IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hussein Radjabu yatorotse ibohero rikuru rya MPIMBA

Hussein Radjabu yatorotse ibohero rikuru rya MPIMBA

lundi 2 Ntwarante 2015, par Egide N

Umushingamateka Hussein Radjabu yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD ntakibarizwa mw’ibohero rikuru rya MPIMBA. Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya MPIMBA atumenyesha ko yatorotse mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana.

Inyuma y’imyaka hafi umunani yari amaze apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Hussein Radjabu yatorotse ibohero rikuru rya MPIMBA. Nk’uko amakuru dukura aho mw’ibohero abivuga, akemezwa na bamwe twashoboye kuvugana mubegereye aho yahora apfungiwe, uwo yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD yatorotse iryo bohero mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro, agenda ajanye n’uwurongoye ikirindiro c’abaporisi ku Mpimba, uwo bita "De Corps", abaporisi batatu hamwe n’abanyororo bandi batatu bari basangiye icaha, harimwo Ribakare Bedouin batazina NDINDI, hamwe n’umwe mu banyororo yahora acungera ubuzima bwa Hussein Radjabu mw’ibohero rikuru rya Mpimba.Amakuru ava aho nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba amenyesha ko n’umuryango w’iryo bohero waraye wuguruye, kuva Hussein Radjabu atorotse, ukaba wagiye kwugarwa mu gatondo.

JPEG - 13.2 ko
Hussein Radjabu

Umushingamateka Hussein Radjabu yokwije neza na neza imyaka umunani ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza, akaba yafashwe yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • NONE NIMBA YATOROTSE ACAJAHE????????? KO MBONA YAMASHAMBA YO MURI CONGO BARIKO BARAYATURIRA. AHUBWO YIGIRIYE NABI KUKO ATASAGANIRIZO AZORONKA; AMAKURU YO KWIZIGIRWA NARINFISE NUKO YOSOHOTSE IBOHERO INYUMA YIRAHIRA RYUMUKURU WIGUHUGU AZOBA YATOWE. YAMASHIRAHAMWE YIGENGA AHARANIRA INYUNGU YIMIGAMBWE IMWIMWE; ARAHIRIWE KUKO ARONSE UWUNDI MUNWANYI MURI CAGISIRIKARE BASHINGA M26

  • Asha ndababrira..ngivyo biratanguye

  • Good! very goooooooooood! aba dd mugiye mwarubona aho mwabereye! uyo we ntimumukira, azoshigwa abeguye!!

  • ni mwanaume ndaké

  • Ivyo ni vyo koko? Barabe neza yemwe ko batamugize nk’abandi, aho gutorokeshwa, gutoroka canke gusohoka ibohero akaba yanyurujwe ngo anyongwe! Yaba yagira icaha canke atacagira, ntibingana urupfu!

  • Ewe SIHONDI Levis eka n’umutwe wawe siho uri kweli !!!nimba yatorotse afise impavu zabimutumye ariko ntaho bisabisana n’ayo mashirahamwe uriko uratazira uko wigombeye. mbega ko nawe worenganywa ayo mashirahamwe atoreka kukuvugira ngo n’uko uri imbonerahafi....ba witonda....kuko buraca bugacana ayandi.

  • Intenderi irasheshe umuti nimurindire ugira uvugutwe murawunwa naho urura sha akiri muzima nimba atarivyo bapanze vyo kumwica nukuri uwugwaye wese aranwa umuti kandi bamuha uwumukwiye atanima rikorotse igihe kirageze ko umuntu wese yimbura ivyoo yabivye uwarimye urwampfu ntiyitege uburo ategure nyabuna ibigega bikwiye aravye neza ivyo yabivye
    Bantu bimana ntamvura idahita nukuri Imana rugira vyose nimuzigame nabo bajanye nimba arivyo ibazigame bashike iyo baja kandi dukomeza kubasengera bashike amahoro hama bapfundurure agaseke biruhutse
    Abo nabo bavuga ivyo batazi ivyamashamba canke ngo isaganirizo nibarindire tuzoraba ababura isaganirizo abaribo kiriko kirafata intumbero nimurindire gato

