IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Umwungere wa Ekleziya aratanga insiguro y’urukundo nyakuri

Umwungere wa Ekleziya aratanga insiguro y’urukundo nyakuri

mercredi 19 Ntwarante 2014

Muri kino gihe abantu benshi baragira ibibazo hageze ko bafata ingingo ntabanduka yo kwubakana, bakagira ubwoba ko urukundo rwabo rudashobora kumara imyaka bibaza ko bazomarana. Ivyo biri mu cigwa cakozwe n’umwungere wa Ekleziya Papa François, aho yahamagarira abo bose bafise ivyo bibazo kwikuramwo uwo mugenzo w’urukundo rw’akanya gato, kuko urukundo rw’abubakanye rutegerezwa kuba urukundo rw’ibihe bidashira.

Uwo mwungere wa Ekleziya atangura atanga insiguro y’urukundo nyakuri ruzira ubwoba bwo kuramba, rukurayo rya jambo ababana bavugana ko bazobana igihe cose bazoba bagikundana. Papa François yarafashe umwanya ariyumvira aca agira ati : « Mu rukundo twokwumva iki? N’ibishobisho, canke ni ivyiyumviro bikorana n’ivyo umunntu abona ? Neza cane bisa n’ivyo. Hamwe urukundo rwoba ari imigenderanire mwiza, vyogereranywa n’inzu iriko irubakwa. None inzu yokwubakwa n’umuntu umwe? Eka da ! Kwubaka bisigura gusangira n’ugufashanya gukurira hamwe mu rukundo.
Bagenzi muriko mwitegurira kwubakana, tegura gukurira hamwe, mwubake iyo nzu yitwa urukundo hamwe, kugira muzoyibanemwo ubutagitandukana. Ntimuyubake ku bishobisho biza bikagenda, ariko muyubake ku rutare rw’ukuri, urukundo ruva ku Mana. Kwubakana ni igikorwa c’iminsi yose, novugako ari nk’igikorwa c’umucuzi, c’uwimba inzahabu, kuko umugabo afise igikorwa co kugira umupfasoni wiwe ibirenga uko yari ameze, umugore nawe afise igikorwa co kugira umugabo wiwe ibirenga ubugabo yarasanganywe. Mugakurira mu runtu, nk’umugore n’umugabo, kandi ivyo rero bikaba hagati yanyu".

Papa François abandanya atanga insiguro yo kwubakana mu rukundo :

Papa arabitangira umuco : "Kubana ubuzima bwose si ikibazo c’imyaka myinshi kuko kwubaka urugo ruhimbaye s’ukumarana imyaka mutahukanye, ariko uko mubanye. Gumana hamwe hanyuma mumenye uko mwokundana ubutakivana : ivyo nivyo binanira abubakanye rukirisu".
Abandanya avuga ku bijanye no kwubakana, avuga ati : « Kubana n’umwuga, n’urugendo rwo kwihangana, rusabwa kugendamwo neza kandi rukaryoha, kandi n’urugendo rufise amategeko ngenderwako yegeranirizwa mu majambo atatu akwirikira ":

1. Ndashobora…

Ako ni akajambo keza karimwo urupfasoni n’icubahiro gatuma umutima wuguruka. Urukundo nyakuri nta gahato canke gukara bijamwo. Nico gituma muri ino minsi isi yuzuye amajambo mabi n’ibitutsi ata kwubahana kubaho.

2. Urakoze...

Si ijambo ryo kubwira abahita gusa kugira werekane ko warezwe, eka ribwire uwo mwubakanye kugira nawe umwereke ko warezwe hanyuma mubandanye inzira y’urukundo.

3. Mbabarira

Mu kurangiza, uwo mwungere wa Ekleziya avuga ati : «Turazi neza twese ko ata rugo rutagira agahonzi, umugabo canke umugore atabuze agahonzi. Naba sogokuru na sogokuruza ntibari babuze agahonzi, turaziko turi abacumuzi. Yezu Kristo aratuzi neza, kandi aratwibira akabanga : "Ntuheze umunsi wose udasavye imbabazi, canke uryame hari agahaze mu nzu atasavye ikigongwe."


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.