IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ido n’ido ry’irenguka rya Bob Rugurika gushika atwarwe mu Mpimba

Ido n’ido ry’irenguka rya Bob Rugurika gushika atwarwe mu Mpimba

mercredi 21 Nzero 2015

Umunsi w’itwagwa mw’ibohero rya Mpimba wa Bob RUGURIKA waranzwe no gushigikirana kw’abantu batandukanye, aho biriwe imbere ya Parquet bikanka ko bahava kuva yinjira gushika asohoke ari muri kizunguzungu imutwara mu Mpimba.

JPEG - 22.2 ko
Bob Rugurika yinjiye Parquet

Vyari bimeze gute imbere ya Parquet ya Mairie ya Bujumbura?

Igenekerezo rya 20 Nzero 2015 kuri Parquet ya Mairie ya Bujumbura hari abantu isinzi barindiriye iregutswa imbere y’ubutungane ry’umuyobozi w’Isamirizi y’Abanyagihugu RPA, Bob RUGURIKA. Bob ashitse kuri Parquet, havuze amashi menshi yava mu bantu bari baje kumushigikira. Yategerezwa gushika mu biro vy’icariho c’umushikizamanza wa Republika Emmanuel NKURIKIYE isaha zitatu n’inusu (9h30), kandi ntiyacerewe.

Imbere ya Parquet ya Mairie ya Bujumbura, hari abantu isinzi bagwiriyemwo abamenyeshamakuru, bamwe mu baserukira ibihugu vy’abo mu Burundi, abanyonga amakinga n’amapikipiki, amashirahamwe yigenga, abikorera ivyabo eka imirwi itandukanye y’abantu yari aho. Umuryango winjira muri Parquet wari uzibiwe n’aba porisi atawuvugisha uwundi, uwinjira yabanza kwisigura akabona kurengana.

JPEG - 42.4 ko
Uwuseruka Ubuholande ayaga n’abamenyeshamakuru

Bob Rugurika yarengukishijwe kugira atange umuco ku bijanye n’ubwicanyi bw’ababikira batatu bishwe muri Nyakanga 2014, yongere ashire imbere y’ubucamanza umwicanyi yavugishe. Yinjiranye n’abamuburanira, Jean Bosco NGENDAKUBWAYO, Fabien SEGATWA, Etienne NTIYANKUNDIYE hamwe Lambert NIGARURA. Bashitse mu biro vya Emmanuel NKURIKIYE icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, ababuranira Bob Rugurika bamubajije namba uwo baburanira arengukishijwe nk’umunyagihugu canke nk’umumenyeshamakuru wa RPA. Ico kibazo catumye Emmanuel Nkurikiye icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi aja kubaza umushirizamanza mukuru inyishu, akaba yamazeyo isaha n’inusu.

Imbere ya Parquet abantu baguma bagwira, akazuba kiyongera nk’igihe c’isaha zitandatu aho abari baje kumushigikira barondera aho baryugama ariko bose baraba badakubita ijisho mu muryango winjira muri Parquet.

Nk’isaha y’icenda (15h), haje amakuru avuga ko Bob Rugurika ariko yagirizwa icaha co kuba yarafashije mu kwica ababikira batatu hamwe n’ukunyegeza abicanyi. Hanze abantu baguma biyongera, ico gihe haraguye akavura gakeyi aho hari abashatse kwinjira kwugama muri Parquet ariko aba porisi bakanana, umwete abaraho bari bafise, iyo mvura ntayo bumva. Abamakinga n’amapikipiki batera inkuru bamwe bagenda abandi baza, imiduga yarengana ibaza uwo muntu yaregukishijwe uwariwe, ababizi bati : "komera".

Igihe c’isaha icenda niho haza amakuru avuga ko Bob yoba yagira arekurwe ko n’icegeranyo (Proces Verbal) camaze gufatwa, ariko ubwo nyene Emmanuel Nkurikiye aciye ahindura ivyo yagiriza Bob RUGURIKA. Aho yaciye yagirizwa kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat) hamwe n’ugutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Umunyororo w’umwaka umwe ukaba ariwo utegekanywa n’ingingo y’393 y’igitabu mpanavyaha.

