Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 7 bituma abagore bashobora kwahukana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Ibintu 7 bituma abagore bashobora kwahukana

Ibintu 7 bituma abagore bashobora kwahukana

lundi 16 Ruheshi 2014

Abahinga muvy’urukundo baregeranije ibintu bishika indwi bituma abagore batiyumvamwo urugo bubatse canke bakanahukana bivuye ku nyifato z’abagabo babo.

Ivyo bintu 7 ni ibi bikwirikira:

1) Kurenga ibigo

Bamwe mu bagabo bakunda kurondera ivyo batari bwabone, ivyo rero bituma baca kurondera abandi bagore aho womenga n’ukurondera ahoruta ahandi. Hari uwohava yibaza ko umugabo yaharurutse umugore wiwe. Ivyo rero bituma umugore atacizera umugabo wiwe, iciyumviro co kwahukana kigatangura kumwinjiramwo.

2) Gukunda gukora imibonano mpuzabitsina

Hari abagabo muri kamere kabo bakunda kugira imibonano mpuzabitsina. Hari aho rero umugabo abishaka umugore nawe ntabishake, hagahera n’iminsi umugore atavyo arashaka. Muri ico gihe umugabo arashobora guca aja kurondera umugore amworohereza. Wa mugore wiwe nawe ishavu rikaniga.

3) Umugabo atizera umugore

Iyo umugabo atizera umugore wiwe, akama yibaza ko agendana n’abandi bagabo kandi atari vyo, bituma umugore ateba agashishwa n’urukundo kuko atacizerwa n’umugabo wiwe

4) Kugereranya umugore wawe n’abandi

Kugereranya umugore wawe kenshi ku bandi ubona benshi bamuruta ubwiza, hari abaca birukira uwo wundi bashimye. Umugore bambikanye impeta bakamushira ku ruhande nawe agahava yigira inama yo kwahukana.

5) Umugabo ataco amariye umuryango

Hari abagabo usanga ataco bamaze mu rugo, naho aba akorera amahera yose akayahererza mu gusesagura. Umugore wiwe akaba ariwe atunga urugo. Arwa avyuka umugabo nawe ataco amufasha, umugore arateba akarambirwa.

6) Umugabo akengera ivyumviro vy’umugore

Hari abagabo bakengera ivyiyumviro vy’abagore babo, niyo avuze akabifata nk’uko atakamaro. Ivyo bituma umugore abona ko ata ruhara afise mw’itunganya ry’urugo, bimaze igihe, umugore arateba akiyomora.

7) Gukunda uwundi mugore

Birashika umugabo agakunda uwundi mugore bivanye n’uko umugore wiwe amufata canke bivanye n’uko umugore wiwe amufata. Ku mpande zose, haba ku ngeso mbi z’umugabo canke umugore amufata nabi, ntibireka gutuntuza umugore maze agahitamwo kwahukana.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • iyo ubanye n umugabo imyaka myinshi,abagabo benshi bararambigwa maze bamwe bakavugako atakwama ku ndya imwe.Niho baca batangura kwiyadukiza barondera udukosa ataho tufatiye,bigenza ,batitaho abagore babo maze abandi bakagira na abstinnance .murico guhe umugore atahagabiye ashobora kwihebura,akabona ko ubuzima buheze,akanagwara hypertention kubera vyiyumviro vyimyaka agezemwe ningene azobaho a l age avancee.aho hose umugabo abigira kugira arungike umugore kwiyumvira kukora ikibi niho uzosanga bamwe baja kubapfumu abandi gusambana.rero umugore yogaba kugira ntiyiycire ubuzima kuko apres l echec la vie continue,malgre l age.kandi niwo mwanya umugore ategerezwa kwiyereka Imana kuko sumwana wumuntu ayoborisi

  • Tout simplement l’homme nais naturelement polygame kuko uzosanga kenshi nkiyo umugabo ariko aragenda haba kumaguru canke ari mumodoka ahuye n’umugore canke umwigeme arahindukira akamuraba kandi ivyo bishika kubasore no kubagabo bubatse ingo gusa iyo bishitse hari abacigenga ubuntu ugasanga aratinye societé agatima kakamugarura hakaba nabandi isoni zaheze kumaso baca bashaka kugiranira ama relation nuwo mugore canke nuwu mwigeme.
    Ivyo rero bigatumwa nuko kenshi usanga ata mwanya ukwiye wa fiancaille wabaye hagati y’abubakanye hari nabubahuka bakabwira abo bubakanye ko bihenze muguhitamwo uwo bubakana.

  • mbe ko mutavuga ko umugore ashobora kwahukana bivuye kuko akunda igitsina gabo caaaaaane,hanyuma ugasanga umugabo wiwe nawe abikunda bisanzwe?

    ee?

  • Eddy nashaka ndagusubize wavuze neza ariko wahejeje uvuga ngo kubera bakoze fiancaille ntoya!!reka ndakubwire ngira nturagenda ngurabe cnke nturakora analyse neza ingo zisambuka zoose suko baba batakoze fiancaille ndende!!abagabo barazi kwiyorobeka cane kuburyo mwoyikora iyo fiancaille ndende ntubone ingeso yiwe!!canke mukayikora iyo fiancaille mukabana nyuma akazokwadukana iyo ngeso nimba urumukobwa ntuzokwibaze ngo nukora fiancaille ndende umugabo ntazoguhinduka umugabo mwiza yuzuye urukundo atazoshurashura utagwa n’Imana uzosenge gusa!!nimba urumugore naho nogusaba gusengera urugo rwawe ubundi satani iyo aje ntuzomukangisha ngo wakoze fiancaille ndende!!nimba urumugabo naho nogusaba gukunda umugore wawe umubiri wawe ukawuragiza Yesu ukawugira ingoro ya Mpwemu Yera uzoba utsinze kurenga ibigo numugore nuko!!

  • niba arivyo gupitapita quelle est l’importance de se marier?niba arivyo nimirije kujamwo nzigumira ndi celibataire.il faut prier

  • niba arivyo gupitapita quelle est l’importance de se marier?niba arivyo nimirije kujamwo nzigumira ndi celibataire.il faut prier

  • Abagabo badakunda abagore babo baba bacumura kw’ijambo ry’Imana rihimiriza umugabo wese gukunda umugore wiwe.Abanyefeso 5:22-30.

  • igikenew hanini hagat y’abubakany ni ukwizerana nukumenya uruhara rwumw’umwe mumuryango bakabana atagukekana uyu cank uriy akameny ukunt yifata imber y’uwo bibanye.

  • Jewe Niyumvirako Arivyo Nyene.

  • ASHA,ngaho kuri iyinyifato yagatatu warasarishije kuko umugore nawenyene birashika akabishaka umugabo atabishaka?none uyumugabo nawe nyene yocayahukana akagenda ahandi? hama mbega iyobishitse baryamanye hoho wumva vyogenda gute kuko biragoye kwihindukiza agatiro kakwishe canke waraye usomye utuyoga?

  • Egomebirashika Najewevyarashikiye,mugabo,umugorentiyahukanye,nijewenahavuyendamutananinzu,

  • Jew Ndakunda Umukobwa Ariko Tukamarana Umwanya Muto Jew Sinzi Ico Bivako Nokwifata Jute Imbere Yiw Kugira Tugume Murukundo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.