  • Mbega burundi we!aho mwombarira ko babarinzi bari baryamye canke!nurudubi nagende azogire urugendo rwiza

  • Mbega burundi we!aho mwombarira ko babarinzi bari baryamye canke!nurudubi nagende azogire urugendo rwiza

  • Uravuga nabi nk’umuyaga w’igihuhusi! inkuba irabije...... heraheza. Ibirwa rudubi muracari benshi, akazi karacariho.

  • Nunukuri nukuri aba dd babona amahwa asongoye batazi icayasongoye.ubu rero ubu tigu burageze bibonere kumugaragaro.mukumushira mugasho yari yamanje kubacira umugani wa gahanga wishwe niki,bukeye ngo mufate mumushiremwo.nubu umugani ntaho waroye kuko ugana akariho kandi ntuva kugiti uva kumuntu!ahubwo mugomba mumenye agahanga kavuga naho kagiye kuvugira.mutama Rajab Imana ya Shadrak Meshak na abdnego ikuzigame nabo bandi ndwi murikumwe.

  • Nzovyemera ninumva hagize I Radiyo avugiyeko,kuko birashika bakaba bamunyuruje kugira ngo bamunyonge vyitirigwe ko yatorotse mpimba,Reka nanone nkebure abashingamateka bavuka I Muyinga muradya muri menge naho ubundi mwese murahona kuva Radjabu Hussein ashoboye gutoroka.Ntimushoke muvuga ayamuhe mutaramenya ukuri kwavyo.

  • NONE KO YARAYE ATOROSE NIGIKI CEMEZAKO YOBA YATOROSE CNKE YOBA YATWAWE NABAMUFUNZE HAMA NAWENE NIMBA YATOROSE NAVUGE CNKE ASHIKIRIZE ABARUNDI ICATUMYE ATOROKA KUKO HARI ABAKURIKIRANA POLITIQUE BATARI MUMIGABWE KUGI ABAHUMURIZE HAMA ABARUNDI TUMENYE ICO TWOKORA MURAKOZENONE KO YARAYE ATOROSE NIGIKI CEMEZAKO YOBA YATOROSE CNKE YOBA YATWAWE NABAMUFUNZE HAMA NAWENE NIMBA YATOROSE NAVUGE CNKE ASHIKIRIZE ABARUNDI ICATUMYE ATOROKA KUKO HARI ABAKURIKIRANA POLITIQUE BATARI MUMIGABWE KUGI ABAHUMURIZE HAMA ABARUNDI TUMENYE NONE KO YARAYE ATOROSE NIGIKI CEMEZAKO YOBA YATOROSE CNKE YOBA YATWAWE NABAMUFUNZE HAMA NAWENE NIMBA YATOROSE NAVUGE CNKE ASHIKIRIZE ABARUNDI ICATUMYE ATOROKA KUKO HARI ABAKURIKIRANA POLITIQUE BATARI MUMIGABWE KUGI ABAHUMURIZE HAMA ABARUNDI TUMENYE ICO TWOKORA MURAKOZENONE KO YARAYE ATOROSE NIGIKI CEMEZAKO YOBA YATOROSE CNKE YOBA YATWAWE NABAMUFUNZE HAMA NAWENE NIMBA YATOROSE NAVUGE CNKE ASHIKIRIZE ABARUNDI ICATUMYE ATOROKA KUKO HARI ABAKURIKIRANA POLITIQUE BATARI MUMIGABWE KUGI ABAHUMURIZE HAMA ABARUNDI TUMENYE IC

