IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ikibazo c’abadandariza ivyamwa n’imboga mw’ibarabara cananiranye

Ikibazo c’abadandariza ivyamwa n’imboga mw’ibarabara cananiranye

vendredi 13 Kigarama 2013

Ingingo yo kwirukana abadandaza b’ivyamwa n’imboga mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura iriyamirizwa mu gihe batararonswa ikibanza bashobora gukoreramwo hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa kane, abadandaza b’ivyamwa n’imboga bo mu gisagara ca Bujumbura baratswe ibidandazwa vyabo n’igipolisi, ariko icibonekeje n’uko mu gatondo ko ku munsi wa gatanu bari bagarutse kudandariza muri ayo mabarabara nyene.

Ikibazo c’abo badandaza b’ivyamwa n’imboga bo mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura cabaye ndanse. Urwo rudandazwa rwatanguye kwibonekeza kuva isoko nkuru ya Bujumbura ihiye. Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ntaco butakoze mu kwiyamiriza urwo rudandazwa kuko ku bwabo rutera isuku rike n’umutekano muke, ariko ntivyigeze bikunda ko babirukana kuko bamenyesha ko ata handi bafise boja kudandariza. Bamwe mu baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesha ko, mu gihe bataronse ahandi bakorera hagati mu gisagara bopfuma bemera gukubitwa.

Béatrice Nyamoya, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abapfasoni banonosoye amategeko, akaba asanzwe ari mu baharanira agateka k’abakenyezi ariyamiriza ingendo y’igiporisi yo gutwara ibidandazwa vyabo bakenyezi. Asaba uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura kwiga neza ico kibazo, barabe ubundi buryo botegura igisagara.

N’aho ibibanza bibiri vyubatswe kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, aha twovuga nk’ikibanza cahora citwa "Grenier du Burundi" ubu kizwi kw’izina rya "Grocery store", hamwe n’ikindi kibanza kiri iruhande y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura nyene, abadandaza bakorera muri ivyo bibanza vyompi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE basaba ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kuronderera ibibanza n’abo bagenzi babo bakiri mw’ibarabara.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.