Hafi y’igihe c’isaha cumi zirenga haje imodoka y’igiporisi bita kizunguzungu, abaraho bayihaye induru, umushitsi utangura kuja mu mitima y’abari aho, ubwoba n’umubabaro bitangura kuboneka mu banyagihugu isinzi baciye batangura kwegera umuryango uva mu kigo ca Parquet basa n’abarindiriye ko Bob asohoka muri kizunguzungu.

Indirimbo zitandukanye, amajambo yo kwiyamiriza ubutungane, amarira hamwe n’intwengo zagashinyaguro vyaranga abantu bari aho. Muri uwo mwanya hararenganye imodoka ya comiseri Ayubu bayiha akamo isubira inyuma, hanyuma haje iyindi irimwo Adolphe Nshimirimana, aho yakiriwe n’induru nyinshi bavuga ko umwicanyi arenganye ariko Bob agira atabwe muri yompi.

Bamwe barira abandi bashavuye

Igihe c’isaha icumi n’imwe zibura iminota mikeyi, habonetse abaporisi barunguruka uko abantu bangana, buno bwango haje abaporisi bafise inembo bakura abantu mu nzira haca harengana ikiduga c’igiporisi bita (je m’en fou) hamwe na kizunguzungu irimwo Bob RUGURIKA n’iyindi yari inyuma zasohoka zinyaruka, Bob aba atwawe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yaraye ijoro ryiwe rya mbere.

JPEG - 45.3 ko
Imodoka Bob yagiyemwo

Cherif Nkeshimana

Messages

  • BANKE BEMERE IBINTU BITEGEREZWA GUHINDUKA TUBANDANYA DUKOMA INDURU IYO TURI KW’ISI YOSE ABAKUNDA UBURUNDI TURAVUGA KANDI AMAKUNGU 100-0 BARAVYUMVA CANE MUKOMEZE CANE KWANDIKA NA CANE CANE MU CONGEREZA NIHO BISOMERA BAKABONA IBINTU INGENE BIRIKO BIGENDA EREGA ABO BAGABO NTIBAZI POLOTIQUE IVYO BARIKO BAKORA NUKUDUFASHA (OPPOSITION) PROPAGANDE EXTERNE

  • Birababaje cane kwihutira gupfunga umuntu yagize amatohoza nkayo!ahoguhamagara abavurwa muri ubwo bwicanyi bihutura gupfunga Bob abicanyi nabo bijandajandira!ewe butungane bw’I burundi warapfakaye!none ga yemwe karashize ingani abantu ntibabe bagikurako umunwa kandi bariko barapfa!Imana irakwiye kugarukirauburundi .ariko bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona hanyuma ba adolphe na AYubu bishure kuvyo bakoze,abarundi twari dukwiye kurikanura tukikurakoiyo twaro yibinywamaraso.

  • Mbekuri Wuravugangukundigihugu?Rekakubesha,ahubwo Urumwasiwigihugu,mbabo,bavugicongereza,haricobamariye Abarundi Atarukubasahuragusa,ahubwo,bamukanire Urumukwiye.

  • Zamurafata abobagambanyi mubafunga, ikindinosaba nuko kizirakikaziririzwa Ko uwariwewese abonumuntuwariwewese akamuzomera amwita umwicanyi, biratangaje kubona murikomuravugako harumuntu yabonye Adolph Nshimirimana akacasemerera avugango" nguwowamwicanye! General muzima mugihugu ciwe akiri mumabangayiwe hakaduka abantungo bamuzomera ngo nguwowamwicanyi!? Ivyontibiri muribimwe vyitwa uburenganzira bwokuvuga abobantu babivuze mwarimukwiye kucamubafata nabobahashikirizwa ubutungane, ariko nejonumusi, mumasomuyandi ukabwira General nguwowamwicanyi!!!???

