IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ibanki nkuru y’Igihugu yasohoye inoti nshasha y’1000

Ibanki nkuru y’Igihugu yasohoye inoti nshasha y’1000

mardi 1er Nyakanga 2015

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015,Ibanki nkuru y’igihugu yasohoye inoti nshasha z’amafaranga 1000.

Mw’itangazo ry’Ibanki nkuru y’igihugu,ryateweko umukono n’umukuru wayo Ciza Jean,iyo Banki imenyesha ko iyo noti y’igihumbi nshasha izokora mu kiringo c’amezi atatu ikorana n’inoti yahahora.

Iyo noti nshasha y’igihumbi izosubizwa gushika kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2015,inyuma y’iryo sango,iyo noti izokwakirwa gusa mw’Ibanki y’igihugu iri i Bujumbura,canke ku mashami yayo ari i Gitega n’i Ngozi.

Muri iryo tangazo ry’Ibanki nkuru y’Igihugu,Ibanki nkuru y’Igihugu imenyesha ko uwozorenza ico kiringo azotanga ibice bitatu kw’ijana vy’agaciro k’inoti azoba ajanye gusubiza mw’Ibanki nkuru y’Igihugu.

Mwomenya ko inoti zi 10000,5000,2000,na 500 zahagaritswe gukoreshwa kuwa 29 Myandagaro 2015,uwujanye inoti mw’Ibanki nkuru y’igihugu inyuma y’iryo sanga akarihishwa ibice 5 kw’ijana vyayo ajanye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • AHubwo ho bukera barashira hanze niza 100000 nko muri zaire . Ko amakungu yabateye umugongo nibakore vyinshi tuze turabitwara mumagunira tugiye gusuma ewe burundi urateterejwe naho Rwasa wenyene yabonye ubwato buriko burazama aca arinagamo ngo bijanane

  • VYARI.BIKWIYE KUK IZAKARE ZARI ZISHAJE

  • kukarongo ka Kane ntimwadusobanuriye neza muvuze ko iyo noti nshasha izosubizwa imbere yiryo sango ? canke hazosubizwa iyahahora? urumva rero iyo noti nshasha izokora ikirigo camezi angahe ? canke inyuma yukwezi kwa kigarama muzoca musohora iyindi igira kabiri ? ataruko raba neza ngira mwihenze kwandi murakoze ! ndi Nadel nikiwa dar es salama Tanzania maana kwamba sisi tunazishuudia kwenye picha tunaomba mtufafanulie bizuri ili na ssi tujue njinsi gani tutakavyo zitmia ahsante

  • ewe emma. ntunzi naw sinkuzi. vyoba vyiza ugumije, umunwa. ntabindi wokora udatryoje? kora hama ihera riduze agaciro.

  • ewe emma. ntunzi naw sinkuzi. vyoba vyiza ugumije, umunwa. ntabindi wokora udatryoje? kora hama ihera riduze agaciro.

  • nimukore izonoti,zikorane vyose bbe bishash

  • wE mafuti wiyise emma kuruburofa nkanje numucuruzi arikumwe naya mashasha angora guharura kuko arashaje mbegavyiza bakazana ayasobanutse ahubwo banyarutse nutwijana bahindure ndabemera mujana nigihe komeza muhindure natwe twitezimbere

  • Ndabwira Emma , nigiki umazegukorera muburundi cokwerekanako usumba abandi, nkakubaza nigiki wakoze kugira uburundi butere imbere maze tugereranye nivyo nyakwubahwa Rwasa yakoze nivyowakoze turebe uwusumvyuyundi? Rwasa nawe mugihe Imana izoba ikibabungabunze ndaziko utazogirira akamaro igihugu gusumvya Rwasa icuzomusumvya nizinama muhabwa na Kagame zogutegera abenegihugu mukica ngonukugira mwereke amakunguko arimwebwe mushoboye kubamwihagarika ubwicanyi kandinivyo mugihe mwebwenyene arimwebwe mwicabantu muretsekubica urumvanyene ntibopfa,ivyomurabimenyereye kubibikora mwarabikoze mugiheca Ntibabtunganya nubwowewe atakivyibuka jewendibukako yagiye kubutegetsi mucamutanguza ubwicanyi hagiyeho uwomushaka mucamurareka kwica nubunujonushaka ndababwire ntitubaha pfumamutumara ndazikobizobagirira ingaruka mutaratunara. Ikindikigereranwa nivyomurikomurakora kubicanye nuyunwugawanyuwokwica, ninkiguhe Kagame 94 yaduka mubabyarwanda akababasha amagrenade naza katiyusha hagapfa itikiru ryabanyarwanda munyuma arahagarika acavugango arahagaritse abicana ahokuvugango ndaretse kwica! Mwenubwobubisha abataribake mubiyaga binini barabaze kubumenya aboturiko turabubwira nabazungu tubonamengo ntibarabumenya kandinibavyujuri vyasebikunze bategerezwa kumenya ubwobubeshabwanyu mugihe kitaramburanye. nubwontakuzi ntizigera ungana narwasa icuzomusumvya

  • izo noti niraryoshe gufata.nibakore iza 200 n’izi100

  • izo noti niraryoshe gufata.nibakore iza 200 n’izi100

  • Muraraba neza gusa ko ata foto ya Peter banyegejemwo. Bigenze uko nobasaba ko uwuyironse yoca ayitabura agafata ko ari ayatakaye!

  • emma
    yemwe banditsi bigihe kuberiki abantu biyita amazina yabandi? nkico kijuju cavuze ngo gikeneye amafranga gitwara mumagunira wumva ari emma akunda uburundi nkajewe? hemwe izina ryanje sinkeneye komuryiyitirira, vuga gwanyu jewe kugihe nduwakera.

  • Nkabene Gihugu Ico Dushaka.Nuko Batoyatwereka Gusa Ngobace Bagumiza Mumabanki! Banyaragase Bayakwiragize Mubene Gihugu.

  • Nkabene Gihugu Ico Dushaka.Nuko Batoyatwereka Gusa Ngobace Bagumiza Mumabanki! Banyaragase Bayakwiragize Mubene Gihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.