  • EMWEEEEE BA CNDD FDD MURAMARAMAYE NGUYO ARASOHOTSE.MBE GA NKURU NABA CNDD FDD BAWE MURAMARAMAYEEEEE.NIWINIGE ABANYAGIHUGU BATARA KUNIGA.KUBERA AMABI YOSE ARIKO AKORERWA TWEBWE ABANYAGIHUGU UGIYE KUYARIHA.NABO URIKO URABOGOZA KUMABANGA YABO NIBO BAGIYE KUGUTURIRA.URAKOZE MANA KUTWISHURIRA AMABI YABA CNDD FDD BAHEZE BISAMBURIRA,NONE GA NKURU UTA AMINI NANI MBEKO IMANA ITAZOKWAKIRA MUBWAMI BWAYO NAHO WIYOROBEKA NGURASENGA ABANTU BICHWA BURI MUNSI MUBURUNDI.NGUYO USSEIN ARI HANZE UGIYE KUGWARA UMUTIMA KOKO.

  • Imana irishuye amarira yarize ariwe nuwo yita umugenzi.
    komera imana ikuri imbere.nibaze gusa ko ataribo bakwivye
    Ngo babeshe ngo watorotse.fais un signe de vie....

  • Ntawatorotse murabe neza ko atanyurujwe

  • Ntawatorotse murabe neza ko atanyurujwe

  • Nivyo Radjabu yasohotse ibohero naho NKURU atakwo atagize ngo agumeyo.
    Jewe twahuje uno munsi mu gatondo arisohora.

    Imana isumba ingabo.

  • Wewe SIHONDI, ndatanganzwa n’abantu nkawe. Wewe uri Umugumyabanga kurusha H.Radjabu, ba Col, ba Gnl bawose guhera 1994 ariko uwagiye ahunze muri 1996 akaba yarabangaje iyo atabanize?? N’uko uzi ko uri nkababandi bita "ABAMOTSI" kera ku Bami. Nayo ahandi ntuba uriko urahoha.
    Hussein Radjabu nimba banamwishe twese tuzopfa ntawuzorusimba yaba Nyenicubahiro, Umuryango wiwe, abamufasha gutwara NEZA VY’AKARORERO, abamuhanura, abamucungerera umutekano, eka n’abamutegurira ivyo arya.

  • Hemwe wa mugani wa wa muhanuzi w’umunyarwanda, umengo ivyo yavuze k’Uburundi bigira bisohore.

  • Ese Imana Yocana Tugasanga Ntibamugaguye! Nkuko Bagira Banyuruze Rugurika! Imana Nimuhe Kugenda Amarembe!! Ewe Mana Ufashe Hussen Radjabou.

  • Imana yumvise amasengesho yacu radjabu ngo yajabutse imbibe yaganiriye nabamenyesha makuru bamaze kuvuga ko ari muzima ubu rero abarwayi bagira bahabwe umuti kuko nabivuze ivyo bigwarudubi vyishura nkabashebuja bamuretse ejo niho muzotangura kwumva neza kandi ndibaza ko benshi muri bashoboja uno munsi ntatiro muronka ariko mwihangane abarundi vanhempi babahanura kwubaka izonzu ariko hazogera aho kuziraramwo bizobagora none wibazako uni munsi mugira itiro ariko twebwe turasinziriye nukuri kandi tuhota tugone namwe mubuze amahoro yajabutse nimwimanike

  • Nambamwarigeze kwumvabantu babarundi bibihangange mugihecaheze unomusi sikobiri, Mbega nindesumvya ubuhangange Nganguma yatanguje ikiroberi gishiririye? Ariko uyumusi raba imyaka iheze afunafuna ngoyongere yerekane bwabuhangange bwogutanguza ikiroberi gishiririye nkacagihe ariko vyaramutaye kuwamazi, arikonubu aracafunafuna. Uworero cambuca Levis ariyononeye azosanga iminyuro itakiri yayindi! Icagiyekwunguka nukuvugira kuri RPA .