  • Ariko iki kintu ngo @nuwera ubwonko bwiwe imana yacuritse akashira munyo,inyo nayo akayishira ahari kuja ubwonko,general niki??sumuntu nkawe ??gawakigugu we???kwumwubaha uramuha nyoko agukwirikize ??nawe mukigikunda arusha so yakuvyaye nka kabiri bobo komeraaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaa tu es bon

  • Ntagitangaje, bikozwe naba dd nibisanzwe. MBONIMPA twomusaba gukwirikirana ubuzima bwa BOb mu gasho kuko barashobora kumubabariza amagara naburya ari wa mu general ari hejuru yamategeko yamufungishije.Ikindi bosuzuma nukuraba ko batamugaburira AMAZIRANTOKE kuko ico kintu barakunda kugikoresha abo ba dd.Que Dieu protege Bob.

  • Bob komera hubwo uwo yiyemerera koyishe aboba bikira.kugira amatohoza abandanye uryamuporisi yiyemererako yishe.niyijane irahe kugira amatohoza abandanye nabo batinywa muburundi barenguke.OK

  • Ariko ga Mana ntubona ko Nyakubahwa BAGAZA yagiye hataragera ! Ubu iyaba ariwe akiramutswa Uburundi iyo mihimbiri yakuriye mwishamba ( umugani wa RWAGASORE ) ntibaba bafata abantu nkuko umengo n’ ibikoko ubona ko arivyo bamaranye umwanya munini mwishamba! None bagomba kurya abantu ari babisi babanywe amaraso! Huuuuuuuh turagusavye se Mana Utuzanire BAGAZA canke MICOMBERO akabanza akabihaniza ! Bagaca bubaha abandi nka mbere . Murabona izo ntozo zinyeshamba zagize agahugu kacu amarira namaganya ! Uwoca umutwe iyo ntozo Nkuru yazo nizindi zoca zizinga umurizo zikituna !

  • @ Nwari, urworugamba rwivyobintu umbwiye ubona ruzokworohera?

  • Umuntu wese azohanigwa icaha yakoze. Reka ubutungane bukore. Ariko umuntu ariko agira affichage akerekana amakuru uku tuyandika nkibiterasoni turiko turasoma ngaha niyisubireko kuko nakamaramaza. Muvuga ngo ntitwandike ibitutsi, ivyararaza uwundi, ibicanishamwo canke ibiteye isoni ariko nivyo mbona mwe mwabamenyeshamakuru mushira imbere. Umuntu aca abibwira ico muri adatevye. Soma ayo makuru mwerekana ntitubandanye gusoma ubusazi bw’abasazi.
    Murakoze.

  • Nukuri twagomba kubanza gushima kukigora abamenyeshamakuru biburundi bagira mukudushikiriza amakuru naho tubanako umengo bakora bari mubihe bigoye nimukore umurimo wanyu mwiyemeje ntamvuridahita none tugaruke kubutungane iyumuntu ashikirije ukuri acakuzira?jewe nibazako ubutungane bwari buronse inzira yamatohoza atomoye.erega nuwomuntu yatanze amakuru ntibisigurako yaranezerewe nuko nawe nyene bagomba kumugandagura acahitamwo kuzopfa asize avuzukuri.niyihangane ntagihe nakimwe ikinyoma kizokwigera gitsinda ukuri bamenyesha makuru ukwo nukubaca intege ariko mukomere kwibanga mwiyemeje.aha mubona twataye igihugu camavuko suko tucanka nuko ata demokarasi gifise kandi mumenyeko ata deemokarasi ishobora gutsimbatara ngoho muburundi abo bansumirinda bakiri ngaho murakoze mwihangane ntajoro ridaca.

  • EEEE! NONEHO IBARARIRAGUYE IBIBINTU UYUMUNTU NWARI YANDITSE GAMWABAMENYESHAMAKURUMWE MWAREVYE MUSANGABIHUYE NAMWENEVYABINDIBIHARAWE VYITWA NGO NUBURENGANZIRA BWOKUVUGA? NDABABWIYEKO KABACIYEMWO NTIMWARIKUBIREKURA NGOHAGIRE UWUBIBONA KURUBUGA RWANYU CANKE RWACU! NDAZIKO MUBABISOMYE NTANUMWE BITATEYE AGAHINDA?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.