IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ikibanza gipfungiwemwo Général Ndayirukiye Cyrille na bagenzi we casatswe (...)

Ikibanza gipfungiwemwo Général Ndayirukiye Cyrille na bagenzi we casatswe n’igiporisi

jeudi 23 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi casatse kuri uwu wa kane mw’ibohero rya Gitega, mu kibanza gipfungiwemwo abanyororo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Muri iryo sakwa, amakuru dukura muri iryo bohero amenyesha ko hafashwe amaterefone ngendanwa, amaradiyo, hamwe n’inzoga.

Ayo makuru avuga ko inyuma y’iryo sakwa mu kibanza gipfungiwemwo abanyororo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubuyobozi bw’iryo bohero bwaciye butanga uruhusha rwo kuronka ababagendera gatatu mu ndwi (Autorisation de visites) kuri abo banyororo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi.

Iryo sakwa ryabaye inyuma y’aho umwe mu bashingwamanza b’abanyororo bapfunzwe bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo 13 Rusama 2015 amenyeshereje ko afise amakuru ko hari umugambi wo kugandagura Général Ndayirukiye Cyrille hamwe n’abo bapfunganwe.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushingwamanza Bernard Mainguain, umwe mu baburanira abo banyororo, uwo mugambi wateguwe gushirwa mu ngiro n’abanyororo batanu bo mw’ibohero rya Gitega.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.