  • Mana Ube Hafi Y’abarundi N’uburundi Kuko Bitagiye Kworoha.

  • Nimuvuge make iconzi nuko nawene agiye guhamvya abandi muvyo guharanira ihinduka kuko igihugu kigeze ahatemba kandi nizere ko mumuzi bikwiye ko ari umukozi?

  • Nuwera we aho ivyo uvuga wobibaza abo ushigikiye kurino saha wibaza ko muvyumva kumwe?sha noguhanura nimba uzi ubwoko bwibiti hari igiti bama bavuga ko kiturirwa kandi niyo utacuriye ugahirahira ukagikora ko kirababa mbe woba ukizi ?reka ndagufashe uragenda ubaze neza ico bita IGIHAHE uzombwira urabe uko kimeze urabe nivyaco vyose.
    Abo ubona bameze nkamaconco bamenje kuko batunze amatungo bakuye mubanyagihugu.Ndakwibutse maconco amaze gutunga yibagiye iyo yavuye atangura kugaya nuwamuhaye arondera amananiza ariyo yamubereye intanduruko yo kubura ivyo yarafise yazize RUREBEYA. Aho wicare hasi wihe inyishu baratunze nivyo turavyemera ariko kwishima no kugaya abanyagihugu iryo ni isakirirego uwahora atwara Zaire ubu yitwa Congo MOBUTU niwe yavuze ngo (il faut etre riche pour se permettre de vivre comme un pauvre en afrique)

  • icuzokora cos ibtka imana ejo uyumusi ni jw ejo niwew radjabu abagushigikiy ni beshi urumugabo kand uzokwama urumugabo ntaco nogufasha muga imana ikurinde ivyukora bibe uko ubikeney maz imana iguhay iteka ukarongora igihugu uze utwarire bose kuk niyonzira izogushikana kuc warahaniy umuntu ww uze umufashe atagucangura ndagusabiye umugisha ukaba ugihema menyesha abarundi kok bafis ibibazo vyishi umusi namenye ko uhema nzonezegwa ndakwipfurij umugisha mutama

  • Abarundi batarabona ibiriko birakorwa na gouvernement ubu ntavyo bazobona amazi yarenze inkombe, Rajabu yaramaze imyaka ingahe mumpimba? amatora azoba ryari? kuberiki yotoroka ubu....? hari ibibazo vyinshi umuntu yokwiyumvira, uko jewe ndabibona, CNND irazi ico iriko irakora, ariko umuntu weze azoshigikira Rajabu ngo yanka CNND, azoba yibeshe kuko bose nibamwe kandi numukino muto bariko bakina abarundi... this is what we call an inside job, conspiracy, the government of CNDD knew why they put him behind the bars and they know why they released him at this moment approaching the elections, my fellow Burundians, just BE CAREFUL. it is just A GAME.

  • Ntihagire umuntu yiyumvira birebire kuvyabaye.Iconzi nuko politique dd igihe guhinduka nubwicanyi bwinshi bugiye gukurikira irekurwa rya radjabu

  • haaaaa haricomutazi zamuravuga make mbega kombona mumushimagiza mwongera mukokeza mbegiyontambara niyaba kombonariyo mushirimbere mirazahizohera naho izohereza murazabizohitana nabizosiga mumenyeko abazopfa sabo ba dd mwamiza mukanwa nawewe nuwundi mwikebuke haricomutazi nuticwa uzosenyurivwinzu cankuhungigihugu abobonse bavugintambara nabatayigwanye ubonakomwesubu mwigizabagwanyi mwese ntimuzuko azogaruka kuryatabasezeye kandi wankumugora cira ukazanu wugucirako
    woshaka mwotekerza haribenshi bagomba kumwogerako muzogende buhoro gusa kininiya azunguka ubwambere niterabwoba nokuvugira kuri rpa muburundinaho itera bwoba ntangorane nashababu yarahunze murisomariya

