IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ibindi birego vy’Abarundi 98 vyashikirijwe Sentare mpuzamakungu (...)

Ibindi birego vy’Abarundi 98 vyashikirijwe Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

vendredi 2 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yashikirijwe kandi amasanamu (Vidéos) hamwe n’intahe z’amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ayo nayo akaba agizwe n’abafashwe ku nguvu, abakorewe ubwicanyi ndengerabutungane, ababuriwe irengero, ababorejwe igufa, hamwe n’abagandaguwe nk’uko tubikora mw’itangazo ryasohowe n’urwo runani rw’abashingwamanza.

Muri iryo itangazo ryasohowe n’abo bashingwamanza bagize urwo runani aribo Armel Niyongere, Bernard Maingain, Lef FORSTER, Nigarura Lambert, hamwe Alain Detheux, bamenyesheje ko babandanya gukorana n’umurwi w’amatohoza ku Burundi washizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira abahinga bari muri uwo murwi bashobore kuvugana n’abobaha amakuru biboneye ku vyaha ndengerabutungane vyakozwe mu Burundi.

JPEG - 132.1 ko
Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Turashimira bivuye kumutima, abobashirwamanza bitanga ijoro numurango, mukwegera abenigihugu bahuye nivyago vyahano mu Burundi, mukubafasha kwitura iyo sentare mpuzamakungu.
    Nibeshi bakorewe amabi kurabo mwatanze igitigiri, ariko beshi beshi ntibaratahura inzira boshobora gucamwo kugira bashikirize amabi bahuye nayo.
    abandi baratinya kubwihahamuka ,bakibaza kobazoshobora nukuzimanganirizwa ubuzima.

  • Jewe harikintu ntatahura.
    Ayo masanamu numva yatanzwe,yafashwe n’ibigendajuru canke?
    Ubwo kweri woba uriko urakorerwa amabi ugatora camera ugafata amasanamu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.