Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igihano c’umunyororo w’imyaka ibiri kigiye gusubirizwa n’ibikorwa (...)
Igihano c’umunyororo w’imyaka ibiri kigiye gusubirizwa n’ibikorwa ngirakamaro
dimanche 23 Ruhuhuma 2014
Igihano c’imyaka ibiri kigiye gusubirizwa n’ibikorwa ngirakamaro, ivyo bikaba ari bimwe mu bigiye gukorwa n’ubushikiranganji bw’ubutungane, mu ntumbero yo kugabanya ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero.
Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yaratunganije inama mu ntara ya Ngozi ku bakuru bo muri ubwo bushikiranganji arongoye, mu ntumbero yo kurabira hamwe ibikorwa baranguye mu mezi atatu yo mu mpera z’umwaka w’2013. Muri rusangi, ubwo bushikiranganji burashima ibikorwa bwaranguye, na cane cane ko abacamanza bateye intwambwe mu guca imanza, kuko bavuye ku bice 4,2 kw’ijana ku mucamanza umwe baja ku bice 5,4 kw’ijana, ubu bakaba bihaye intumbero y’uko boshika ku bice 6 kw’ijana.
- Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane
Mu bigiye gukorwa, umushikiranganji Pascal Barandagiye amenyesha ko igihano kiri munsi y’imyaka 2 kigiye gusubirizwa na gukora ibikorwa ngirakamaro, ivyo bikazokorwa mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abanyorororo bari mu mabohero, kuko na kare batwara uburyo bwinshi cane. Izindi ngingo zigiye gufatwa mu ntumbero yo kugabanya abanyororo mu mabohero, ubu bakaba bagiye kunyarutsa guca imanza, hamwe no kunyarutsa gukora ibishoboka vyose kugira ababa bagiriwe amahirwe yo kuronka ikigongwe c’agateganyo, amadosiye yabo anyaruke kwigwa.

Umushikiranganji Pascal Barandagiye akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba abacamanza kunyarutsa imanza, hamwe n’ukugerageza uko bashoboye kwose bagashira mu ngiro imanza ziba zaciwe. Amabohero afise ubwinshi bw’imbohe kurusha ayandi akaba ari ibohero rya Ngozi, Muramvya hamwe n’ibohero rikuru rya Mpimba.
Floxella Karire
Messages
23 Ruhuhuma 2014, 13:34, par tharcisse
None ivyo bikorwa ngirakamaro uwo yakatiwe imyaka ibiri azobikora ari hehe?hamwe yobikora ari mu munyororo ntiwumvako yoba ahanywe kabiri nibaza ko azobikora ari muhira ava muhira iwe.
23 Ruhuhuma 2014, 13:47, par Gicocoro
Ndumva ibintu bigiye kumera neza mubucamanza.Ahubwo iyo ngingo nibanyarutse kuyishira mungiro.
23 Ruhuhuma 2014, 21:53, par niyintunze george nairobi kenya
iki ciyumviro niciza no mubindi bihugu abanyororo barabakoresha canke bakabigisha imyuga kuko abenshi mu nkozi zikibi ari abakene canke abatize bagaca bakora ivyo batazi. hanze usanga babatwara mumirima.
24 Ruhuhuma 2014, 20:46, par vyizigiro peter
iyo ngingo ni nziza ariko nukuyitondera kubera nukuraba ko ivyo bikorwa vyiterambere bitoteza imbere gusa abarongoye amabohero ariko igihugu kikaharonkera akarusho nubwo mbona biri kure nkukwezi
25 Ruhuhuma 2014, 06:54, par vyingwe
Bizovana nivyakoze okoze yari kumara imyaka 2 hama agakora 2moins azoca arekugwa nibaza ninkikigongwe habwo vyari vyaratevye mumahanga vyatanguye imyaka imana ibaje imbere.