  • HUSSEIN RADJAB ubu abarizwa I KIGALI mu RWANDA.Kagame yamuhaye inzu ahitwa NYARUTARAMA.Kagame azakoresha RADJAB mu kujya kwica NKURUNZIZA muminsiya vuba

  • Extrait du discours de Manasse Nzobonimpa:" Ubu rero abagumyabanga mwese ni
    mureme umuvukanyi wanyu yasohotse
    igihome kandi ahejeje gushika aho
    yategerezwa gushika amahoro,naho
    yarushe cane,ariko ni mureme ari ejo
    canke hirya y’ejo,azoshikiriza ijambo
    ry’ihumure abarundi n’abagumyabanga.
    Turizeye ko Nkurunziza azoteba
    akabona ko yihenze kandi mu gihe
    gitoyi cane.
    Turasavye abarundi bose aho bava
    bakagera ngo bafatane munda,bime
    amatwi inyigisho z’amacakubiri
    zatanguye gukwizwa hose mu gihugu
    na ka karwi ka Petero
    Nkurunziza,abarundi bose mumenye ko
    umwansi wanyu atari uwo mudasangiye
    ubwoko,mwese muhuriye ku mwansi
    umwe nawe n’uyo wese agomba
    gusubira kubateranya mu moko kandi
    mwese mubona ko ico kibazo cariko
    kirava mu nzira ,kugira duhangane
    n’ikibazo c’ubukene,inzara n’ibindi
    biduhanze.
    Twobibutsa ko umushingamateka
    Radjabu Hussein asimvye
    akanga,uravye ingingo zari zamufatiwe
    haraho mutosubiye kumubona,ariko rero
    burya ngo Umwansi agucira akobo
    Imana nayo ikagucira akanzo".

  • NIYONDIKO Camille
    Ewe Radjabu, Pole sana Nkurunziza pierre yarakikoreye kukugumiza mwibuye kandi wararengeje ica 4 cumunyororo, none ubaye uwundi mwansi yiyongereye ku bindi bihumbi vyabamwiyamiriza. Reka ayabone tanga nyabuna intererano yawe twirinde akaga igihugu kirindiriye

  • harya mu burundi ibihangangetwemera kandi duha icubahiro ninyakubahwa pierre Buyoya uwakurikira yari nyakubahwahussein radjabu,nimba imana ikimuha impwemu uyu muga hariho abantu nta dondaguye bagiye kubona iy’imbwa yaboneye kumugezi.

  • Mwe mwifuza ingwono abo bazogwana abanyagihugu bahahonere,nimwomara guhera bace Baja mu mishikirano,rero mwe mwifuza intambara nimwitonde muzogwana abo BA Dd muvuga bibereye mu ma hotels , mwe muri muragoregwa mu gahinga.

  • nagomba bwire bamwe muba dd bibintazi mbemwibazako police ari ya nkurunziza ngabo baraye bamweretseko itwo yigira bamurabisha yompi,nkahanura bwabu dd bwigira ngo nimbonerakure bwiyemeza ngo police niyabo.baraye babonye uwutegeka nya police biyitira ngo nizobakingira ikibaba mumabi bakora,aba bona kure ndibaza murahakuyeicirwa.

  • EWEEEEEE NKURU UGIYE GUPFA NINTUNTU KO HUSSEIN AGUSIZE.MBE UTAPONA?NUKURI UGIYE KUBURA ITIRO NUKWIBAZA VYINSHI UZI BIRI KUMUTIMA WAWE NKURU.NUMUPIRA UGIYE KUHAGARIKA KUBERA WOGWA MUKIBUGA.BYE BYE NKURU NARETA YAWE YA CNDD FDD.

