IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Igiciro ca "Essence" cadugijwe

Igiciro ca "Essence" cadugijwe

mardi 14 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’ubutare n’amasoko ntanganguvu bwashize ahabona itangazo ryerekana ingene ibitoro bigiye kudandazwa mu Burundi muri uku kwezi kwa gatandatu.

Igiciro c’iritiro y’igitoro "Essence" cavuye ku mafaranga y’amarundi 1880 kija ku mafaranga ibihumbi bibiri (2000 Frs Bu).

Iritiro ya "Mazout" yagumujwe mu mafaranga yariko agera ku 1880. N’iritiro ya Petrol nayo ikaba yagumijwe ku mafaranga 1590.

Ubushikiranganji bw’ubutare n’amasoko ntanganguvu busigura iryo duzwa ry’igitoro "Essence" ryavuye ku gaciro k’ifaranga ry’Uburundi kagabanutse bagereranije n’agaciro k’ifaranga ry’idorare ry’Abanyamerika, hamwe n’igiciro c’akagunguru Baril caduze kw’isoko mpuzamakungu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.