwo wategerezwa gukingira,ntabwo ndabikwipfurije ariko ivyo nawe bizogushikira

  • ni igikoko reba uko asa buriya afite umugore baryamana mu buriri bumwe mana we urema kwinshi

  • kubita iyo mihimbiri,iduteje ubukene ntangere,abana bakaba batakiga ngo ni ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

  • Abo ahohotera ari inzirakarengane kuko bariko bazira intwaro mbi irangwa no kwica no guhonyanga ibwirizwa nshingiro uyo nawe ndamuhanura ko yoheba ico gikorwa kigayitse amenyeko tót ou tart bizomugarukako

  • Wamuhutuwe wikibi, wibuke kwingero, ugerako nawariyo uzogeregwako uhohotera mweneso wambaye ukavyishura. Urigusa kandi wibuhetse, ukigisha uwurimumugongo nonabana bawe bakwiyumvira gite wamumenjawe utukishu Burundi nabarundi Imana iguhane ntasoni?

  • AYO MAKURU NTATUNGANYE

  • none uwo numurundi koko ?

  • Nyakugir’IMANA bandany iy ngend mbi igayits abantu nkaw bamy bahez nabi kandi burir ntibushir ku mpeshi uzovyishura iyo ntwaro mbi isigaje umwany urume rumara

  • Nyakugir’IMANA bandany iy ngend mbi igayits abantu nkaw bamy bahez nabi kandi burir ntibushir ku mpeshi uzovyishura iyo ntwaro mbi isigaje umwany urume rumara

  • Uwo musazi mbonimpa wi myaka mirongirindwi niba mubohe obama niyavuga bi horere diyabete izo mwiyicira mugasho.kwatawiwe aragwamwo siho yasama.

  • Uwo musazi mbonimpa wi myaka mirongirindwi niba mubohe obama niyavuga bi horere diyabete izo mwiyicira mugasho.kwatawiwe aragwamwo siho yasama.

  • Uwo musazi mbonimpa wi myaka mirongirindwi niba mubohe obama niyavuga bi horere diyabete izo mwiyicira mugasho.kwatawiwe aragwamwo siho yasama.

  • hejuru ya vyose bibuke ko hari Imana. Ingero tugererako abandi niyo natwe tuzogererwako.Birababaje ariko ntakundi. Imana ibaharire.

  • Aragakubitwa n,inkuba iyo Nterahamwe karyanisha barundi .....Inzigo iri muri go izura inzara ,,,,,,,,,arahumba Fnl twavyutse nibutse ikibi yatweretse tugiye kwakira nyakubahwa Rwasa ....arakavunika ari muri wc

  • Vunagura izo mbwa ziduterera ama grenades abapolisi nabo si abanyamahoro,ils n’ont pas le monopole de la violence ces cons,nibo bafise ibigwanisho abo ba sans echecs bakabesha ngo ni jeunesse hutu ibifise,hashura nabo bafise ivyo bazobazwa si twebwe gusa,batanguye kubomara amazu y’abahutu ubonako la majorité muribo baba mu tururi,komesha !Mbe aho atagira umugore mu buriri ni kuberiki,mubona mumurushiki mwa nzoka mwe,mwe mubafise atanico mubamarira ,usanga babata mu nzu bakaja kumurondera turamaze kubamenya!

  • vuganeza komera kaburungu uramuzi murasa, mutanga ibyiyumviro bimwe, babahemba neza

  • Hewe ivyo ukora nuko usa muri AMAHASA kweli!!!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.