  • eeeheeeee ubabantubonse bigize bakamenyi abandi bigirabavugana nabandi husen ntawoyasezeye mugabo mutangure mumuvugirivyatabatumye hazozaba vugako bamuherekeje ivyuburundi tubirindire harinabashaki ntambara nabakuzevuba batazintambaricarico abandi nabagomba kajagari kugira bi e vyobataruhiye ntibazokoroherwa oryabike baksryamakare

  • eeeheeeee ubabantubonse bigize bakamenyi abandi bigirabavugana nabandi husen ntawoyasezeye mugabo mutangure mumuvugirivyatabatumye hazozaba vugako bamuherekeje ivyuburundi tubirindire harinabashaki ntambara nabakuzevuba batazintambaricarico abandi nabagomba kajagari kugira bi e vyobataruhiye ntibazokoroherwa oryabike baksryamakare

  • Imana ituje imbere ntihagire akajagari kazosubira kwaduka m’uburundi kuko ntaho bizodushikana kiretse kuduhekura gusa "Imana ijimbere uburundi nabarundi.

  • Ivyuburundi ntibigiye koroha.Gusa mpanura abagomba kwihatira kubutegetsi induru zivuga ko bobireka parce que entre deux maux on choisit le moindre.Bakabandanya badadika kandi abansi babo b’inguvu batera bagwira, ingorane zishobora kuba umurengera, d’abord kumugambwe CNNDD-FDD, et ensuite kubarundi benshi batari bwanakire ibikomere vy’ubuja bamazemwo imyaka myinshi hélas bashobora gusubizwamwo na benewabo. INKUBA IRABIJE NTUVUGE NGO MARABANSI N’ABAKUNZI BARAJANA.

  • Ntanka ko itoroka rya Husein Rajabu ryoba rifitaniye isano nicuka kibi kiriko kiravurwa hagati mubagumyabanga murikino gihe. Imana imuje imbere kuko naho hoba harico yagirizwa, twomenya ko ari mubandi.t

  • Ntanke ka ko itoroka rya Husein Rajabu ryoba rifitaniye isano n’icuka kibi kiriko kiravurwa hagati mubagumyabanga murikino gihe. Imana imuje imbere kuko naho hoba harico yagirizwa, twomenya ko ari mubandi.t

  • Abarundi muzamera nka Lybia. Muzifuza Piter mutakimubona. Nti muzi aho isi igeze kabisa. Ngaho ni mushyireho Rugurika. Haaaahaaaahaaa

  • IVYO MUGIRA VYOSE MUDUHE AMAHORO mwebwe muryanire hagati yanyu mureke umunyagihugu yiruhukire naho ibiciro biduga kurugero rurenze ariko aruhe mugabo mwoye kumwica kuko nivyo biciro vyonyene biramwishe

  • Hussen Radjabu Yarafashwe Nabi Nabo Barondereye Hamwe Amahoro.Reka Nawe Azokwerekane Ubugabo Bwiwe.Kubera Iki Peter Yamushira Mwibuye Akarya Wenyene Ivyo Barondereye Hamwe?

  • turabonako mugomba kudusubiza muntambara abanyagihugu twararushe iconovuga nuko umuti ataru kuduhamagarira mwibarabara nimureko tuzicirurubanza hageze nayo ntimuzi uwuzogwa muriyo migumuko kandu pfuye abarya bazobandanya ntibazonakwibuka giramahoro

  • Wakigugu we ngo ni Kamali. Yanyuze mu i tanganyika twese turaba yari ahejeje gutanga ikiganiro nabamenyeshamakuru!!!! ewe Kagame watugorewe ko!!!! Radjabu aha turiko tuvugana ari mu gihugu ca OMANI icokigugu naco ngo ari kigali!!!!

  • Uwurwanya uwundi amuhorubusa uwo numwansi wigihu mbegaho amara imyaka nkiyo yose harumuntu yishe ko mbona nabishabandi bidegemvya nka badolphe kazungu rwembe nabandi none hussein niwe nyagupfa?

