IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye umugambi w’ubutungane bw’inyuma (...)

Guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye umugambi w’ubutungane bw’inyuma y’intambara

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Kwongereza inguvu ku bijanye na bwa butungane bw’inyuma y’intambara mu Burundi , iyo n’iyo yari intumbero y’uruganda rwari rwatunganijwe ku bashingamateka kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2013.

Urwo ruganda rukazofasha abo barwitavye guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye uwo mugambi w’ubutungane bw’inyuma y’intambara mu Burundi.Urwo ruganda rukaba rwabaye aho naho integuro y’itegeko rishiraho wa murwi wo kuvuga ukuri no kurekuriranirana(CVR) yamaze gutangwa mu nama nshingamateka .

Melchior Nankwahomba ,umushingamateka akongera akaba umukuru w’umurwi ujejwe ubutungane hamwe n’agateka kazinamuntu mu nama nshingamateka, wiga iyo nteguro y’itegeko yerekeye wa murwi wo kuvuga ukuri no kurekuriranirana avuga rero ko iyo nama yo gukarisha ubwenge izotuma abashingamateka bamenya kugira bumve cane iyo nteguro y’itegeko igihe batararyemeza.

Kugira rero uwo murwi wo kuvuga ukuri no kurekuriranirana ube nyene igikoresho co kunywanisha abarundi ,ishirahamwe y’abakozweko n’ibara ryagiye riba mu Burundi barasavye abashingamateka ko boshira mu rurimi rw’ikirundi inyandiko z’iyo nteguro y’itegeko ishiraho wa murwi wo kuvuga ukuri no kurekuriranirana CVR .

Urwo ruganda rukaba rwari rwitabwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ,abaserukira amashengero,hamwe na bamwe bamwe bo mu biro vy’umukuru w’igihugu , abo mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’abo mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.


Flxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.