IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Ingorane z’urukundo zirahanze François Hollande n’umuhungu wiwe

Ingorane z’urukundo zirahanze François Hollande n’umuhungu wiwe

samedi 13 Nyakanga 2014

Thomas Hollande umuhungu wa François Hollande nawe yahambije se wiwe mu ngorane z’abagore. Uwo bari bamaranye imyaka mu rukundo yaraye amusezeye, Thomas yumiwe.

JPEG - 64.9 ko
Joyce Jonathan yahevye Thomas Hollande

Uwo muhungu wa François Hollande yaguye mu yabize aronse ubutumwa ko umuririmvyi Joyce Jonathan bari bamaranye imyaka ibiri amuhevye. Ese hoho iyo yamuhamagara akabimubwira amaso mu yandi ntavyumvire mu kiganiro "Tele-Loisirs". Joyce Jonathan asanzwe ari mw’ihiganwa "Danse avec les stars" yavuze ati :"Thomas Hollande ntitukiri kumwe!".

Joyce Jonathan yongera asigura iyo ngingo yo guheba Thomas Hollande ati :" Iyo ngingo nayifashe inyuma y’igihe kitari gito biri muri jewe. Nk’uko nsanzwe ntinya kubabaza umuntu, vyarangoye kuvuga ariko ntakundi nobigira. Ndazi ko ngize ibintu bidandukanye na kamere kanje."

Mwomenya ko ivyo bishitse mu gihe se wiwe François Hollande ahanzwe n’amajambo ariko avugwako ku bijanye n’ukwahukana kwiwe na Valerie Trierweiler.

JPEG - 123.2 ko
Francois Hollande yahukanye na Valerie Trierweiler

Umviriza wongere urabe aha munsi isanamu y’ururirimbo "Sans Patience" yaririmbwe na Joyce Jonathan


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.