  • PETER NKURUNZIZA GUMA TURINYUMA YAWE!ABO NABASI BAWE NIGIHUGU UZOBA ICO IMANA ISHAKA.NABO SURUKUNDO BADUFITIYE ATARI INYUNGU ZABO TWARABAHINYUYE!MBEGA BASHAKA KO IGITORO KIGUGWA NKUGWAGWA TWIGANIRA KANDI KIVA HANZE?GUMA

  • hariho abantu bashikiriza iciyumviro cabo bashaka gucozanya mugabo nivyo amahoro araboreza

  • Nari nipfuza ko nomenya aho usene yagiye nigihugu yagiyemwo kugira abarundi dushire umutima munda.

  • ABARUNDI DUKWIYE KUMENYA KO GUTOTEZANYA ATANYUNGU BIRIMWO KANDI KWIPFURIZANYA URUPFU NTAWO VYATUNGISHIJE KUKU NAHO UWO MWANKANYE APFA NA WE WAMWANKA RURAGUTWARA KUK NTUBA URI UMURAGWA W,ISI.REKA HUSSEIN YIBEREHO NAWE NYENE AFISE AMARASO NK,AYO ABANDI BOSE BAFISE.KUBERIKI YOFUNGWA IMYAKA NK,IRYA YOSE?URYA YAMUFUNGISHJE UWO MUFUNGA UKWEZI KUMWE KWONYENE YORYOHERWA?BIRABABAJ GUTOTEZA UWUNDI AZIRA UBUSA.

  • ABARUNDI DUKWIYE KUMENYA KO GUTOTEZANYA ATANYUNGU BIRIMWO KANDI KWIPFURIZANYA URUPFU NTAWO VYATUNGISHIJE KUKU NAHO UWO MWANKANYE APFA NA WE WAMWANKA RURAGUTWARA KUK NTUBA URI UMURAGWA W,ISI.REKA HUSSEIN YIBEREHO NAWE NYENE AFISE AMARASO NK,AYO ABANDI BOSE BAFISE.KUBERIKI YOFUNGWA IMYAKA NK,IRYA YOSE?URYA YAMUFUNGISHJE UWO MUFUNGA UKWEZI KUMWE KWONYENE YORYOHERWA?BIRABABAJ GUTOTEZA UWUNDI AZIRA UBUSA.

  • ABARUNDI DUKWIYE KUMENYA KO GUTOTEZANYA ATANYUNGU BIRIMWO KANDI KWIPFURIZANYA URUPFU NTAWO VYATUNGISHIJE KUKU NAHO UWO MWANKANYE APFA NA WE WAMWANKA RURAGUTWARA KUK NTUBA URI UMURAGWA W,ISI.REKA HUSSEIN YIBEREHO NAWE NYENE AFISE AMARASO NK,AYO ABANDI BOSE BAFISE.KUBERIKI YOFUNGWA IMYAKA NK,IRYA YOSE?URYA YAMUFUNGISHJE UWO MUFUNGA UKWEZI KUMWE KWONYENE YORYOHERWA?BIRABABAJ GUTOTEZA UWUNDI AZIRA UBUSA.

  • UMUTEKANO WU UBURUNDI NI MUMABOKO YANYU MWESE. ICHO YAGAGAGIZWA HUSSEN NGWA AHUNGABANYA UMUTEKANO KUBU ATALIHO VYAHINDUTSE GUTE KWI INTAMBARA ILIMWO ILANUKILA. AHUBWO ICHOMBONA NKURUNZINZA AJE KURUHANDE ALEKE ABANDI BATABAZWE VYAMWANKIYE ABARUNDI NTAMWIZELO BAKIMZILIKANAMWO.

  • KOBAVUZENGO YATOROKANE IBIGWANISHO YOBAYARABITOROKANYE?

  • Azofatwa amarire umunyororo

  • None ubu hussein radjabu ari he ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.